Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Kuvayo 27:1-21

27  “Kandi uze ukore mu giti c’umunyinya igicaniro c’uburebure bw’amatambwe atanu, n’ubwaguke bw’amatambwe atanu. Ico gicaniro+ kize kibe ikwadarato, amahagarara yaco na yo abe amatambwe atatu.  Uze ukore amahembe yaco+ ku mfuruka zaco zine. Amahembe yaco azoba ava muri co, kandi uze ugihomekeko umujumpu+.  Kandi uze ugikorere ibigopo vyo gukuraho iminyota yaco irimwo ibinure, ugikorere n’ibiyozo, n’ibibakure, n’amakanya, n’ibijamwo umuriro. Ibikoresho vyaco vyose uzobikora mu mujumpu+.  Uze ugikorere akayungiro, kabe urusenga+ rw’umujumpu; kandi uze ukore kuri urwo rusenga ibigōmbo bine vy’umujumpu ku mpera zarwo zine.  Uze ugashire munsi y’agakikuzo k’igicaniro amaja hasi imbere muri co, nya rusenga ruze rube amaja hagati mu gicaniro+.  Kandi uze ukore iminiho y’ico gicaniro, ibe iy’igiti c’umunyinya, uyihomekeko umujumpu+.  Iminiho yaco ize yinjizwe mu bigōmbo, kandi ize ibe ku mpande zibiri z’igicaniro igihe kirerurwa+.  Uzokigira isandugu irangaye y’imbaho. Nk’uko nyene yabikweretse ku musozi, ni ko bazogikora+.  “Kandi uze ukore ikigo+ c’itaberenakulo. Ku ruhande rw’amaja i Negebu, amaja mu bumanuko, ico kigo kigire ibitambara bimanitse vy’ilino nziza ihinzwe+, uruhande rumwe rugire uburebure bw’amatambwe ijana. 10  Inkingi zaco mirongo ibiri n’ivyicaro binogoye vyazo mirongo ibiri ni ivy’umujumpu. Utumambo tw’izo nkingi n’ibifatanisho vyazo ni ivy’ifeza+. 11  Ni ko bimeze no ku ruhande rwo mu buraruko, mu burebure: ibitambara bimanitse bigire uburebure bw’amatambwe ijana, inkingi mirongo ibiri zaco na zo n’ivyicaro binogoye vyazo mirongo ibiri bibe ivy’umujumpu, utumambo tw’izo nkingi n’ibifatanisho vyazo bibe ivy’ifeza+. 12  Nayo ubwaguke bw’ico kigo, ku ruhande rwo mu burengero ibitambara bimanitse birehe n’amatambwe mirongo itanu, inkingi zavyo zibe cumi, n’ivyicaro binogoye vyazo bibe cumi+. 13  Ubwaguke bwa nya kigo ku ruhande rwo mu buseruko, amaja i burasirazuba, ni amatambwe mirongo itanu+. 14  Ku ruhande rumwe habe amatambwe cumi n’atanu y’ibitambara bimanitse, inkingi zavyo zibe zitatu, n’ivyicaro binogoye vyazo bibe bitatu+. 15  Ku rundi ruhande habe amatambwe cumi n’atanu y’ibitambara bimanitse, inkingi zavyo zibe zitatu, n’ivyicaro binogoye vyazo bibe bitatu+. 16  “Kandi irembo ry’ikigo rigire igikingirizo c’uburebure bw’amatambwe mirongo ibiri, c’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe; bikorwe n’umujishi+. Inkingi zavyo zizoba zine, n’ivyicaro binogoye vyazo bibe bine+. 17  Irya n’ino, inkingi zose za nya kigo zizogira ibifatisho vy’ifeza, utumambo twazo tube utw’ifeza, mugabo ivyicaro binogoye vyazo ni ivy’umujumpu+. 18  Uburebure bw’ico kigo ni amatambwe ijana+, ubwaguke na bwo amatambwe mirongo itanu, amahagarara na yo amatambwe atanu. Ibitambara bimanitse vyaco ni ivy’ilino nziza ihinzwe, ivyicaro binogoye vyazo na vyo bikaba ivy’umujumpu. 19  Ibikoresho vyose vy’iyo taberenakulo mu gikorwa cayo cose, n’imambo zayo zose, n’imambo zose z’ikigo, ni ivy’umujumpu+. 20  “Nayo wewe, uze utegeke bene Isirayeli bakuronse amavuta y’umwelayo atyoroye, asekuye, y’igitangamuco, kugira ngo amatara yatswe nantaryo+. 21  Mw’ihema ry’ihuriro, hanze y’irido+ iri iruhande ya ca Gishingantahe, Aroni n’abahungu biwe bazotunganya nya gitangamuco kuva ku mugoroba gushika mu gitondo imbere ya Yehova+. Ni icagezwe gushika igihe kitagira urugero ku mayaruka yabo+, co gushitswa na bene Isirayeli+.

Amakuru yiyongereye