Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Kuvayo 29:1-46

29  “Kandi iki ni co ubwirizwa kubagirira kugira ubeze ngo bankorere bwa baherezi: Utore ikimasa, n’impfizi zibiri z’intama+ bitagira agahonzi+,  n’umukate utarimwo umwambiro, n’udutsima tumeze nk’ikigōmbo tutarimwo umwambiro tubombekeshejwe amavuta, n’udukate tutarimwo umwambiro dusizwe amavuta+. Uzobikora mw’ifu y’ingano inoze.  Kandi uze ubishire mu gisimbo uheze ubishikirize biri muri ico gisimbo+, na ya shūri na za mpfizi zibiri z’intama nyene.  “Uzozana Aroni n’abahungu biwe ku bwinjiriro+ bw’ihema ry’ihuriro, uheze uboze n’amazi+.  Maze uze utore za mpuzu+ hanyuma wambike Aroni ya kanzu na wa mwitero utagira amaboko wa efodi, na ya efodi na ka kambarwa ko ku gikiriza, kandi uze uyitubike kuri we ukoresheje wa mukanda wa efodi+.  Uze ushire ku mutwe wiwe ca gitambara co mu mutwe hanyuma ushire kuri ico gitambara ca kimenyetso ceranda c’iyegurwa+.  Uze utore amavuta yo kurobanuza+, uyasuke ku mutwe wiwe, umurobanure+.  “Maze uzozana abahungu biwe hafi, uheze ubambike ya makanzu+.  Uze ukenyeze Aroni n’abahungu biwe vya bikenyezo, wongere uzingire kuri bo ka kambarwa ko mu mutwe. Ubuherezi buze bucike ubwabo, bibe icagezwe gushika igihe kitagira urugero+. Ukwo ni ko uzokwuzuza ububasha ukuboko kwa Aroni n’ukw’abahungu biwe+. 10  “Uze uzane ya shūri imbere y’ihema ry’ihuriro, hanyuma Aroni n’abahungu biwe barambike ibiganza ku mutwe wayo+. 11  Uze ukererere iyo shūri imbere ya Yehova, ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro+. 12  Kandi uze utore makeyi ku maraso+ y’iyo shūri uyashire n’urutoke rwawe ku mahembe y’igicaniro+, amaraso yose asigaye na yo uyasese ku ntaba y’igicaniro+. 13  Kandi uze utore ikinure cose+ gipfutse amara+, na ka gahimba ko ku gitigu+, na ya mafyigo abiri n’ikinure kiri kuri yo, uheze ubifumbishe umwotsi ku gicaniro+. 14  Mugabo inyama za nya shūri n’urushato rwayo n’amayezi yayo, uzobiturira n’umuriro hanze y’ikambi+. Ni ishikanwa ry’igicumuro. 15  “Maze uzotora impfizi y’intama imwe+, Aroni n’abahungu biwe na bo baze barambike ibiganza ku mutwe wayo+. 16  Uze ukerere iyo mpfizi y’intama hanyuma utore amaraso yayo uyamijagire hirya no hino ku gicaniro+. 17  Uzohimbagura iyo mpfizi y’intama mu bipande vyayo, woze amara yayo+ n’amaguru* yayo hanyuma upange ibipande vyayo kimwe kirabana n’ikindi gushika ku mutwe wayo. 18  Kandi uze ufumbishe umwotsi nya mpfizi y’intama yose ku gicaniro. Ni ishikanwa riturirwa+ rihabwa Yehova, akamoto karuhura+. Ni ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova. 19  “Ubukurikira uze utore ya mpfizi yindi y’intama, Aroni n’abahungu biwe na bo barambike ibiganza ku mutwe wayo+. 20  Uze ukerere iyo mpfizi y’intama, utore makeyi ku maraso yayo uyashire kw’ibabi ry’ugutwi kw’iburyo kwa Aroni, no kw’ibabi ry’ugutwi kw’iburyo kw’abahungu biwe, no ku rukumu rw’ukuboko kwabo kw’ukuryo, no kw’ino rikuru ry’ikirenge cabo c’iburyo+, kandi uze umijagire nya maraso irya n’ino ku gicaniro. 21  Kandi uze utore makeyi ku maraso ari ku gicaniro na makeyi kuri ya mavuta y’ukurobanuza+, uyacucagire Aroni n’impuzu ziwe n’abahungu biwe n’impuzu z’abahungu biwe bari kumwe na we, kugira ngo we n’impuzu ziwe n’abahungu biwe n’impuzu z’abahungu biwe bari kumwe na we bibe vyeranda koko+. 22  “Kandi uze utore kuri ya mpfizi y’intama ikinure be na kirya gitsembe kinuze+, na kirya kinure gipfutse amara, na ka gahimba ko ku gitigu, n’arya mafyigo abiri n’ikinure kiri kuri yo, n’ukuguru kw’ukuryo+, kuko ari impfizi y’intama y’iyatira+. 23  Uze utore n’akamanyu k’umukate k’umuzingi n’agatsima kameze nk’ikigōmbo k’umukate w’amavuta, be n’agakate kavuye muri ca gisimbo c’udutsima tutarimwo umwambiro kiri imbere ya Yehova+. 24  Kandi vyose uze ubishire ku biganza vya Aroni no ku biganza vy’abahungu biwe+, ubizungagize irya n’ino bwa shikanwa rizungagizwa* imbere ya Yehova+. 