Luka 1:1-80

1  Kubera ko benshi bafashe ibanga ryo kwegeranya amakuru y’ibintu vyabaye koko+ vyemerwa rwose muri twebwe,  nk’uko twabishikirijwe n’abavyiboneye+ kuva mu ntango+ bagacika n’abasuku b’ubutumwa+ kuva ico gihe,  na jewe nyene, kubera ko nakurikiranye neza ibintu vyose kuva mu ntango, nafashe ingingo yo kubikwandikira mu rukurikirane rwumvikana+, nyakwubahwa+ Tewofile+,  kugira umenye neza yuko ivyo wigishijwe ku munwa ari ivy’ukuri+.  Mu misi ya Herodi+, umwami wa Yudaya, hariho umuherezi umwe yitwa Zekariya wo mu muce wa Abiya+, kandi yari afise umugore wo mu bakobwa ba Aroni+, akaba yitwa Elizabeti.  Bompi bari abagororotsi+ imbere y’Imana, kubera ko bagenda batagirako umugayo+ bisunze amabwirizwa yose+ n’ibisabwa+ n’amategeko vya Yehova+.  Mugabo nta mwana bari bafise, kubera ko Elizabeti yari ingumba+, kandi bompi bari bitereye mu myaka.  Igihe rero yariko arakora bwa muherezi mu gikorwa c’umuce wiwe+ imbere y’Imana,  nk’uko vyari bisanzwe bigenda mw’ibanga ry’ubuherezi, yari aramukiwe gushikana imibavu*+ igihe yinjira aheranda ha Yehova+; 10  kandi abantu indiri bose bo muri ico gisata bariko barasengera hanze kw’isaha yo gushikana imibavu+. 11  Umumarayika wa Yehova aramubonekera, ahagaze ku ruhande rw’iburyo rw’igicaniro* c’imibavu+. 12  Mugabo Zekariya ahagarika umutima kubera ivyo bintu abonye, ubwoba buramutekera+. 13  Ariko nya mumarayika amubwira ati: “Ntutinye, Zekariya, kubera ko ugutakamba kwawe kwumviswe+, kandi umugore wawe Elizabeti azokuvyarira umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yohani+. 14  Kandi uzogira akanyamuneza n’akamwemwe kenshi, kandi benshi bazonezererwa+ ivuka ryiwe; 15  kuko azoba mukuru imbere ya Yehova+. Mugabo ntaze yigere anywa umuvinyu n’ikinyobwa gikaze+, kandi azokwuzuzwa impwemu nyeranda kuva akiri mu nda ya nyina+; 16  kandi benshi muri bene Isirayeli azobagarukana kuri Yehova+ Imana yabo. 17  Vyongeye, azomuja imbere afise impwemu n’ububasha vya Eliya+ kugira agarukane imitima+ ya ba se ku bana, n’ibigaba abigarukane ku bukerebutsi ngirakamaro bw’abagororotsi, kugira atunganirize Yehova+ igisata giteguye+.” 18  Zekariya abwira nya mumarayika ati: “Ivyo novyemezwa n’iki? Ko nshaje+, umugore wanje na we akaba yitereye mu myaka.” 19  Nya mumarayika amwishura ati: “Ndi Gaburiyeli+, uwuhagarara imbere y’Imana hafi yayo, nkaba natumwe kuvugana+ nawe no kukumenyesha inkuru nziza y’ivyo bintu. 20  Mugabo, ehe ugira ucereze+ ntushobore kuvuga gushika umusi ivyo bintu bizobera, kubera ko utemeye amajambo yanje, ayazoranguka mu gihe cashinzwe cayo.” 21  Muri uwo mwanya abantu babandanya kurindira Zekariya+, batangura gutangazwa n’uko atevye aheranda. 22  Mugabo aho asohokeye ntiyashobora kuvugana na bo, baca batahura yuko yari ahejeje kubonekerwa+ ari aheranda; kandi yaguma abagirira ibimenyetso, mugabo aguma ari ikiragi. 