Kuvayo 16:1-36
16 Mu nyuma bava i Elimu+, maze ikoraniro ryose rya bene Isirayeli rirateba rishika mu gahinga ka Sini+ kari hagati ya Elimu na Sinayi, ku musi ugira cumi na gatanu w’ukwezi kugira kabiri, inyuma y’aho baviriye mu gihugu ca Misiri.
2 Nuko ikoraniro ryose rya bene Isirayeli ritangura kwidodombera Musa na Aroni mu gahinga+.
3 Kandi bene Isirayeli baguma bababwira ngo: “Iyo dupfuma twicwa+ n’ukuboko kwa Yehova mu gihugu ca Misiri tuciteretse za nkono z’inyama+, tucirira umukate tugahaga, kuko mwatuzanye muri aka gahinga kugira mwicishe ikigoyi iri shengero ryose+.”
4 Maze Yehova abwira Musa ati: “Ehe ngira ndabacuncuburire umukate uvuye mu majuru+; kandi abantu baze basohoke umwe wese atore urugero rwiwe ku musi ku musi+, kugira ndabageze ndabe ko bazogendera canke batazogendera mw’itegeko ryanje+.
5 Ku musi ugira gatandatu+ baze bategure ivyo bazoba batoye, kandi bize bingane incuro zibiri ivyo bahora batora ku musi ku musi+.”
6 Nuko Musa na Aroni babwira bene Isirayeli bose bati: “Ku mugoroba muraza kumenya vy’ukuri yuko ari Yehova yabakuye mu gihugu ca Misiri+.
7 Mu gitondo na ho muzobona koko ubuninahazwa bwa Yehova+, kuko yumvise imyidodombo mwidodombera Yehova. Nayo twebwe turi iki muko mutwidodombera?”
8 Musa abandanya ati: “Murabibona Yehova niyabaha ku mugoroba inyama zo kurya, mu gatondo na ho umukate murya mugahaga, kuko Yehova yumvise imyidodombo yanyu mumwidodombera. Nayo twebwe turi iki? Si twebwe mwidodombera, ahubwo ni Yehova+.”
9 Musa yongera kubwira Aroni ati: “Bwira ikoraniro ryose rya bene Isirayeli uti: ‘Nimwegere imbere ya Yehova, kuko yumvise imyidodombo yanyu+.’”
10 Aroni akimara kuvugana n’ikoraniro ryose rya bene Isirayeli, barahindukira baraba amaja mu gahinga, maze ubuninahazwa bwa Yehova buboneka mu gicu+.
11 Yehova yongera kubarira Musa ati:
12 “Numvise imyidodombo ya bene Isirayeli+. Babarire uti: ‘Hagati ya ya migoroba ibiri muzorya inyama, mu gitondo na ho muhage umukate+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu+.’”
13 Nuko ku mugoroba inkware+ zitangura kuduga, zirapfuka ikambi, mu gitondo na ho hari hatonze intimbatimba y’ikime hirya no hino y’ikambi+.
14 Mu nyuma nya ntimbatimba y’ikime iratumuka, ku buringanire bw’agahinga haca haboneka ibintu vy’utubarara tw’intimba ntonto+, intimba ntonto nk’utubarafu+ kw’isi.
15 Bene Isirayeli ngo babibone, batangura kubwirana bati: “Ibi ni ibiki?” Kuko batari bazi ivyo ari vyo. Musa aca ababwira ati: “Ni umukate Yehova abahaye ngo mufungure+.
16 Iri ni ryo jambo Yehova ategetse: ‘Nimutore kuri vyo, umwe wese bivanye n’ivyo ashoboye gufungura. Mubwirizwa gutora ingero ya omeri+ ku muntu umwumwe, hisunzwe igitigiri c’abantu umwe wese muri mwebwe afise mw’ihema ryiwe.’”
