Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Kuvayo 8:1-32

8  Maze Yehova abwira Musa ati: “Injira kwa Farawo, umubwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Rekura abantu banje bankorere+.  Kandi ukaguma wanka kubarekura, ehe ngira nteze akarere kawe kose icago c’ibikere+.  Uruzi Nili ruzonyagaramwo ibikere, biduge koko vyinjire mu nzu yawe, no mu cumba cawe c’uburyamo, no ku buriri bwawe, no mu mazu y’abasavyi bawe, no ku bantu bawe no mu mafuru yawe, no mu bikono vyawe vy’ugucumba+.  Kandi ibikere bizoduga kuri wewe, no ku bantu bawe, no ku basavyi bawe bose+.”’”  Mu nyuma Yehova abwira Musa ati: “Bwira Aroni uti: ‘Ramvurira ukuboko kwawe n’inkoni yawe+ hejuru y’inzuzi, hejuru y’imigende ya Nili n’ibidengeri vyuzuyeko amarenga, utume ibikere biduga ku gihugu ca Misiri.’”  Aroni aca aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’amazi ya Misiri, ibikere bica bitangura kuduga, bipfuka igihugu ca Misiri.  Ariko abaherezi b’abanyamageza bagira nk’ivyo nyene, bakoresheje ubuhinga bwabo bw’amayobera, batuma ibikere biduga ku gihugu ca Misiri+.  Mu nyuma Farawo ahamagara Musa na Aroni, avuga ati: “Nimwinginge Yehova+ akure ibi bikere kuri jewe no ku bantu banje, kuko nshaka kurekura abantu ngo bagende, kugira bashikanire ikimazi Yehova+.”  Maze Musa abwira Farawo ati: “Ntera iryo teka, umbwire igihe nzogusabira mwe n’abasavyi bawe n’abantu bawe, kugira ngo ivyo bikere bitikizwe bive kuri wewe no ku mazu yawe. Bizosigara mu ruzi Nili gusa.” 10  Kuri ivyo avuga ati: “Ejo.” Na we ati: “Bizoba nk’uko ijambo ryawe rivuze, kugira umenye ko ata wundi ariho ameze nka Yehova Imana yacu+, 11  kuko ibikere bitazobura kuva kuri wewe no ku mazu yawe no ku basavyi bawe no ku bantu bawe. Bizosigara mu ruzi Nili gusa+.” 12  Nuko Musa na Aroni barasohoka bava kwa Farawo, maze Musa atakambira Yehova+ kubera ibikere yari yashize kuri Farawo. 13  Maze Yehova akora nk’uko ijambo rya Musa rivuze+, nya bikere bitangura gupfa birahona mu mazu, mu bigo no mu mashamba. 14  Nuko barabirundanya, ibirundo ku bindi, igihugu gica gitangura kuduhuka+. 15  Farawo ngo abone habaye agahengwe, akomantaza umutima wiwe+, ntiyabumviriza, nk’uko Yehova yari yavuze+. 16  Yehova rero abarira Musa ati: “Bwira Aroni uti: ‘Bangura inkoni yawe+ ukubite umukungugu wo kw’isi, na wo ubwirizwa gucika imibu* mu gihugu cose ca Misiri.’” 17  Bagira kuno. Nuko Aroni abangura ukuboko kwiwe n’inkoni yiwe, akubita umukungugu wo kw’isi, maze imibu ica ija ku bantu no ku bikoko. Umukungugu wose wo kw’isi ucika imibu mu gihugu cose ca Misiri+. 18  Abaherezi b’abanyamageza na bo bagerageza kugira nk’ivyo nyene bakoresheje ubuhinga bwabo bw’amayobera+, kugira bazane imibu, ariko birabananira+. Nya mibu ija ku bantu no ku bikoko. 19  Ku bw’ivyo ba baherezi b’abanyamageza babwira Farawo bati: “Ni urutoke+ rw’Imana+!” Mugabo umutima wa Farawo ubandanya kuba intabarirwa+, ntiyabumviriza, nk’uko Yehova yari yavuze. 20  Maze Yehova abwira Musa ati: “Vyuka kare mu gitondo, uhagarare imbere ya Farawo+. Raba! Arasohotse aja ku mazi! Uze kumubwira uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Rekura abantu banje bankorere+. 21  Mugabo nutarekura abantu banje, ehe ngira ndungike ibibugu+ kuri wewe no ku basavyi bawe no ku bantu bawe no mu mazu yawe; kandi amazu ya Misiri azokwuzura ibibugu gusa, vyuzure n’ubutaka babako. 22  Kandi kuri uwo musi, intara ya Gosheni abantu banje bahagazeko nzoyigira koko iyitandukanye n’ahandi, ku buryo ata kibugu na kimwe kihaba+; kugira umenye yuko jewe ndi Yehova hagati mw’isi+. 23  Nzoshira koko urugabano hagati y’abantu banje n’abantu bawe+. Ejo ico kimenyetso kizoba.”’” 24  Yehova akora kuno; maze amarumbu maninimanini y’ibibugu atangura gushwara inzu ya Farawo n’amazu y’abasavyi biwe n’igihugu cose ca Misiri+. Igihugu kirayogera kubera ibibugu+. 25  Amaherezo Farawo ahamagara Musa na Aroni, avuga ati: “Nimugende, mushikanire ikimazi Imana yanyu mu gihugu+.” 26  Mugabo Musa avuga ati: “Ntivyemerwa ko tugira gutyo, kuko twohava dushikanira Yehova Imana yacu ikintu giteye ishishi ku Banyamisiri+. Nka hamwe twoshikana ikintu giteye ishishi ku Banyamisiri mu maso yabo, ntibodutera amabuye? 27  Tuzogenda urugendo rw’imisi itatu mu gahinga, kandi dutegerezwa gushikanira ikimazi Yehova Imana yacu nk’uko yatubwiye+.” 28  Farawo aca avuga ati: “Jewe nzobarekura+, kandi koko muzoshikanira ikimazi Yehova Imana yanyu mu gahinga+. Kimwe gusa, ntimuje kure cane mu rugendo rwanyu. Munyingingire Imana+.” 29  Maze Musa avuga ati: “Ehe ndavuye iwawe, kandi ndinginga koko Yehova, kandi ibibugu ntibizobura kuva kuri Farawo, ku basavyi biwe no ku bantu biwe ejo. Ariko Farawo ntiyongere gukina mu kutarekura abantu ngo bashikanire ikimazi Yehova+.” 30  Inyuma y’ivyo Musa arasohoka ava kwa Farawo, araheza yinginga Yehova+. 31  Nuko Yehova agira nk’uko ijambo rya Musa rivuze+, nya bibugu biva kuri Farawo, ku basavyi biwe no ku bantu biwe+. Nta na kimwe casigaye. 32  Ariko Farawo akomantaza umutima wiwe n’ico gihe nyene, ntiyarekura abantu+.

Amakuru yiyongereye

Bwari ubwoko bw’agakoko gatoyi kameze nk’umubu kari kamenyerewe mu Misiri.