Ivyakozwe 9:1-43
9 Mugabo Sauli, agipfuhagira iterabwoba n’ubwicanyi+ ku bigishwa+ b’Umukama, aja ku muherezi mukuru,
2 amusaba amakete ajana ku masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo abo abonye bose bo muri Ya Nzira+ abazane i Yeruzalemu baboshe, abagabo n’abagore.
3 Buno ariko aragenda, yegereza i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru urabiriza giturumbuka hirya no hino yiwe+,
4 agwa hasi maze yumva ijwi rimubwira riti: “Sauli, Sauli, umpamira iki+?”
5 Avuga ati: “Uri nde ga Mukama?” Na we ati: “Ndi Yezu, uwo uriko urahama+.
6 Yamara rero, haguruka+ winjire mu gisagara, ico utegerezwa gukora na co uzokibwirwa.”
7 Ico gihe abagabo bari bafatanije na we urugendo+ bari bahagaze badakurako umunwa+, bakumva koko umusamīro w’ijwi+, mugabo ntihagire umuntu n’umwe babona.
8 Mugabo Sauli ava hasi, kandi naho amaso yiwe yakanura nta kintu na kimwe yabona+. Nuko bamufata ukuboko bamujana i Damasiko.
9 Amara imisi itatu ata kintu na kimwe abona+, atarya canke ngo anywe.
10 I Damasiko hari umwigishwa umwe yitwa Ananiya+, maze Umukama amubwira mw’iyerekwa ati: “Ananiya!” Na we ati: “Ndi hano, Mukama.”
11 Umukama amubwira ati: “Haguruka, ugende kw’ibarabara ryitwa Irigororotse, hanyuma ku nzu ya Yuda urondere umuntu yitwa Sauli w’i Taruso+. Kuko, ehe ariko arasenga,
12 kandi mw’iyerekwa, yabonye umugabo yitwa Ananiya yinjira akamurambikako ibiganza kugira ahumuke+.”
13 Mugabo Ananiya yishura ati: “Mukama, narumvise kuri benshi ivy’uwo mugabo, ibibi vyose yakoreye aberanda bawe i Yeruzalemu.
14 Kandi ino arafise ububasha yahawe n’abakuru b’abaherezi bwo gushira mu mvuto abo bose bambaza izina ryawe+.”
15 Mugabo Umukama amubwira ati: “Genda, kubera ko uwo muntu ari icombo nitoreye+ ngo ashingire intahe izina ryanje ku mahanga+ no ku bami+ no kuri bene Isirayeli.
16 Kuko nzomwereka neza ibintu vyose bitegerezwa kumushikira ku bw’izina ryanje+.”
17 Nuko Ananiya aragenda, yinjira muri nya nzu, amurambikako ibiganza, hanyuma avuga ati: “Sauli, mwene wacu, Umukama, umwe Yezu yakubonekera kuri ya nzira wariko urazanana, yantumye, kugira ngo uhumuke wongere wuzuzwe impwemu nyeranda+.”
18 Buno nyene ivyasa n’ibigaragamba birakoroka bivuye ku maso yiwe, aca arahumuka; nuko arahaguruka, arabatizwa,
19 hanyuma arafungura araheza aronka inguvu+.
Amarana imisi n’abigishwa i Damasiko+,
20 buno nyene aca atangura kwamamaza Yezu mu masinagogi+, yuko Uyo ari Umwana w’Imana.
21 Mugabo abamwumva bose barajongoroka bakavuga bati: “Mbega uyo si umwe yayogeza+ ab’i Yeruzalemu bambaza iryo zina, akaba kandi yari yaje ino ari co nyene kimuzanye, kugira abajane baboshe ku bakuru b’abaherezi+?”
22 Mugabo Sauli yaguma arushiriza kuronka ububasha, vyongeye akamaramaza Abayuda baba i Damasiko mu kwemeza mu buryo bwumvikana yuko uyo ari Kristu+.
23 Maze imisi itari mike iri mu guhera, Abayuda baja inama yo kumwica+.
24 Ariko Sauli amenya umugambi mubi bamugiriye. Mugabo n’amarembo baguma bayareretse bavyitondeye ku murango no mw’ijoro kugira bamwice+.
25 Nuko abigishwa biwe baramufata bamwururutsa mw’ijoro bamucishije mu gitoboro c’uruhome, bamwururukiriza mu giseke+.
26 Ashitse i Yeruzalemu+ agerageza kwifatanya n’abigishwa; mugabo bose baramutinya, kubera ko batemera ko ari umwigishwa.
27 Nuko Barunaba aramufasha+, amujana ku ntumwa, na we azidondera ingene ku nzira yari yabonye Umukama+ be n’uko uno yari yavuganye na we+, be n’ingene i Damasiko+ yari yavuganye ubutinyutsi mw’izina rya Yezu.
28 Agumana na bo, yinjira yongera asohoka i Yeruzalemu, avugana ubutinyutsi mw’izina ry’Umukama+;
29 kandi yaraganira yongera aharira n’Abayuda bavuga ikigiriki. Mugabo bano barondera kumwica+.
30 Aho bene wacu babimenyeye, bamumanukana i Sezariya hanyuma bamurungika i Taruso+.
31 Maze koko ishengero+, i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya hose, rija mu kiringo c’amahoro, rirubakwa; kandi kubera ko ryagendera mu gutinya Yehova+ no mu ruhoza rw’impwemu nyeranda+, ryaguma rigwira.
32 Igihe Petero yariko aca mu mihingo yose, amanuka no ku beranda baba i Luda+.
33 Ahasanga umuntu umwe yitwa Eneya, yari amaze imyaka umunani arambaraye ku nderuzo yiwe, kubera yari amugaye.
34 Petero amubwira+ ati: “Eneya, Yezu Kristu aragukijije+. Haguruka usase igitanda cawe.” Na we buno nyene aca arahaguruka.
35 Kandi ababa i Luda no mu kiyaya ca Sharoni+ bose baramubona, hanyuma bano bahindukirira Umukama+.
36 Mugabo i Yopa+ hari umwigishwa yitwa Tabita, rikaba risobanura ngo: Doruka. Yari agwije ibikorwa vyiza+, agafasha cane aboro.
37 Mugabo muri iyo misi ararwara, hanyuma arapfa. Nuko baramwuhagira, baraheza bamushira mu cumba co hejuru.
38 Maze kubera ko i Luda hari hafi y’i Yopa+, aho abigishwa bumviye ko Petero ari muri ico gisagara bamutumako abagabo babiri ngo bamwinginge bati: “Turakwinginze ntugonanwe gushika iwacu.”
39 Petero aca arahaguruka ajana na bo. Hanyuma ashitse, bamudugana muri ca cumba co hejuru; maze abapfakazi bose baza kuri we barira bongera berekana impuzu z’imbere n’impuzu zo hejuru+ Doruka yahora akora akiri kumwe na bo+.
40 Mugabo Petero asohora abantu bose+, hanyuma arapfukama, arasenga, maze arahindukira araba ca kiziga, avuga ati: “Tabita, haguruka!” Na we ateranura amaso, maze abonye Petero, aricara+.
41 Amuha ukuboko, aramuhagurutsa+, hanyuma ahamagara aberanda n’abapfakazi, amubashikiriza ari muzima+.
42 Ivyo biramenyekana i Yopa hose, kandi benshi bacika abemera Umukama+.
43 Aguma imisi itari mike i Yopa+ ku witwa Simoni, umuhinguzi w’inshato+.