Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Kuvayo 24:1-18

24  Hanyuma abwira Musa ati: “Duga aho Yehova ari, wewe na Aroni, Nadabu na Abihu+ na mirongo irindwi+ mu bagabo b’inararibonye ba Isirayeli, kandi mutegerezwa kwunama muri nka hariya.  Musa wenyene ni we azokwegera Yehova; ariko bo ntibakwiye kwegera, kandi abantu ntibakwiye kudugana na we+.”  Maze Musa araza, yiganira abantu amajambo yose ya Yehova n’ingingo z’ubutungane zose+, abantu bose baca bishura n’ijwi rimwe, bati: “Amajambo yose Yehova avuze turiteguriye kuyakora+.”  Nuko Musa yandika amajambo ya Yehova yose+. Maze avyuka kare mu gitondo, yubaka ku ntango y’umusozi igicaniro be n’inkingi cumi na zibiri zihuye na ya miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli+.  Inyuma y’ivyo atuma imisore yo muri bene Isirayeli, bashikana amashikanwa aturirwa, batanga n’amashūri bwa bimazi, bwa bimazi vy’ugusangira+ bihabwa Yehova.  Musa araheza afata ica kabiri c’amaraso agishira mu mabakure+, ikindi ca kabiri c’amaraso akimijagira ku gicaniro+.  Amaherezo afata igitabu c’isezerano+, agisomera mu matwi y’abantu+. Maze bavuga bati: “Ivyo Yehova avuze vyose turiteguriye kubikora no kubigamburuka+.”  Nuko Musa afata ya maraso, ayamijagira ku bantu+, avuga ati: “Ng’aya amaraso y’isezerano+ Yehova agiranye namwe ku bijanye n’aya majambo yose.”  Hanyuma Musa na Aroni, Nadabu na Abihu na mirongo irindwi mu bagabo b’inararibonye ba Isirayeli baraduga, 10  barabona Imana ya Isirayeli+. Munsi y’ibirenge vyayo hari ikintu kimeze nk’isaso ry’amabuye ya safiro, kimeze kandi nk’amajuru ubwayo mu butyoroke+. 11  Kandi ntiyabanguriye ukuboko kwiwe abo banyacubahiro bo muri bene Isirayeli+, mugabo berekwa Imana y’ukuri+, hanyuma bararya, baranywa+. 12  Maze Yehova abwira Musa ati: “Duga aho ndi ku musozi ugumeyo, kuko ngomba kuguha ibisate vy’amabuye n’itegeko n’ibwirizwa ntegerezwa kwandika vyo kubigisha+.” 13  Nuko Musa na Yosuwa umusuku wiwe barahaguruka, hanyuma Musa aduga ku musozi w’Imana y’ukuri+. 14  Ariko yari yabwiye abagabo b’inararibonye ati: “Mwebwe nimuturindirire aha hantu gushika tugarutse aho muri+. Kandi ehe Aroni na Huru+ bari kumwe namwe. Uwo wese afise imburano, nabegere+.” 15  Nuko Musa aduga ku musozi mu gihe igicu cari kiwupfutse+. 16  Ubuninahazwa bwa Yehova+ bubandanya kuba ku musozi Sinayi+, ca gicu na co kibandanya kuwupfuka kumara imisi itandatu. Amaherezo ku musi ugira indwi, ahamagarira Musa hagati muri nya gicu+. 17  Ku maso ya bene Isirayeli, ukuntu ubuninahazwa bwa Yehova bwasa, wamengo ni umuriro urigata+, kw’isonga ry’umusozi. 18  Maze Musa yinjira hagati muri nya gicu, aduga ku musozi+. Musa aguma ku musozi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+.

Amakuru yiyongereye