23  Imisi y’igikorwa ciwe gikorerwa abantu irangiye+, ataha i muhira iwe. 24  Mugabo inyuma y’iyo misi Elizabeti umugore wiwe aribungenga+; kandi yaguma yikumiriye mu kiringo c’amezi atanu, akavuga ati: 25  “Uku ni ko Yehova yangiriye muri iyi misi, aho yanyibutse kugira ankureko iceyi cari kindiko mu bantu+.” 26  Mu kwezi kwiwe kugira gatandatu, umumarayika Gaburiyeli+ atumwa n’Imana ku gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti, 27  ku mwigeme w’isugi yari yasezeraniwe umugabo yitwa Yozefu wo mu nzu ya Dawidi; uwo mwigeme+ akaba yitwa Mariya+. 28  Hanyuma yinjiye iwe avuga ati: “Amahoro+, wewe uwagiriwe ubutoni budasanzwe; Yehova+ ari kumwe nawe+.” 29  Mugabo ahagarikwa umutima rwose n’iryo jambo, atangura kwibaza iyo ndamutso iyo ari yo. 30  Nya mumarayika amubwira ati: “Ntutinye, Mariya, kuko wagize ubutoni+ ku Mana; 31  kandi, ehe uzosama inda uvyare umuhungu+, kandi uze umwite Yezu+. 32  Uyo azoba mukuru+ kandi azokwitwa Umwana wa Musumbavyose+; kandi Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami+ ya Dawidi se wiwe+, 33  kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe vyose, kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo+.” 34  Mugabo Mariya abwira nya mumarayika ati: “Ivyo none bizoshoboka gute, ko ata mugabo turyamana+?” 35  Nya mumarayika amwishura ati: “Impwemu nyeranda+ izokuzako, kandi ububasha bwa Musumbavyose buzogutwikiriza igitutu. Ni co gituma kandi ikizovuka kizokwitwa ceranda+, Umwana w’Imana+. 36  Kandi, ehe Elizabeti incuti yawe na we nyene yarasamye inda y’umwana w’umuhungu mu busaza bwiwe, kandi uku ni ukwezi kwiwe kugira gatandatu, umwe bita umugore w’ingumba+; 37  kuko ku Mana ata jambo na rimwe riba akadashoboka+.” 38  Maze Mariya avuga ati: “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova+! Nibimbere nk’uko ijambo ryawe rivuze.” Nya mumarayika aca amusiga aho, aragenda. 39  Nuko Mariya arahaguruka muri iyo misi agenda yihuta aja mu ntara y’imisozi, mu gisagara ca Yuda, 40  hanyuma yinjira mu nzu kwa Zekariya maze aramutsa Elizabeti. 41  Emwe, Elizabeti ngo yumve indamutso ya Mariya, uruyoya ruri mu nda yiwe ruca rurasimbasimba; buno Elizabeti yuzura impwemu nyeranda, 42  aca yiha akamo n’ijwi rirenga ati: “Urahezagiwe mu bagore, kandi harahezagiwe+ n’icamwa co mu nda yawe! 43  Mbega bishobotse bite ngo nterwe ako gateka, ngo nyina w’Umukama wanje+ aze kuri jewe? 44  Kuko, ehe ijwi ry’indamutso yawe ryabaye rikingwa mu gutwi, uruyoya ruri mu nda yanje ruca rusimbasimbishwa n’akamwemwe kenshi+. 45  Harahiriwe kandi umugore yemeye, kubera ko hazoba iranguka ryuzuye+ ry’ivyo bintu vyose yabwiwe bivuye kuri Yehova+.” 46  Mariya avuga ati: “Umutima wanje urashimagiza Yehova+, 47  kandi ntushobora kureka gusesekara umunezero+ ku vyerekeye Imana Umukiza+ wanje; 48  kubera ko yitegereje ubufafara bw’umushumbakazi wiwe+. Kuko, ehe kuva ubu amayaruka yose azonyita umuhirwe+; 49  kubera ko wa Munyabubasha ankoreye ibikomeye, kandi izina ryiwe ni ryeranda +; 50  kandi uko amayaruka agenda arakurikirana, imbabazi ziwe ziba ku bamutinya+. 