Kuvayo 33:1-23

33  Yehova yongera kubwira Musa ati: “Genda, uduge uve ng’aha, wewe n’abantu waduganye ubakuye mu gihugu ca Misiri+, uje mu gihugu narahiye Aburahamu, Izahaki na Yakobo, nti: ‘Uruvyaro rwawe ni rwo nzogiha+.’  Kandi nzotuma umumarayika akuje imbere+ nirukane Abanyakanani, Abamori, Abaheti n’Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+:  uje mu gihugu gitemba amata n’ubuki+, kuko ntazoduga hagati muri wewe, kuko uri igisata c’izosi ridadaraye+, simpave ndagutikiriza mu nzira+.”  Aho abantu bumviye iryo jambo ribi, batangura kugandara+, ntihagira n’umwe muri bo yambara udusharizo twiwe.  Yehova abandanya kubwira Musa ati: “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Muri igisata c’izosi ridadaraye+. Mu kanya isase+ noduga hagati muri wewe nkagutikiza. Ubu rero kura udusharizo twawe udushire hasi, kuko ngomba kumenya ico ngiye kukugira+.’”  Bene Isirayeli baca batangura kwikoba udusharizo twabo, kuva ku musozi Horebu+ kubandanya.  Nayo Musa, atangura gukuraho ihema ryiwe hanyuma arishinga inyuma y’ikambi, kure y’ikambi; araheza aryita ihema ry’ihuriro. Uku ni ko vyagenda: abashaka bose gusiguza+ Yehova barasohoka bakaja kuri rya hema ry’ihuriro ryari inyuma y’ikambi.  Kandi Musa agisohoka akaja kuri rya hema, abantu bose barahaguruka+, bagahagarara umwe wese ku bwinjiriro bw’ihema ryiwe, bagakurikiza amaso Musa gushika yinjiye mw’ihema.  Vyongeye Musa akimara kwinjira mw’ihema, ya nkingi y’igicu+ yaramanuka igahagarara ku bwinjiriro bw’ihema maze akavugana+ na Musa. 10  Kandi abantu bose barabona nya nkingi y’igicu+ ihagaze ku bwinjiriro bw’ihema, bose bagahaguruka bakunama umwe wese ku bwinjiriro bw’ihema ryiwe+. 11  Kandi Yehova yavugana na Musa amaso mu yandi+, nk’uko nyene umuntu yovugana na mugenziwe. Iyo agarutse mw’ikambi, umusuku wiwe+ Yosuwa mwene Nuni+, uwari umufasha, ntiyava hagati mw’ihema. 12  Musa abwira Yehova ati: “Raba, uriko umbwira ngo: ‘Dugana aba bantu,’ ariko wewe ubwawe ntiwamenyesheje uwo uzotuma ngo ajane nanje. Vyongeye, wewe ubwawe wavuze uti: ‘Ndakuzi mw’izina+, kandi bisubiye, waragize ubutoni mu maso yanje.’ 13  Ubu rero, ndakwinginze, nimba nagize ubutoni mu maso yawe+, ndakwinginze, umenyeshe inzira zawe+, kugira ndakumenye, mpeze ngire ubutoni mu maso yawe. Kandi umenye yuko iri hanga ari abantu bawe+.” 14  Na we avuga ati: “Jewe ubwanje nzojana nawe+ kandi nzoguha koko akaruhuko+.” 15  Kuri ivyo Musa amubwira ati: “Nimba wewe ubwawe utaje ngo tujane, ntutudugane ngo udukure ng’aha. 16  None bizomenyekanira ku ki yuko nagize ubutoni mu maso yawe, jewe n’abantu bawe? Mbega si uko ujana natwe+, kuko jewe n’abantu bawe twagizwe abatandukanye n’abandi bantu bose bari ku buringanire bw’ubutaka+?” 17  Yehova abandanya kubwira Musa ati: “N’ico kintu nyene uvuze nzogikora+, kuko wagize ubutoni mu maso yanje kandi nkaba ndakuzi mw’izina.” 18  Kuri ivyo avuga ati: “Ndakwinginze, unyereke ubuninahazwa bwawe+.” 19  Mugabo avuga ati: “Jewe ubwanje nzocisha ukumera neza kwanje kwose imbere y’amaso yawe+, menyeshe izina rya Yehova imbere yawe+; kandi nzogirira ubutoni uwo nogirira ubutoni, kandi nzogirira imbabazi uwo nogirira imbabazi+.” 20  Yongerako ati: “Ntushobora kubona mu maso hanje, kuko ata muntu yombona ngo abeho+.” 21  Yehova yongera kuvuga ati: “Ehe ikibanza iruhande yanje: uze uhagarare ku gitandara. 22  Kandi uko bizogenda ni uku: igihe ubuninahazwa bwanje buzoba buriko burarengana, nzogushira mu kinogo muri nya gitandara, hanyuma nshire ikiganza canje hejuru yawe bwa gikingirizo gushika ndenganye. 23  Inyuma y’ivyo nzokuraho ikiganza canje, nawe uzombona mu mugongo. Mugabo mu maso hanje ntihoshobora kubonwa+.”

Utujambo tw'epfo