Kuvayo 28:1-43
28 “Nayo wewe, niwigize hafi yawe Aroni mwene wanyu n’abahungu biwe bari kumwe na we, ubakuye hagati muri bene Isirayeli, kugira ankorere bwa muherezi+: Aroni+ n’abahungu biwe, ari bo Nadabu na Abihu+, Eleyazari na Itamari+.
2 Kandi uze ukorere impuzu nyeranda Aroni mwene wanyu, ku bw’ubuninahazwa n’ubwiza+.
3 Kandi wewe ubwawe ubwire abantu bose b’inkerebutsi bafise umutima nujuje impwemu y’ubukerebutsi+, bakore impuzu za Aroni ku bwo kumweza, kugira ankorere bwa muherezi+.
4 “Kandi izi ni zo mpuzu bazokora: akambarwa ko ku gikiriza+, na efodi+, n’umwitero utagira amaboko+, n’ikanzu y’udukarokaro*, n’igitambara co mu mutwe+, n’igikenyezo+. Baze bakorere nya mpuzu nyeranda Aroni mwene wanyu n’abahungu biwe, ngo ankorere bwa muherezi.
5 Kandi bo ubwabo, bazotora inzahabu n’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, n’igitambara c’ibara ry’agahama, n’ilino nziza.
6 “Kandi baze bakore efodi y’inzahabu, y’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe, ibe iyideshwe n’umudeshi+.
7 Ize igire udutambara tubiri two ku rutugu dufatanirizwa ku mpera zayo zibiri, ifatanywe+.
8 Kandi umukanda+, uwuri kuri yo wo kuyitubika, nk’uko ubuhinga bwayo buri, ukwiye kuba ukozwe mu vyo ikozwemwo: mu nzahabu, inyuzi z’ubururu, ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe.
9 “Kandi uze utore amabuye abiri ya onigisi+ uheze usarure+ kuri yo amazina ya bene Isirayeli+,
10 atandatu mu mazina yabo kw’ibuye rimwe, amazina ya batandatu basigaye na yo ku rindi buye, uko bakurikirana mu mavuka+.
11 Uze usarure kuri ayo mabuye abiri amazina ya bene Isirayeli+, bikorwe n’umuhinguzi w’utugenegene mu vy’amabuye, bibe nk’udusaruro tw’ikidodo. Uze uyarumike mu twicariro tw’inzahabu+.
12 Uze ushire ayo mabuye abiri kuri twa dutambara two ku rutugu twa efodi abere bene Isirayeli amabuye y’icibutso+. Aroni na we aze yambare amazina yabo imbere ya Yehova ku dutambara twiwe tubiri two ku rutugu, bwa cibutso.
13 Kandi uze ukore utwicariro tw’inzahabu,
14 n’iminyororo ibiri y’inzahabu itavanze+. Uzoyikora nk’imihingo, ihingurwe nk’umugozi; kandi iyo minyororo imeze nk’imigozi uze uyifatishe kuri nya twicariro+.
15 “Kandi uze ukore akambarwa ko ku gikiriza k’uguca urubanza+, gahingurwe n’umudeshi. Uze ugakore gahinguwe nka efodi. Uzogakora mu nzahabu, inyuzi z’ubururu, ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe+.
16 Gategerezwa kuba ikwadarato iyo kazinzemwo kubiri, uburebure bwako bukaba itambwe ry’intoke, n’ubwaguke bwako itambwe ry’intoke+.
17 Kandi uze ugatakeko udutāko tw’amabuye, habe imisitari ine y’amabuye+. Umusitari wa mbere ni uw’ibuye ry’umutuku+, irya topazi+ n’irya emerode+.
18 Umusitari ugira kabiri na wo ni uw’ibuye rya turukwazi+, irya safiro+ n’irya yasipi+.
19 Umusitari ugira gatatu na wo ni uw’ibuye rya leshemu, irya agata+ n’irya ametisito+.
20 Umusitari ugira kane na wo ni uw’ibuye rya kirisolito+ na onigisi+ na yade. Mu tunogo ajamwo haze hashirwemwo udutereko tw’inzahabu+.
21 Kandi nya mabuye akwiye kuba ahwanye n’amazina ya bene Isirayeli, bamwe cumi na babiri, nk’uko amazina yabo ari+. Akwiye kuba asaruwe nk’udusaruro tw’ikidodo, rimwe ryose rihure n’izina ryaryo, kuri ya miryango cumi n’ibiri+.
22 “Kandi uze ukore kuri nya kambarwa ko ku gikiriza iminyororo itsivye, ikozwe bwa mugozi, mu nzahabu itavanze+.
