Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Kuvayo 10:1-29

10  Maze Yehova abwira Musa ati: “Injira kwa Farawo, kuko jewe naretse umutima wiwe n’imitima y’abasavyi biwe bigakomantara+, kugira nshire ibi bimenyetso vyanje imbere yiwe+,  no kugira umenyeshe mu matwi y’umuhungu wawe n’umuhungu w’umuhungu wawe ingene nakariye Misiri, be n’ibimenyetso vyanje nakoreye muri bo+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova+.”  Nuko Musa na Aroni binjira kwa Farawo, bamubwira bati: “Ibi ni vyo Yehova Imana y’Abaheburayo avuze: ‘Uzogeza ryari kwanka kunyobokera+? Rekura abantu banje bankorere.  Kuko niwaguma wanka kurekura abantu banje, ehe ngira nzane inzige hagati y’imbibe zawe ejo+.  Zizopfuka koko uburinganire bw’isi buboneka, kandi isi ntizoshobora kuboneka. Zizorigata koko n’utwari twasigaye, utwo mwasigarijwe n’urubura; emwe, zizorya igiti canyu cose kinaga mw’itongo+.  Zizokwuzura amazu yawe n’amazu y’abasavyi bawe bose n’amazu yose ya Misiri iyo iva ikagera, ku rugero ba so na ba sogokuru batigeze babona kuva umusi babayeho ku butaka gushika n’uyu musi+.’” Aca arahindukira, arasohoka ava kwa Farawo+.  Inyuma y’ivyo abasavyi ba Farawo bamubwira bati: “Uyu muntu azogeza ryari kutubera umutego+? Rekura aba bagabo bagende, bakorere Yehova Imana yabo. Mbega nturamenya ko Misiri yayogeye+?”  Nuko Musa na Aroni bagarukanwa kwa Farawo, na we ababwira ati: “Genda, mukorere Yehova Imana yanyu+. Hazogenda bande na bande?”  Maze Musa avuga ati: “Tuzojana n’urwaruka rwacu n’abasaza bacu. Tuzojana n’abahungu bacu n’abakobwa bacu+, n’intama zacu n’inka zacu+, kuko dufise umusi mukuru wa Yehova+.” 10  Na we ababwira ati: “Nkabarekura ngo mujane n’abana banyu batoyi, emwe, Yehova azoba ari kumwe namwe+! Raba, ahubwo ikibi ni co mugamije+. 11  Ntibishoboka! Ndabinginze, mugende, mwebwe abantu b’abagabo, mukorere Yehova, kuko ari co murondera.” Baca barabirukana imbere ya Farawo+. 12  Buno Yehova abwira Musa ati: “Ramvurira+ ukuboko kwawe hejuru y’igihugu ca Misiri haze inzige, ziduge hejuru ku gihugu ca Misiri, zirigate ibimera vyose vy’ico gihugu, ikintu cose urubura rwasigaje+.” 13  Ako kanya Musa aramvurira inkoni yiwe hejuru y’igihugu ca Misiri, Yehova aca ahuhutisha umuyaga wo mu buseruko+ ku gihugu uwo musi wose n’ijoro ryose. Bukeye nya muyaga wo mu buseruko uzana inzige. 14  Maze nya nzige zitangura kuduga ku gihugu cose ca Misiri, zigwa ku karere kose ka Misiri+. Zari ubugesera+. Imbere yazo ntihari bwigere haboneka izimeze nka zo muri ubwo buryo, kandi ntihazokwigera haboneka izimeze nka zo muri ubwo buryo mu nyuma yazo. 15  Nuko zipfuka uburinganire buboneka bw’igihugu cose+, ico gihugu gicura umwiza+; zirigata ibimera vyose vy’ico gihugu n’ivyamwa vyose vy’ibiti urubura rwari rwasigaje+. Ntihasigaye ikintu na kimwe gitoto ku biti canke ku bimera vyo mw’ishamba mu gihugu cose ca Misiri+. 16  Nuko Farawo ahamagara ningoga Musa na Aroni, avuga ati: “Nacumuye kuri Yehova Imana yanyu no kuri mwebwe+. 17  Ubu rero, ndabinginze, mubabarire+ igicumuro canje iri rimwe gusa, mwinginge+ Yehova Imana yanyu ankureko gusa iki cago cica.” 18  Nuko arasohoka ava kwa Farawo araheza yinginga Yehova+. 19  Maze Yehova ahindura nya muyaga, uba umuyaga ukomeye wo mu burengero, utwara za nzige uzisuka mu kiyaga Gitukura. Nta n’uruzige rumwe rwasigaye mu karere kose ka Misiri. 20  Ariko Yehova arareka umutima wa Farawo ucika intabarirwa+, ntiyarekura bene Isirayeli. 21  Maze Yehova abwira Musa ati: “Ramvura ukuboko kwawe werekeza mu majuru+, umwiza uze ku gihugu ca Misiri, umwiza ushobora gukorakorwa.” 22  Musa buno nyene aramvura ukuboko kwiwe yerekeza mu majuru, maze umwiza w’umuzimagiza utangura kuza mu gihugu cose ca Misiri kumara imisi itatu+. 23  Nta wabona uwundi, eka nta n’umwe muri bo yahaguruka ngo ave aho ari, imisi itatu; ariko kuri bene Isirayeli bose, aho baba hari umuco+. 24  Inyuma y’ivyo Farawo ahamagara Musa, avuga ati: “Genda, mukorere Yehova+. Intama zanyu n’inka zanyu ni vyo gusa bitazorekurwa. Abana banyu batoyi na bo nyene barashobora kujana namwe+.” 25  Ariko Musa avuga ati: “Wewe ubwawe ni we uzoshira kandi mu maboko yacu ibimazi n’amashikanwa aturirwa, kuko dutegerezwa kubishikanira Yehova Imana yacu+. 26  Ibitungwa vyacu na vyo nyene tuzojana+. Nta n’ikinono kizosigara, kuko ari vyo tuzokuramwo ivyo gukoresha mu gusenga Yehova Imana yacu+, kandi ubwacu ntituzi ivyo tuzoshikana mu gusenga Yehova tutarashikayo+.” 27  Ariko Yehova areka umutima wa Farawo ucika intabarirwa, ntiyemera kubarekura+. 28  Nuko Farawo amubwira ati: “Mva imbere+! Kandi uragaba! Ntugerageze kwongera kubona mu maso hanje, kuko umusi wasubiye kubona mu maso hanje uzopfa+.” 29  Kuri ivyo Musa avuga ati: “Uko uvuze ni ukwo. Sinzosubira kugerageza kubona mu maso hawe+.”

Amakuru yiyongereye