Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Kuvayo 22:1-31

22  “Umuntu niyiba ishūri canke intama akayikerera canke akayigurisha, aze ashumbushe zitanu zo mu busho ku bwa nya shūri na zine zo mu mukuku ku bwa nya ntama+.  (“Igisuma+ nicafatwa kiriko kiramena ngo cinjire+ maze kigakubitwa kigapfa, nta kwagirwa n’amaraso kuzohaba ku bw’uyo+.  Nimba izuba rimurasiyeko, hazoba ukwagirwa n’amaraso ku bw’uyo.) “Abwirizwa gutanga inshumbusho. Nimba ata co afise, aze agurishwe ku bw’ibintu yivye+.  Hamwe icibwe cosangwa mu minwe yiwe ata kwihenda, uhereye kw’ishūri ugashika ku ndogobwa no ku ntama, ari kizima, abwirizwa gutanga inshumbusho yiyongereyeko kabiri.  “Umuntu niyonesha umurima kanaka canke umurima w’imizabibu kandi akahura ibitwazi vyiwe bikayigiza uwundi murima, aze atange inshumbusho+ y’ibintu vyizavyiza vyo mu murima wiwe canke y’ibintu vyizavyiza vyo mu murima wiwe w’imizabibu.  “Umuriro niwarandagata ugafata amahwa, n’imiganda canke ibinyantete bihagaze canke umurima bikayigira+, uwawudometse abwirizwa gutanga inshumbusho y’ivyahiye.  “Umuntu niyabitsa mugenziwe amahera canke ibintu+, bikibirwa mu nzu yiwe, nya gisuma nicafatwa, kize gitange inshumbusho yiyongereyeko kabiri+.  Nya gisuma nikitafatwa, nyene inzu aze yigizwe hafi y’Imana y’ukuri+ kugira birabwe ko atakojeje ukuboko kwiwe ku bintu vya mugenziwe.  Ku rubanza urwo ari rwo rwose rw’ukugabitanya+, ku vyerekeye ishūri, indogobwa, intama, impuzu, ikintu ico ari co cose cazimiye yovuga ati: ‘Ni iki nyene!’, urubanza rwabo bompi rubwirizwa kuza imbere y’Imana y’ukuri+. Uwo Imana izovuga ko ari we mubisha, abwirizwa guha mugenziwe inshumbusho yiyongereyeko kabiri+. 10  “Umuntu niyabitsa mugenziwe indogobwa, canke ishūri, canke intama, canke igitungwa ico ari co cose, maze kigapfa canke kigacika igihimba c’umubiri, canke bakagitwara ata wubona, 11  abo bompi baze barahire+ Yehova, yuko uwakibikijwe atakojeje ukuboko kwiwe ku bintu vya mugenziwe+. Kandi nyenevyo ategerezwa kuvyemera, uwo wundi na we nta nshumbusho azotanga. 12  Mugabo hamwe vyokwibirwa iwe koko, abwirizwa guha inshumbusho nyenevyo+. 13  Hamwe cotabagurwa koko n’igikoko+, abwirizwa kukizana bwa kimenyamenya+. Icatabaguwe n’igikoko ntazogitangira inshumbusho. 14  “Mugabo umuntu niyasaba igitungwa mugenziwe+, hanyuma kigacika igihimba c’umubiri canke kigapfa nyeneco atari ho ari, ategerezwa gutanga inshumbusho+. 15  Nimba nyeneco ari ho ari, ntazotanga inshumbusho. Nimba gikoteshejwe, bizoharurwa mu kiguzi cakoteshejweko. 16  “Umugabo niyaryosharyosha umwigeme w’isugi atarehejwe, akaryamana na we+, ategerezwa kumutwara akaba umugore wiwe, ku kiguzi+. 17  Nimba se arahiye akarengwa ko atamumuha, azoriha nya mahera ku kiguzi c’abigeme b’isugi+. 18  “Ntuze ureke umupfumukazi ngo abeho+. 19  “Uwo wese aryamanye n’igikoko ntaze abure kwicwa+. 20  “Uwushikaniye ikimazi izindi mana atari Yehova wenyene, abwirizwa kurandurwa+. 21  “Ntugafate nabi kavamahanga canke ngo umuhahaze+, kuko namwe mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+. 22  “Ntimuze mucumukuze umupfakazi n’umwe canke impfuvyi*+. 23  Niwamucumukuza mu buryo ubwo ari bwo bwose, maze akandirira, sinzobura kwumva amaborogo yiwe+; 24  kandi ishavu ryanje rizorurumba koko+, kandi sinzogenda ntabicishije inkota, n’abagore banyu bagacika abapfakazi, abahungu banyu na bo bagacika impfuvyi+. 25  “Niwagurana amahera abantu banje, ukagurana umurushwa ari iruhande yawe+, ntuze umubere nk’uwuguranira kwunguka. Ntimuze mumwake inyungu+. 26  “Niwaramuka ufashe bwa ngwati impuzu ya mugenzawe+, ubwirizwa kuyimusubiza izuba rirenze. 27  Kuko ari yo yonyene afise yipfuka+. Ni umutamana wiwe wo gupfuka urukoba rwiwe. None azoryama mu ki? Azondirira, nanje sinzobura kumwumva, kuko ndi umunyempuhwe+. 28  “Ntugahamagarire akabi ku Mana+ canke ngo uvume umukuru wo mu bantu b’iwanyu+. 29  “Umwimbu wawe wose be n’umusesekara w’uruganiro rwawe ntukabitange ugonanwa+. Imfura mu bahungu bawe uze uyimpe+. 30  Uku ni ko uzogenza ishūri yawe n’intama yawe+: Mu misi indwi izogumana na nyina wayo+. Ku musi ugira umunani uze uyimpe. 31  “Kandi mukwiye kuba abantu beranda kuri jewe+; ntimuze murire mw’ishamba inyama y’icatabaguwe n’igikoko+. Muze mugiterere imbwa+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”