25  Hanyuma uze ubikure mu minwe yabo, ubifumbishe umwotsi ku gicaniro kuri rya shikanwa riturirwa, bibe akamoto karuhura imbere ya Yehova+. Ni ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova+. 26  “Kandi uze utore inkoro y’iyo mpfizi y’intama y’iyatira+, yo ku bwa Aroni, uyizungagize bwa shikanwa rizungagizwa irya n’ino imbere ya Yehova, kandi ize icike umugabane wawe. 27  Uze weze iyo nkoro+ y’ishikanwa rizungagizwa be n’ukuguru kwa wa mugabane mweranda wazungagizwa kandi ugatangwa bwa ntererano uvuye kuri ya mpfizi y’intama y’iyatira+, ku vyari ivya Aroni no ku vyari ivy’abahungu biwe. 28  Kandi ize icike iya Aroni n’iy’abahungu biwe biciye ku ngingo nyobozi yo gushika igihe kitagira urugero ishitswa na bene Isirayeli, kuko ari umugabane mweranda+. Kandi izocika umugabane mweranda utangwa na bene Isirayeli. Izova ku bimazi vyabo vy’ugusangira+, ibe umugabane wabo mweranda ku bwa Yehova. 29  “Kandi za mpuzu nyeranda+ za Aroni zizokoreshwa n’abahungu biwe+ mu nyuma ziwe kugira barobanuzwe amavuta+ bari muri zo, no kugira ngo ukuboko kwabo kwuzuzwe ububasha bari muri zo+. 30  Umuherezi amusubiriye wo mu bahungu biwe kandi yinjiye mw’ihema ry’ihuriro gukora igikorwa c’ubusuku ha hantu heranda, azozambara imisi indwi+. 31  “Kandi uzotora ya mpfizi y’intama y’iyatira, utekere inyama zayo ahantu heranda+. 32  Aroni n’abahungu biwe baze barire+ inyama z’iyo mpfizi y’intama na wa mukate uri muri ca gisimbo ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro. 33  Baze barye ivyakoreshejwe mu gutanga impongano ngo ukuboko kwabo kwuzuzwe ububasha, kugira bezwe+. Mugabo uw’ahandi* ntiyoshobora kubirya, kuko ari ikintu ceranda+. 34  Kandi nihagira igisigara ku nyama z’ikimazi c’iyatira no kuri wa mukate gushika mu gitondo, uze ugiturire n’umuriro+. Ntikize kiribwe, kuko ari ikintu ceranda. 35  “Kandi uku ni ko utegerezwa kugirira Aroni n’abahungu biwe wisunze ivyo nagutegetse vyose+: Uzofata imisi indwi kugira wuzuze ukuboko kwabo ububasha+. 36  Uzoshikana ya shūri y’ishikanwa ry’igicumuro buri musi ngo ibe impongano+, kandi uze utyorore igicaniro igicumuro mu kugitangira impongano, wongere ukirobanuze amavuta+ kugira cezwe. 37  Uzofata imisi indwi yo gutangira impongano igicaniro, kandi uze uceze+ gicike koko igicaniro ceranda rwose+. Uwugikorako wese abwirizwa kuba mweranda+. 38  “Kandi ibi ni vyo uzoshikana kuri ico gicaniro: impfizi z’intama zikiri nto, imwe yose imaze umwaka, wame ushikana zibiri ku musi+. 39  Uzoshikana impfizi y’intama ikiri nto imwe mu gitondo+, iyindi mpfizi y’intama ikiri nto na yo uyishikane hagati ya ya migoroba ibiri+. 40  Kuri ya mpfizi y’intama ikiri nto ya mbere, hazozanwa ic’icumi c’ingero ya efa y’ifu inoze+ ibombekeshejwe ica kane ca hini* y’amavuta asekuye, n’ishikanwa ry’ikinyobwa+ ry’ica kane ca hini y’umuvinyu. 41  Kandi uzoshikana ya mpfizi y’intama ikiri nto ya kabiri hagati ya ya migoroba ibiri. Uzoyishikana iri kumwe n’ishikanwa ry’intete+ rimeze nka rimwe ryo mu gitondo be n’ishikanwa ry’ikinyobwa rimeze nk’iryaryo, bibe akamoto karuhura, ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova. 42  Ni ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba+ mu mayaruka yanyu yose, ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro imbere ya Yehova, aho nzoseruka imbere yanyu ngo mvuganire nawe ng’aho+. 43  “Nzoseruka ng’aho, imbere ya bene Isirayeli, kandi ata gukeka hazokwezwa n’ubuninahazwa bwanje+. 44  Kandi nzokweza ihema ry’ihuriro na nya gicaniro; kandi nzokweza+ Aroni n’abahungu biwe kugira bankorere bwa baherezi. 45  Nzocumbika hagati ya bene Isirayeli, mbe Imana yabo+. 46  Kandi bazomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yabo, uwabakuye mu gihugu ca Misiri ngo ncumbike hagati yabo+. Ndi Yehova Imana yabo+.

Amakuru yiyongereye

Ayo maguru avugwa ni ibice vyayo vyo hepfo.
Raba Inyongera ya 21.
Ni ukuvuga uwutari uwo mu muryango wa Aroni.
Ingero ya hini yangana n’amalitiro 3,67.