Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Kuvayo 36:1-38

36  “Kandi Bezaleli ategerezwa gukora, na Oholiyabu+ nyene, n’umugabo wese w’umutima w’inkerebutsi, uwo Yehova yahaye ubukerebutsi+ n’ugutegera+ muri ivyo bintu, kugira amenye ingene akora akazi kose ka ca gikorwa ceranda yisunze ivyo Yehova yategetse vyose+.”  Nuko Musa ahamagara Bezaleli na Oholiyabu n’umugabo wese w’umutima w’inkerebutsi, uwo Yehova yari yashize ubukerebutsi mu mutima+, umugabo wese umutima wiwe usunitse kuza ku gikorwa kugira agikore+.  Maze batora imbere ya Musa intererano yose+ bene Isirayeli bari bazanye ku bwo gukora akazi ka ca gikorwa ceranda, kandi bano baguma bamuzanira ishikanwa ritangwa ku bushake, uko bukeye.  Nuko abantu bose b’inkerebutsi bariko bakora nya gikorwa ceranda cose batangura kuza, umugabo umwe hanyuma y’uwundi, bavuye ku gikorwa cabo bariko barakora,  babwira Musa bati: “Abantu bariko bazana vyinshi kuruta ivyo igikorwa gikeneye ku bw’akazi Yehova yategetse ko gakorwa.”  Nuko Musa ategeka yuko bacisha itangazo mw’ikambi, ngo: “Bagabo namwe bagore, ntihagire ibindi bikoresho mwongera kuzana vy’intererano nyeranda.” Nuko abantu babuzwa kubizana.  Kandi nya bikoresho vyari bihagije ku bw’igikorwa cose co gukora, mbere vyari umurengera.  Hanyuma abantu bose b’umutima w’inkerebutsi+ mu bariko bakora nya gikorwa batangura gukora ya taberenakulo+, vya bitambara cumi vy’ihema vy’ilino nziza ihinzwe, n’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, n’igitambara c’ibara ry’agahama; abikorana abakerubi badeshwe n’umudeshi.  Uburebure bw’igitambara kimwe cose bwari amatambwe* mirongo ibiri n’umunani, ubwaguke bw’igitambara kimwe cose na bwo amatambwe ane. Ingero yari imwe ku bitambara vyose. 10  Maze afatanya ibitambara bitanu kimwe ku kindi+, bindi bitanu na vyo arabifatanya kimwe ku kindi. 11  Inyuma y’ivyo akora utugōmbo tw’inyuzi z’ubururu ku mubari w’igitambara kimwe ku mpera y’ihuriro. Agira kuno nyene ku mubari w’igitambara gihereza ku rindi huriro+. 12  Akora utugōmbo mirongo itanu ku gitambara kimwe, akora tundi mirongo itanu ku mpera y’igitambara cari ku rindi huriro, nya tugōmbo tukarabana+. 13  Amaherezo akora ingobe mirongo itanu z’inzahabu hanyuma afatanya nya bitambara kimwe ku kindi akoresheje za ngobe, ku buryo bicika itaberenakulo imwe+. 14  Abandanya gukora kuri ya taberenakulo ibitambara vy’ubwoya bw’impene ku bwa nya hema. Ibitambara cumi na kimwe ni vyo yakoze+. 15  Uburebure bw’igitambara kimwe cose bwari amatambwe mirongo itatu, ubwaguke na bwo amatambwe ane. Ingero yari imwe kuri ivyo bitambara cumi na kimwe+. 16  Maze afatanya ibitambara bitanu ukwavyo, ibindi bitambara bitandatu na vyo ukwavyo+. 17  Ubukurikira akora utugōmbo mirongo itanu ku mubari w’igitambara gihereza kw’ihuriro, akora tundi mirongo itanu ku mubari w’ikindi gitambara cafatana na co+. 18  Inyuma y’ivyo akora ingobe mirongo itanu z’umujumpu ku bwo gufatanya ihema kugira ricike ikintu kimwe+. 