Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Kuvayo 23:1-33

23  “Ntuze utwarire hejuru inkuru y’ububeshi+. Ntugafatanye n’umubisha mu kuba icabona gitegura imigambi y’ubukazi+.  Ntuze ukurikire isinzi mu ntumbero mbi+; kandi mu matati, ntuze ushinge intahe ku buryo uhengamira hamwe n’isinzi, urondera kugoreka ubutungane+.  Nayo ku muntu mutoyi, ntuze ugire aho uhengamiye mu matati amwerekeye+.  “Niwarenguka kw’ishūri y’umwansi wawe canke ku ndogobwa yiwe yazimiye, utegerezwa kuyimugarurira+.  Niwabona indogobwa y’uwukwanka iryamye munsi y’umutwaro wayo, ntuze umurekerane. Utegerezwa kumufasha kuyibohora+.  “Ntukagoreke ingingo y’ubutungane y’umworo wawe mu matati yiwe+.  “Uraguma uzibukiriye ijambo ry’ikinyoma+. Kandi ntiwice intungane n’umugororotsi, kuko ntazokwita umubisha umugororotsi+.  “Ntukemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso abantu babona neza kandi kigashobora kugoramika amajambo y’abagororotsi+.  “Kandi ntugahahaze kavamahanga+, kuko namwe ubwanyu muzi ubuzima bwa kavamahanga ico ari co, kuko mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+. 10  “Kandi mu myaka itandatu uze ubibe indimo yawe imbuto, wegeranye umwimbu wayo+. 11  Mugabo umwaka ugira indwi uze uyireke irare, uyireke iruhuke+, aboro bo mu bantu b’iwanyu baze bayiryeko. Ivyo basigaje na vyo ibikoko bizobirya+. Ukwo ni ko uzogenza umurima wawe w’imizabibu n’umurima wawe w’imyelayo. 12  “Mu misi itandatu uze ukore igikorwa cawe+; mugabo ku musi ugira indwi uze uhagarike, kugira ngo ishūri yawe n’indogobwa yawe biruhuke, n’umuhungu w’umushumbakazi wawe na kavamahanga bagarure agatege+. 13  “Kandi muze mwiyubare ku vyo nababwiye vyose+; kandi ntimugacishe mu kanwa izina ry’izindi mana. Ntirikwiye kwumvikana mu kanwa kawe+. 14  “Gatatu mu mwaka uze umpimbarize umusi mukuru+. 15  Uzogumya umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro+. Mu misi indwi uzorya udutsima tutarimwo umwambiro+ ku gihe cashinzwe, mu kwezi kwa Abibu+, nk’uko nagutegetse, kuko muri kwo ari ho wavuye mu Misiri. Kandi ntibaze baseruke imbere yanje iminwe misa+. 16  Uze ugire n’umusi mukuru w’iyimbura ry’ivyamwa vya mbere vyeze+ bivuye mu kuya kawe, ry’ivyo wabivye mu murima+; be n’umusi mukuru w’isarura ku mpera y’umwaka, niwasarura ibivuye mu kuya kawe vyo mu murima+. 17  Gatatu mu mwaka, uw’igitsina-gabo wese mu bawe azoseruka mu maso y’Umukama w’ukuri, Yehova+. 18  “Ntuze ushikane amaraso y’ikimazi canje kumwe n’ivyambiwe. Kandi ikinure c’umusi mukuru wanje ntigikwiye kugumaho ijoro ryose gushika mu gitondo+. 19  “Vyizavyiza mu vyamwa vya mbere vyeze vy’ubutaka bwawe, uze ubizane ku nzu ya Yehova Imana yawe+. “Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+. 20  “Ehe ndungitse umumarayika+ imbere yawe ngo akuzigame ku nzira yongere akuzane ahantu nateguye+. 21  Wiyubare kubera we kandi ugamburuke ijwi ryiwe. Ntumugararize, kuko atazobabarira ukugabitanya kwanyu+; kubera ko izina ryanje riri muri we. 22  Ariko niwagamburuka vy’ukuri ijwi ryiwe kandi ugakora ivyo nzovuga vyose+, nzokwanka urunuka abansi bawe, ntoteze abagutoteza+. 23  Kuko umumarayika wanje azokuja imbere akakuzana koko ku Bamori n’Abaheti n’Abaperizi n’Abanyakanani, Abahiwi n’Abayebusi, kandi nzobazimanganya ata kabuza+. 24  Ntuze wunamire imana zabo canke ngo woshwe kuzikorera, kandi ntuze ukore ikintu na kimwe kimeze nk’ivyo bakoze+, ariko uze ubisenyure ata kabuza wongere umenagure inkingi nyeranda zabo+. 25  Kandi mutegerezwa gukorera Yehova Imana yanyu+; na we ntazobura guhezagira umukate wawe n’amazi yawe+; kandi koko nzokwigiza kure indwara zive hagati muri wewe+. 26  Mu gihugu cawe ntihazoba umugore inda ikorokana canke umugore w’ingumba+. Nzotuma igitigiri c’imisi yawe kiba icuzuye+. 27  “Nzorungika ukuncikira ivutu kukwitangire imbere+, nte koko mu muvurungano abantu bose ushitsemwo, kandi nzoguha igikanu c’abansi bawe bose+. 28  Nzorungika ukujonjogora kukwitangire imbere+, kwirukane Abahiwi, Abanyakanani n’Abaheti bakuve imbere+. 29  Sinzobirukana ngo bakuve imbere mu mwaka umwe, kugira ngo igihugu ntigicike igiharabuga, n’ibikoko vy’ibinyeshamba bikagwira koko bikakugirira nabi+. 30  Nzobirukana buhorobuhoro bakuve imbere, gushika urondotse, ukigarurira koko nya gihugu+. 31  “Kandi nzoshinga urubibe rwawe guhera ku kiyaga Gitukura gushika ku kiyaga c’Abafilisitiya, no guhera ku gahinga gushika kuri rwa Ruzi+; kuko nzotanga mu kuboko kwanyu ababa mu gihugu, nawe uzobirukana vy’ukuri bakuve imbere+. 32  Ntuze ugirane isezerano na bo canke imana zabo+. 33  Ntibakwiye kuba mu gihugu cawe, kugira ntibazohave batuma uncumurako. Hamwe wokorera imana zabo, vyokubera umutego+.”

Amakuru yiyongereye