51  Yakoze ibikomeye n’ukuboko kwiwe+, yashwiragije abibona mu vyiyumviro vy’imitima yabo+. 52  Yamanuye ku ntebe z’icubahiro abanyabubasha+, ashira hejuru abantu batobato+; 53  yahagije ivyiza abashonje+, abari bafise ubutunzi na bo abarungika imbokoboko+. 54  Yaje gutabara Isirayeli umusavyi wiwe+, kugira yibuke imbabazi+, 55  nk’uko yabibwiye ba sogokuruza, Aburahamu n’uruvyaro rwiwe, ibihe vyose+.” 56  Maze Mariya agumana na we nk’amezi atatu, hanyuma asubira iwabo. 57  Nuko igihe kiragera c’uko Elizabeti yibaruka, araheza avyara umwana w’umuhungu. 58  Maze ababanyi n’incuti ziwe bumva yuko Yehova yari yamugwijeko imbabazi ziwe+, na bo batangura kunezeranwa+ na we. 59  Ku musi ugira umunani baza kugenyera nya mwana mutoyi+, kandi bagira bamwite izina rya se, ari ryo Zekariya. 60  Mugabo nyina wiwe arishura ati: “Oya, habe namba! ahubwo niyitwe Yohani.” 61  Baca bamubwira bati: “Nta n’umwe mu ncuti zawe yitwa iryo zina.” 62  Maze babaza se wiwe mu bimenyetso uko ashaka ko yitwa. 63  Na we asaba igisate, yandika ngo: “Yohani+ ni ryo zina ryiwe.” Baca baratangara bose. 64  Ako kanya nyene akanwa kiwe karuguruka+, ururimi rwiwe ruragoboroka, atangura kuvuga, ahezagira Imana. 65  Ubwoba buca butekera ababa mu kibano cabo bose; kandi ivyo bintu vyose bitangura kuvugavugwa mu ntara yose y’imisozi ya Yudaya, 66  abavyumvise bose bakabishira ku mutima+, bakavuga bati: “None uyu mwana azomera ate?” Kuko ukuboko+ kwa Yehova kwari kumwe na we vy’ukuri. 67  Zekariya se wiwe yuzura impwemu nyeranda+, araheza avuga ubuhanuzi+ ati: 68  “Hahezagirwe Yehova Imana ya Isirayeli+, kuko yitayeho abantu biwe+ akabatunganiriza ukurokoka+. 69  Kandi yaduhagurukirije ihembe+ ry’ubukiriro mu nzu ya Dawidi umusavyi wiwe, 70  nk’uko yavuze biciye mu kanwa k’abahanuzi beranda biwe ba kera+ 71  ivy’ukudukiza abansi bacu be n’ukuboko kw’abatwanka bose+; 72  kugira agire imbabazi ku bijanye na ba sogokuruza no kugira yibuke isezerano ryiwe ryeranda+, 73  ya ndahiro yarahira Aburahamu sogokuruza wacu+, 74  yo kuduha, tumaze gutabarwa mu maboko y’abansi+, agateka ko kumurangurira igikorwa ceranda ata bwoba+ 75  mu kudahemuka no mu bugororotsi imbere yiwe imisi yacu yose+. 76  Mugabo weho ga mwana mutoyi, uzokwitwa umuhanuzi wa Musumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Yehova kugira utegure inzira ziwe+, 77  kugira uhe abantu biwe ubumenyi bw’ubukiriro biciye ku kubabarirwa ibicumuro vyabo+, 78  kubera impuhwe z’ikibabarwe z’Imana yacu. Ku bw’izo mpuhwe umutwenzi+ uzotugendera uvuye iyo hejuru+, 79  kugira ngo abicaye mu mwiza no mu gitutu c’urupfu bahabwe umuco+, kugira ngo ibirenge vyacu birongorwe neza mu nzira y’amahoro.” 80  Wa mwana mutoyi na we abandanya gukura+ no gukomera mu mpwemu, kandi aguma mu bugaragwa gushika umusi wo kwiyereka Isirayeli icese.

Amakuru yiyongereye

Canke, “ububani.”
Raba Inyongera ya 21.