19  Atangura gukora igipfukisho c’ihema mu nshato z’impfizi y’intama zizize ibara ritukura be n’igipfukisho mu nshato z’ivyogaruzi+, hejuru+. 20  Maze akora vya bizingiti vya ya taberenakulo mu giti c’umunyinya+, bihagarara ku mpera. 21  Uburebure bw’ikizingiti yari amatambwe cumi, ubwaguke bw’ikizingiti kimwe cose na bwo itambwe rimwe n’igice+. 22  Ikizingiti kimwe cose cari gifise udutwe tubiri tujana kamwe n’akandi. Ukwo ni ko yagize ku bizingiti vyose vy’itaberenakulo+. 23  Nuko akora nya bizingiti ku bw’itaberenakulo, ibizingiti mirongo ibiri vy’uruhande ruraba i Negebu, amaja mu bumanuko+. 24  Hanyuma akora ivyicaro binogoye mirongo ine vy’ifeza vyo kuja munsi ya vya bizingiti mirongo ibiri, bibiri munsi y’ikizingiti kimwe kumwe n’udutwe twaco tubiri, na bibiri munsi y’ikindi kizingiti kumwe n’udutwe twaco tubiri+. 25  Urundi ruhande rw’itaberenakulo, urwo mu buraruko, arukorera ibizingiti mirongo ibiri+ 26  n’ivyicaro binogoye mirongo ine vyavyo vy’ifeza, bibiri munsi y’ikizingiti kimwe, na bibiri munsi y’ikindi kizingiti+. 27  Ibihimba vy’inyuma vy’itaberenakulo amaja mu burengero abikorera ibizingiti bitandatu+. 28  Akora kandi ibizingiti bibiri bwa bikingi vy’imfuruka vy’itaberenakulo ku bihimba bibiri vyayo vy’inyuma+. 29  Vyari bibiribibiri hasi, kandi biri kumwe bikaba amahasa gushika hejuru kuri kimwe cose ku kigōmbo ca mbere. Ivyo ni vyo yagize kuri vyo vyompi, kuri nya bikingi vy’imfuruka bibiri+. 30  Nuko bigera ku bizingiti umunani, ivyicaro binogoye vyavyo vy’ifeza na vyo bigera kuri cumi na bitandatu, bibiri bigakurikirana na bindi bibiri munsi y’ikizingiti kimwe cose+. 31  Abandanya gukora ibihindizo vy’igiti c’umunyinya, bitanu ku bw’ibizingiti vy’uruhande rumwe rwa nya taberenakulo+ 32  na bitanu ku bw’ibizingiti vy’urundi ruhande rwayo, na bindi bitanu ku bw’ibizingiti vyayo ku bwa vya bihimba bibiri vy’inyuma amaja mu burengero+. 33  Maze akora ca gihindizo co hagati co guca hagati ya vya bizingiti, kikava ku mpera imwe kigashika ku yindi+. 34  Hanyuma ahomeka inzahabu kuri vya bizingiti, akora n’ibigōmbo vyavyo vy’inzahabu vyo gufata vya bihindizo, abandanya no guhomeka inzahabu kuri nya bihindizo+. 35  Hanyuma atangura gukora irido+ mu nyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe. Yayikoranye abakerubi+, ideshwe n’umudeshi. 36  Maze ayikorera inkingi zine z’umunyinya araheza azihomekako inzahabu, utumambo twazo tukaba utw’inzahabu, yongera azikorera ivyicaro binogoye bine vy’ifeza ishongeshejwe+. 37  Abandanya gukora igikingirizo c’ubwinjiriro bw’ihema mu nyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe, bikorwa n’umujishi+, 38  n’inkingi zitanu zaco n’utumambo twazo. Yongera ahomeka inzahabu hejuru ku mitwe yazo n’ibifatanisho vyazo, mugabo ivyicaro binogoye vyazo bitanu vyari ivy’umujumpu+.

Amakuru yiyongereye

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.