Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Kuvayo 15:1-27

15  Ico gihe Musa na bene Isirayeli batangura kuririmbira Yehova uru ruririmbo+, bati: “Reka ndirimbire Yehova, kuko ashizwe hejuru cane+. Ifarasi n’uwuyigendesha yajugunyiye mu kiyaga+.   Inkomezi zanje n’ubushobozi bwanje ni Ya*+, kuko ambera ubukiriro+. Iyi ni yo Mana yanje, nanje nzoyihaya+; ni Imana ya data+, nanje nzoyiduza hejuru+.   Yehova ni umugabo mu ntambara+. Yehova ni ryo zina ryiwe+.   Imikogote ya Farawo n’inteko ziwe za gisirikare yatereye mu kiyaga+, Abarwanyi biwe b’abahizi badwibiye mu kiyaga Gitukura+.   Amazi asuriranya yaciye abarengera+; bamanutse epfo ibwina nk’ibuye+.   Ukuryo kwawe, ewe Yehova, kurerekanye ko ari ukw’ubushobozi bukomeye+, Ukuryo kwawe, ewe Yehova, umwansi kurasavya+.   Mu bwinshi bw’ubukuru bwawe urashobora gucinya abagukurira hasi+; Urungika ishavu ryawe rirurumba, rikabarigata nk’ibishakara+.   Biciye ku mpemu zo mu mazuru yawe+, amazi yarundanye; Yahagaze nk’urugomero rw’isegenya; Amazi asuriranya yagumaraye mu nda y’ikiyaga*.   Umwansi yavuze ngo: ‘Ndabakurikirana+! Ndabahamvya+! Ndagabura isahu+! Umutima wanje urabahimba! Ndasokora inkota yanje! Ukuboko kwanje kurabirukana+!’ 10  Wahushe impemu zawe+, ikiyaga kirabapfuka+; Badwibiye nk’icuma* mu mazi y’agakomeye+. 11  Ni nde mu mana ameze nkawe ga Yehova+? Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko ukomeye mu bweranda+? Uwo gutinya+ no gushemeza mu ndirimbo+, Uwukora ibitangaza+. 12  Waramvuye ukuryo kwawe+, isi itangura kubamira+. 13  Mu buntu bwuzuye urukundo bwawe, wayoboye abantu wahabuje+; Mu nkomezi zawe, uzobarongōra koko ahantu heranda hawe uba+. 14  Ibisata vy’abantu bizokwumva+, bihagarike umutima+; Imisonga nk’iy’ukwibaruka+ izofata ababa mu Bufilisitiya. 15  Ico gihe abatware* ba Edomu bazohagarika umutima koko; Nayo za ntwazagitugu za Mowabu, ukujugumira kuzozifata+. Ababa i Kanani bose bazovunika umutima koko+. 16  Ivutu n’ukuranduka umutima bizobagwako+. Kubera ubukuru bw’ukuboko kwawe, bazoba abadakakaza nk’ibuye, Gushika abantu bawe+ barenganye, ewe Yehova, Gushika abantu wishiriyeho+ barenganye+. 17  Uzobazana ubateragire ku musozi w’intoranwa yawe+, Ahantu hashinzwe wateguye ngo uhabe+, ewe Yehova, Aheranda+, ewe Yehova, aho amaboko yawe yashinze. 18  Yehova azoganza igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+. 19  Hamwe amafarasi ya Farawo+ n’imikogote yiwe y’intambara n’abarwanira ku mafarasi biwe vyinjira mu kiyaga+, Ni ho Yehova yagarukana amazi y’ikiyaga kuri bo+, Mu gihe bene Isirayeli bo bagendagendera kw’isi yumutse baciye hagati mu kiyaga+.” 20  Hanyuma Miriyamu umuhanuzikazi, mushiki wa Aroni+, atora akagoma mu kuboko kwiwe+; maze abagore bose batangura gusohokana na we n’utugoma, batamba+. 21  Kandi Miriyamu yaguma yitabira+ abagabo ati: “Ririmbira Yehova+, kuko ashizwe hejuru cane+. Ifarasi n’uwuyigendesha yajugunyiye mu kiyaga+.” 22  Mu nyuma Musa akura Isirayeli ku kiyaga Gitukura maze barasohoka baja mu gahinga ka Shuri+, bagendagenda imisi itatu mu gahinga, mugabo ntibaronka amazi+. 23  Baraheza bashika i Mara+, mugabo ntibashobora kunywa amazi y’i Mara kuko yarura. Ni co catumye ahita Mara*+. 24  Abantu batangura kwidodombera Musa+, bati: “None tunywa iki?” 25  Maze aririra Yehova+. Nuko Yehova amwereka igiti, na we agiterera mu mazi, nya mazi aca araryoha+. Aho hantu Imana ibashingira ingingo nyobozi be n’ishingiro ry’urubanza, kandi irabageza+. 26  Ibandanya kuvuga ati: “Niwumviriza vy’ukuri ijwi rya Yehova Imana yawe, ugakora ibigororotse mu maso yiwe, kandi koko ugatega ugutwi amabwirizwa yiwe vyongeye ukagumya ingingo nyobozi ziwe zose+, nta n’imwe muri za ndwara nateza Abanyamisiri nzoguteza+; kuko ndi Yehova uwugukiza+.” 27  Inyuma y’ivyo bashika i Elimu, ahari imbizi z’amazi cumi na zibiri n’ibigazi mirongo irindwi+. Nuko bakambika ng’aho iruhande y’amazi.

Amakuru yiyongereye

“Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”
Ijambo ku rindi ni “mu mutima w’ikiyaga.”
Ni icuma c’isǎsu (plomb).
Ijambo ku rindi ni “abashehe.” Ijambo ry’igiheburayo bihuye rivuye kw’itsitso risobanura “igihumbi,” rikaba risobanura “indongozi y’igihumbi.”
Mara bisobanura ngo “umururazi.”