Kuvayo 12:1-51
12 Yehova abwira Musa na Aroni mu gihugu ca Misiri ati:
2 “Uku kwezi kuzobabera intango y’amezi. Kuzobabera ukwa mbere mu mezi y’umwaka+.
3 Bwira ikoraniro ryose rya Isirayeli muti: ‘Ku musi ugira cumi w’uku kwezi baze bitorere umwe wese intama+ ku bw’inzu ya ba sekuruza, intama kuri buri nzu.
4 Mugabo nimba nya rugo rubaye rutoyi cane kuri iyo ntama, uwo muntu rero hamwe n’umubanyi wiwe wo hafi baze bayijane mu nzu yiwe nk’uko igitigiri c’abantu kingana; mukwiye guharūra umwe wese hisunzwe ivyo ashobora gufungura ku bijanye n’iyo ntama.
5 Kuri mwebwe nya ntama ikwiye kuba iyitagira agahonzi+, isuguru, imaze umwaka+. Mushobora gutora mu mpfizi z’intama zikiri nto canke mu mpene.
6 Muze mugume muyizigamye gushika ku musi ugira cumi na kane w’uku kwezi+, kandi ishengero ryose ry’ikoraniro rya Isirayeli ribwirizwa kuyikerera hagati ya ya migoroba ibiri+.
7 Kandi baze batore makeyi ku maraso, bayamije ku bishimaryango uko ari bibiri no ku gice co hejuru y’umuryango w’amazu bazoyiriramwo+.
8 “‘Kandi babwirizwa kurya inyama zayo muri iryo joro+. Baze bazirye zitaze ku muriro, bazikoze udutsima tutarimwo umwambiro+ hamwe n’imboga zirura+.
9 Ntihagire izo murya kuri zo ari mbisi canke zitogotesheje canke zitetse mu mazi, ahubwo zibe zitaze ku muriro: umutwe uri kumwe n’amaguru* be n’ivyo mu nda.
10 Kandi ntihaze hagire izo musigaza kuri zo gushika mu gitondo, ariko izisigaye kuri zo gushika mu gitondo, mukwiye kuziturira n’umuriro+.
11 Kandi uku ni ko mukwiye kubirya: mukenyeye mu mafyinga+, inkweto*+ ziri ku birenge vyanyu, n’inkoni yanyu mu kuboko kwanyu; kandi mutegerezwa kubirya mwihuta. Ni pasika* ya Yehova+.
12 Nanje nzoca mu gihugu ca Misiri muri iryo joro+, nkubite imfura yose mu gihugu ca Misiri, uhereye ku muntu ugashika ku gitungwa+; kandi nzoshitsa imanza+ ku mana zose za Misiri. Ndi Yehova+.
13 Kandi nya maraso azoba ikimenyetso canyu ku mazu murimwo; nanje nzobona ayo maraso nce ndengana hejuru yanyu+, kandi icago ntikizobazako ngo kibahonye ninakubita igihugu ca Misiri.
14 “‘Kandi uyo musi uze ubabere icibutso, kandi mubwirizwa kuwuhimbaza bwa musi mukuru wa Yehova mu mayaruka yanyu yose. Mukwiye kuwuhimbaza bwa cagezwe gushika igihe kitagira urugero.
15 Mu misi indwi muze murye udutsima tutarimwo umwambiro. Egome, ku musi wa mbere muze mukure igicumbe gikāta mu mazu yanyu, kuko uwo wese azorya ivyambiwe, kuva ku musi wa mbere gushika ku wugira indwi+, uyo muntu ategerezwa kurandurwa muri Isirayeli+.
16 Kandi ku musi wa mbere muze mugire ihwaniro ryeranda, no ku musi ugira indwi ihwaniro ryeranda+. Nta gikorwa kizokorwa kuri iyo misi+. Ibijanye gusa n’ivyo umuntu wese akenera kurya, ivyo vyonyene ni vyo mushobora gukora+.
17 “‘Muze mugume mwubahiriza umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro+, kuko kuri uyo musi ari ho nzokura ingabo zanyu mu gihugu ca Misiri. Muze mugume mwubahiriza uyo musi mu mayaruka yanyu yose bwa cagezwe gushika igihe kitagira urugero.
18 Mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi, ku mugoroba muze murye udutsima tutarimwo umwambiro gushika ku musi ugira mirongo ibiri na rimwe w’ukwo kwezi, ku mugoroba+.
19 Mu misi indwi nta gicumbe gikāta gikwiye kuboneka mu mazu yanyu, kuko uwo wese azohonja ku cambiwe, yaba ari kavamahanga canke imvukira yo mu gihugu+, uyo muntu ategerezwa kurandurwa mw’ikoraniro rya Isirayeli+.
20 Nta kintu cambiwe muzorya. Aho muba hose muze murye udutsima tutarimwo umwambiro.’”
21 Buno nyene Musa ahamagara abagabo b’inararibonye bose ba Isirayeli+, ababwira ati: “Nimwirobanurire ibitungwa bitobito* nk’uko imiryango yanyu iri, muheze mukerere imbagwa ya pasika+.
22 Muze mukore agakama ka ezobu+, mugakoze muri ya maraso ari mw’ibesani, mumije makeyi ku gice co hejuru y’umuryango no ku bishimaryango uko ari bibiri. Nta n’umwe muri mwebwe akwiye gusohoka hanze y’ubwinjiriro bw’inzu yiwe gushika mu gitondo.
23 Maze Yehova niyanyuragira aje guteza ivyago Abanyamisiri akabona nya maraso ku gice co hejuru y’umuryango no ku bishimaryango uko ari bibiri, Yehova azorengana koko hejuru y’ubwinjiriro, kandi ntazoreka ngo agatikizo kinjire mu mazu yanyu kubahonya+.