17 Bene Isirayeli batangura gukora kuno; barabitora, bamwe bakegeranya vyinshi abandi bakegeranya bikeyi.
18 Babipimye ku ngero ya omeri, uwari yegeranije vyinshi nta bisagutse yagira, n’uwari yegeranije bikeyi ntiyakehanirwa+. Babitora umwe wese bivanye n’ivyo ashoboye gufungura.
19 Maze Musa ababwira ati: “Ntihagire uwusigazako na bikeyi gushika mu gitondo+.”
20 Mugabo ntibumviriza Musa. Iyo hagize ababisigazako gushika mu gitondo, vyaca bivega inyo bikaduhuka+, ku buryo Musa abarakarira+.
21 Baza barabitora buri gitondo+, umwe wese bivanye n’ivyo ashoboye gufungura. Izuba rigamburuye, vyaca bishonga.
22 Hanyuma ku musi ugira gatandatu, batora umukate wiyongereye kabiri+, ingero zibiri za omeri ku muntu. Nuko abakuru bose b’iryo koraniro baraza, babimenyesha Musa.
23 Na we ababwira ati: “Ni vyo Yehova yavuze. Ejo hazoba ihimbazwa ry’isabato, ikazoba ari isabato nyeranda ya Yehova+. Ivyo mushoboye kwotsa mwotse, n’ivyo mushoboye guteka muteke+, ibisagutse vyose na vyo mubibike, mubizigame gushika mu gitondo.”
24 Nuko barabibika gushika mu gitondo, nk’uko Musa yari yategetse; kandi ntivyaduhutse canke ngo bizemwo inyo+.
25 Maze Musa avuga ati: “Nimubirye uno musi, kuko uno musi ari isabato+ kuri Yehova. Uno musi nta vyo muza gusanga mu gahinga.
26 Mu misi itandatu muzobitora, ariko ku musi ugira indwi ni isabato+. Kuri uwo musi nta bizokwiremarema.”
27 Ariko ku musi ugira indwi bamwe mu bantu barasohoka kubitora, mugabo ntibaronka namba.
28 Ku bw’ivyo Yehova abwira Musa ati: “Muzogeza ryari kwanka kugumya amabwirizwa yanje n’amategeko yanje+?
29 Mumenye yuko Yehova yabahaye isabato+. Ni co gituma ku musi ugira gatandatu abaha umukate w’imisi ibiri. Mugume mwicaye umwe wese iwe+. Ntihagire uwusohoka ngo ave aho ari ku musi ugira indwi.”
30 Hanyuma abantu batangura guhimbaza isabato ku musi ugira indwi+.
31 Inzu ya Isirayeli ica ivyita “manu*.” Kandi vyarera nk’imbuto y’agati kitwa gadi, akanovera kavyo na ko kari nk’ak’udutsima tubase turimwo ubuki+.
32 Maze Musa avuga ati: “Iri ni ryo jambo Yehova ategetse: ‘Nimuvyuzuze ingero ya omeri bibe ikintu co kuzigama mu mayaruka yanyu yose+, kugira babone umukate nabagaburiye mu gahinga igihe nari ndabakuye mu gihugu ca Misiri+.’”
33 Nuko Musa abwira Aroni ati: “Tora umubindi uwushiremwo omeri yuzuye manu, uwutereke imbere ya Yehova ube ikintu co kuzigama mu mayaruka yanyu yose+.”
34 Nk’uko Yehova yari yategetse Musa, Aroni awutereka imbere ya ca Gishingantahe*+, uba ikintu co kuzigama.
35 Nuko bene Isirayeli barya manu imyaka mirongo ine+, kugeza bashitse mu gihugu kibamwo abantu+. Manu ni yo bariye kugeza bashitse ku mupaka w’igihugu ca Kanani+.
36 Omeri rero ni ic’icumi c’ingero ya efa*.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Biboneka ko yari isandugu yakoreshwa nk’ubushinguro bwo kubika neza inzandiko zihambaye.
^ Efa yari ingero ingana n’amalitiro 22.