Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Kuvayo 5:1-23

5  Mu nyuma Musa na Aroni barinjira, babwira Farawo+ bati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli yavuze: ‘Rekura abantu banje, baje kumpimbariza umusi mukuru mu gahinga+.’”  Mugabo Farawo avuga ati: “Yehova ni nde+, ngo ngamburukire ijwi ryiwe ndekure Isirayeli+? Yehova sindamuzi namba+, kandi vyongeye, sindiko ndarekura Isirayeli+.”  Ariko babandanya kuvuga bati: “Imana y’Abaheburayo yabonanye natwe+. Turakwinginze uturekure, dushaka kugenda urugendo rw’imisi itatu mu gahinga, dushikanire ikimazi Yehova Imana yacu+; ahandiho yoduteza ikiza canke akadukubita inkota+.”  Umwami wa Misiri ababwira ati: “Kubera iki, ga Musa na Aroni, mutesha abantu ibikorwa vyabo+? Genda mwikorere imizigo yanyu+!”  Farawo abandanya ati: “Raba! Abanyagihugu ubu ni benshi+, namwe mukabatesha igikorwa cabo co kwikorera imizigo+.”  Ubwo nyene, kuri uwo musi, Farawo ategeka abahindagiza abantu ku bikorwa n’abarongozi babo+, ati:  “Ntimusubire gutoragura ibikumbi vyo guha abantu ngo babumbe amatafari+ nk’uko vyahora. Ubwabo nibagende bavyitoragurire.  Kandi igitigiri gisabwa c’amatafari bahora bakora, muzoguma mubategeka kugikwiza. Ntimubagabanye na gatoyi, kuko bariko baranebwa+. Ni co gituma bariko bikomesha amaruru, ngo ‘Dushaka kugenda, dushaka gushikanira ikimazi Imana yacu+!’  Reka igikorwa kiremere abo bagabo, bagikore, ntibahe amatwi amajambo y’ibinyoma+.” 10  Nuko abahindagiza abantu ku bikorwa+ hamwe n’abarongozi babo barasohoka, babwira abantu bati: “Ibi ni vyo Farawo avuze: ‘Sinkibaha ibikumbi. 11  Ubwanyu nimugende mwironderere ibikumbi ahantu hose mushobora kubisanga, kuko ibikorwa vyanyu bitazogabanywako n’akavunji+.’” 12  Nuko abantu bakwira igihugu cose ca Misiri gutoragura ibishakara bikoreshwa bwa bikumbi. 13  Kandi ababahindagiza ku bikorwa baguma babahutagiza+, ngo “Nimurangize ibikorwa vyanyu, umwe wese igikorwa ciwe ca buri musi, nk’igihe ibikumbi vyari bikiboneka+.” 14  Mu nyuma abarongozi+ bo muri bene Isirayeli, abo abagapita ba Farawo bari bashizeho ngo babahagarikire, barakubiswe+, bano bagapita bakavuga ngo: “Kubera iki mutarangije igikonkwano mwashingiwe mu kubumba amatafari+ nk’uko vyahora, ejo n’uno musi+?” 15  Ku bw’ivyo abarongozi+ bo muri bene Isirayeli barinjira, batangura kuririra Farawo, bati: “Kubera iki ugirira utyo abasavyi bawe? 16  Nta bikumbi abasavyi bawe bahabwa, yamara batubwira ngo: ‘Bumba amatafari!’, kandi raba abasavyi bawe barakubitwa kandi abantu bawe ari bo bari mw’ikosa+.” 17  Mugabo avuga ati: “Muriko muranebwa, muriko muranebwa+! Ni co gituma muriko mwivugisha ngo ‘Dushaka kugenda, dushaka gushikanira ikimazi Yehova+.’ 18  Ubu rero gende, mukore! Naho ata bikumbi muzohabwa, mubwirizwa gutanga igitigiri c’amatafari cashinzwe+.” 19  Maze abarongozi bo muri bene Isirayeli babona yuko bagowe bumvise iryo jambo ngo+: “Ntimugabanye ku matafari yanyu n’akavunji ku yo umwe wese yagerewe ku musi+.” 20  Inyuma y’ivyo, bahura na Musa na Aroni+, bakaba bari bahagaze ng’aho barindiriye guhura na bo bavuye kwa Farawo. 21  Baca bababwira bati: “Yehova abarabe, ace urubanza+, kuko mwatumye tunuka+ imbere ya Farawo n’imbere y’abasavyi biwe, mu gushira inkota mu kuboko kwabo ngo batwice+.” 22  Maze Musa yitura Yehova+, avuga ati: “Yehova, kubera iki wakwegeye ikibi aba bantu+? Wantumiye iki+? 23  Kuko kuva aho ninjiriye imbere ya Farawo kuvuga mw’izina ryawe+, yakoreye ikibi aba bantu+, kandi ntiwarushe urokora abantu bawe+.”

Amakuru yiyongereye