23 Kandi uze ukore kuri nya kambarwa ko ku gikiriza ibigōmbo bibiri vy’inzahabu+, ubishire ku mpera zibiri zako.
24 Uze ucishe ya migozi ibiri y’inzahabu muri ivyo bigōmbo bibiri ku mpera z’ako kambarwa+.
25 Uzocisha impera zibiri za ya migozi ibiri muri twa twicariro tubiri, kandi uze udushire kuri twa dutambara two ku rutugu twa efodi, ku ruhande rwayo rw’imbere+.
26 Uze ukore ibigōmbo bibiri vy’inzahabu, ubishire ku mpera zibiri za ka kambarwa ko ku gikiriza, ku mubari wako uri ku ruhande ruhererana na efodi amaja munsi+.
27 Uze ukore ibigōmbo bibiri vy’inzahabu, ubishire kuri twa dutambara tubiri two ku rutugu twa efodi uvuye hepfo, ku ruhande rwayo rw’imbere, hafi y’aho ifatanirizwa, hejuru y’umukanda wa efodi+.
28 Kandi nya kambarwa ko ku gikiriza bazokabohere ku bigōmbo vya efodi n’akagozi k’ubururu, bacishije ku bigōmbo vyako, kugira kagume hejuru ya wa mukanda wa efodi kandi ntikave hejuru ya efodi+.
29 “Kandi Aroni aze yambare amazina ya bene Isirayeli kuri nya kambarwa ko ku gikiriza k’uguca urubanza, hejuru ku mutima wiwe igihe yinjiye Aheranda, kibe icibutso imbere ya Yehova nantaryo.
30 Kandi uze ushire Urimu+ na Tumimu* muri nya kambarwa ko ku gikiriza k’uguca urubanza, bize bibe hejuru ku mutima wa Aroni igihe yinjiye imbere ya Yehova; Aroni aze yambare nantaryo imanza+ za bene Isirayeli hejuru y’umutima wiwe imbere ya Yehova.
31 “Kandi uze ukore wa mwitero utagira amaboko wa efodi, wose mu nyuzi z’ubururu+.
32 Ku mutwe hawo, hagati na hagati, haze habe izosi. Izosi ryawo rikwiye kugira umusozo urikikuje, ube uwujishwe n’umujishi w’impuzu. Rikwiye kuba nka kurya kw’izosi ry’ikoti y’ivyuma, kugira ntiritabuke+.
33 Kandi ku mubuga wayo, uze ukore amakomamanga mu nyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama, akikuze umubuga wayo, ukikuzwe kandi n’udukengeri+ tw’inzahabu tuyarobetse;
34 agakengeri k’inzahabu be n’ikomamanga, agakengeri k’inzahabu be n’ikomamanga, ku mubuga wa nya mwitero utagira amaboko, biwukikuze+.
35 Uwo mwitero uze ube kuri Aroni kugira ankorere, kandi ijwi rya nya dukengeri rivuye kuri we rize ryumvikane igihe yinjiye aheranda imbere ya Yehova n’igihe asohotse, kugira ntapfe+.
36 “Kandi uze ukore akabate gaca ibibatsi k’inzahabu itavanze uheze ugasarureko udusaruro nk’utw’ikidodo ngo: ‘Ubweranda ni ubwa Yehova+.’
37 Uze ukaboheshe akagozi k’ubururu, kandi kaze kabe kuri ca gitambara co mu mutwe+. Ku ruhande rw’imbere rwa nya gitambara ni ho gakwiye kuba.
38 Kaze kabe ku ruhanga rwa Aroni, kandi Aroni ategerezwa kwishura ikosa rikozwe ku bintu vyeranda+, ivyo bene Isirayeli bazokweza, ni vyo ngabirano nyeranda zabo zose. Kaze kame ku ruhanga rwiwe, kugira atume bashimwa+ imbere ya Yehova.
39 “Kandi uze ujishe ikanzu y’udukarokaro mw’ilino nziza+, ukore n’igitambara co mu mutwe c’ilino nziza. Uzokora n’igikenyezo+, kijishwe n’umujishi.
40 “Bene Aroni uzobakorera amakanzu+, kandi uze ubakorere ibikenyezo, ubakorere n’utwambarwa two mu mutwe+ ku bw’ubuninahazwa n’ubwiza+.
41 Ni vyo uzokwambika Aroni mwene wanyu n’abahungu biwe bari kumwe na we, kandi uze ubarobanuze amavuta*+ wongere wuzuze ukuboko kwabo ububasha+ kandi ubeze, baze bankorere bwa baherezi.
42 Kandi ubakorere amabutura y’ilino yo gupfuka umubiri uri gusa+. Azova mu mafyinga ashike ku matako.
43 Aroni n’abahungu biwe bazobe bayambaye iyo bagiye mw’ihema ry’ihuriro canke iyo bagiye kwegera igicaniro ngo bakorere ahantu heranda, kugira ntibagirwe n’ikosa bigatuma bapfa ata kabuza. Ico ni icagezwe gushika igihe kitagira urugero kuri we n’uruvyaro rwiwe rwo mu nyuma ziwe+.