24 “Muze mugume mwubahiriza ico kintu bwa ngingo nyobozi+, kuri mwebwe no ku bahungu banyu gushika igihe kitagira urugero+.
25 Kandi nimwinjira mu gihugu Yehova azobaha, nk’uko yavuze, muze mwame rero mukora ico gikorwa+.
26 Kandi abahungu banyu nibababwira bati: ‘Iki gikorwa gisobanura iki kuri mwebwe+?’,
27 muze mubabwire rero muti: ‘Ni ikimazi ca pasika ca Yehova+, uwarenganye hejuru y’amazu ya bene Isirayeli mu Misiri, igihe yateza ivyago Abanyamisiri mugabo akarokora amazu yacu.’”
Maze abantu barunama, bakubita inkoro hasi+.
28 Nuko bene Isirayeli baragenda, bakora nk’uko Yehova yari yategetse Musa na Aroni+. Bakora kuno nyene.
29 Hanyuma mu gicugu, Yehova yica imfura yose mu gihugu ca Misiri+, uhereye ku mfura ya Farawo yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami, ugashika ku mfura y’imbohe yari mu gasho, no ku gitungwa cose c’uburiza+.
30 Maze Farawo aravyuka mw’ijoro, we hamwe n’abasavyi biwe bose n’abandi Banyamisiri bose; hanyuma haba amaborogo akomeye mu Banyamisiri+, kuko ata nzu n’imwe itarimwo uwapfuye.
31 Ako kanya ahamagara+ Musa na Aroni mw’ijoro, maze avuga ati: “Haguruka, mumvire mu bantu, mwe n’abandi bene Isirayeli, mugende, mukorere Yehova, nk’uko mwavuze+.
32 Twara imikuku yanyu n’amasho yanyu, nk’uko mwavuze+, mugende. Kandi mutegerezwa kumpezagira.”
33 Abanyamisiri batangura guhutagiza abo bantu kugira babirukane ningoga+ bave mu gihugu, bavuga ngo: “kuko twese ari nk’aho twapfuye+!”
34 Ku bw’ivyo abo bantu baca batwara igicumbe cabo c’ifu imbere y’uko kijamwo umwambiro, hamwe n’ibikono vyabo vy’ugucumba bizingiriye mu mitamana yabo, babijana ku bitugu vyabo.
35 Nuko bene Isirayeli bagira nk’uko ijambo rya Musa ryavuze, basaba Abanyamisiri ibintu vy’ifeza n’ivy’inzahabu n’imitamana+.
36 Yehova na we aha abo bantu kugira ubutoni mu maso y’Abanyamisiri+, ku buryo bano babaha ivyo basavye+; bakoba Abanyamisiri+.
37 Bene Isirayeli rero bava i Ramesesi+ baja i Sukoti+, ari igitigiri c’abantu b’abagabo ibihumbi amajana atandatu bari ku maguru, hatarimwo abana batoyi+.
38 Kandi uruvange runini rw’abantu+ na rwo nyene rudugana na bo, hamwe n’imikuku n’amasho, umugwi w’ibitungwa vyinshi cane.
39 Hanyuma igicumbe c’ifu bari bakuye mu Misiri batangura kucotsamwo udutsima tw’umuzingi, udutsima tutarimwo umwambiro, kuko kitari catutumvye, kubera ko bari birukanywe mu Misiri ntibashobore gutebagana, kandi vyongeye akaba ata mpamba namba bari birondereye+.
40 Kandi igihe c’ugucumbika kwa bene Isirayeli, abari baracumbitse+ mu Misiri+, cabaye imyaka amajana ane na mirongo itatu+.
41 Hanyuma ya myaka amajana ane na mirongo itatu iheze, mbere kuri uyo musi nyene, ingabo za Yehova zose ziva mu gihugu ca Misiri+.
42 Ni ijoro ryo guhimbaza ku bijanye na Yehova, kuba yabakuye mu gihugu ca Misiri. Ku bijanye na Yehova, iryo joro ni iryo guhimbazwa na bene Isirayeli bose mu mayaruka yabo yose+.
43 Yehova yongera kubwira Musa na Aroni ati: “Iki ni co cagezwe ca pasika+: Nta munyamahanga ashobora kuyiryako+.
44 Mugabo ahari umushumba w’umugabo yaguzwe amahera, utegerezwa kumugenyera+. Aho ni ho rero ashobora kuyiryako.
45 Inyambukira be n’umucangero ntibashobora kuyiryako.
46 Ize iririrwe mu nzu imwe. Ntimuze mugire inyama zayo mukura mu nzu ngo muzijane ahantu kanaka hanze. Kandi ntimuze mumene igufa ryayo na rimwe+.
47 Ikoraniro rya Isirayeli ryose ribwirizwa kuyihimbaza+.
48 Mu gihe kavamahanga abanye nawe ari kavamahanga, kandi vy’ukuri akaba ashaka guhimbariza pasika Yehova, uw’igitsina-gabo wese mu biwe nagenyerwe+. Maze rero arashobora kwegera akayihimbaza; aze acike nk’imvukira y’ico gihugu. Ariko nta mugabo atagenyerewe ashobora kuyiryako.
49 Habwirizwa kubaho itegeko rimwe ku mvukira no kuri kavamahanga abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe+.”
50 Nuko bene Isirayeli bose bagira nk’uko Yehova yari yategetse Musa na Aroni. Bakora kuno nyene+.
51 Hanyuma kuri uwo musi nyene Yehova akura bene Isirayeli mu gihugu ca Misiri kumwe n’ingabo zabo+.
Utujambo tw'epfo
^ Ayo maguru avugwa ni ibice vyayo vyo hepfo.
^ Canke, “amasandali.”
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Canke, “mwitorere intama n’impene.”