Ivyakozwe 9:1-43

9  Mugabo Sauli, agipfuhagira iterabwoba n’ubwicanyi+ ku bigishwa+ b’Umukama, aja ku muherezi mukuru,  amusaba amakete ajana ku masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo abo abonye bose bo muri Ya Nzira+ abazane i Yeruzalemu baboshe, abagabo n’abagore.  Buno ariko aragenda, yegereza i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru urabiriza giturumbuka hirya no hino yiwe+,  agwa hasi maze yumva ijwi rimubwira riti: “Sauli, Sauli, umpamira iki+?”  Avuga ati: “Uri nde ga Mukama?” Na we ati: “Ndi Yezu, uwo uriko urahama+.  Yamara rero, haguruka+ winjire mu gisagara, ico utegerezwa gukora na co uzokibwirwa.”  Ico gihe abagabo bari bafatanije na we urugendo+ bari bahagaze badakurako umunwa+, bakumva koko umusamīro w’ijwi+, mugabo ntihagire umuntu n’umwe babona.  Mugabo Sauli ava hasi, kandi naho amaso yiwe yakanura nta kintu na kimwe yabona+. Nuko bamufata ukuboko bamujana i Damasiko.  Amara imisi itatu ata kintu na kimwe abona+, atarya canke ngo anywe. 10  I Damasiko hari umwigishwa umwe yitwa Ananiya+, maze Umukama amubwira mw’iyerekwa ati: “Ananiya!” Na we ati: “Ndi hano, Mukama.” 11  Umukama amubwira ati: “Haguruka, ugende kw’ibarabara ryitwa Irigororotse, hanyuma ku nzu ya Yuda urondere umuntu yitwa Sauli w’i Taruso+. Kuko, ehe ariko arasenga, 12  kandi mw’iyerekwa, yabonye umugabo yitwa Ananiya yinjira akamurambikako ibiganza kugira ahumuke+.” 13  Mugabo Ananiya yishura ati: “Mukama, narumvise kuri benshi ivy’uwo mugabo, ibibi vyose yakoreye aberanda bawe i Yeruzalemu. 14  Kandi ino arafise ububasha yahawe n’abakuru b’abaherezi bwo gushira mu mvuto abo bose bambaza izina ryawe+.” 15  Mugabo Umukama amubwira ati: “Genda, kubera ko uwo muntu ari icombo nitoreye+ ngo ashingire intahe izina ryanje ku mahanga+ no ku bami+ no kuri bene Isirayeli. 16  Kuko nzomwereka neza ibintu vyose bitegerezwa kumushikira ku bw’izina ryanje+.” 17  Nuko Ananiya aragenda, yinjira muri nya nzu, amurambikako ibiganza, hanyuma avuga ati: “Sauli, mwene wacu, Umukama, umwe Yezu yakubonekera kuri ya nzira wariko urazanana, yantumye, kugira ngo uhumuke wongere wuzuzwe impwemu nyeranda+.” 18  Buno nyene ivyasa n’ibigaragamba birakoroka bivuye ku maso yiwe, aca arahumuka; nuko arahaguruka, arabatizwa, 19  hanyuma arafungura araheza aronka inguvu+. Amarana imisi n’abigishwa i Damasiko+, 20  buno nyene aca atangura kwamamaza Yezu mu masinagogi+, yuko Uyo ari Umwana w’Imana. 21  Mugabo abamwumva bose barajongoroka bakavuga bati: “Mbega uyo si umwe yayogeza+ ab’i Yeruzalemu bambaza iryo zina, akaba kandi yari yaje ino ari co nyene kimuzanye, kugira abajane baboshe ku bakuru b’abaherezi+?” 22  Mugabo Sauli yaguma arushiriza kuronka ububasha, vyongeye akamaramaza Abayuda baba i Damasiko mu kwemeza mu buryo bwumvikana yuko uyo ari Kristu+. 23  Maze imisi itari mike iri mu guhera, Abayuda baja inama yo kumwica+. 24  Ariko Sauli amenya umugambi mubi bamugiriye. Mugabo n’amarembo baguma bayareretse bavyitondeye ku murango no mw’ijoro kugira bamwice+. 25  Nuko abigishwa biwe baramufata bamwururutsa mw’ijoro bamucishije mu gitoboro c’uruhome, bamwururukiriza mu giseke+. 26  Ashitse i Yeruzalemu+ agerageza kwifatanya n’abigishwa; mugabo bose baramutinya, kubera ko batemera ko ari umwigishwa. 27  Nuko Barunaba aramufasha+, amujana ku ntumwa, na we azidondera ingene ku nzira yari yabonye Umukama+ be n’uko uno yari yavuganye na we+, be n’ingene i Damasiko+ yari yavuganye ubutinyutsi mw’izina rya Yezu. 28  Agumana na bo, yinjira yongera asohoka i Yeruzalemu, avugana ubutinyutsi mw’izina ry’Umukama+; 29  kandi yaraganira yongera aharira n’Abayuda bavuga ikigiriki. Mugabo bano barondera kumwica+. 30  Aho bene wacu babimenyeye, bamumanukana i Sezariya hanyuma bamurungika i Taruso+. 31  Maze koko ishengero+, i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya hose, rija mu kiringo c’amahoro, rirubakwa; kandi kubera ko ryagendera mu gutinya Yehova+ no mu ruhoza rw’impwemu nyeranda+, ryaguma rigwira. 32  Igihe Petero yariko aca mu mihingo yose, amanuka no ku beranda baba i Luda+. 33  Ahasanga umuntu umwe yitwa Eneya, yari amaze imyaka umunani arambaraye ku nderuzo yiwe, kubera yari amugaye. 34  Petero amubwira+ ati: “Eneya, Yezu Kristu aragukijije+. Haguruka usase igitanda cawe.” Na we buno nyene aca arahaguruka. 35  Kandi ababa i Luda no mu kiyaya ca Sharoni+ bose baramubona, hanyuma bano bahindukirira Umukama+. 36  Mugabo i Yopa+ hari umwigishwa yitwa Tabita, rikaba risobanura ngo: Doruka. Yari agwije ibikorwa vyiza+, agafasha cane aboro. 37  Mugabo muri iyo misi ararwara, hanyuma arapfa. Nuko baramwuhagira, baraheza bamushira mu cumba co hejuru. 38  Maze kubera ko i Luda hari hafi y’i Yopa+, aho abigishwa bumviye ko Petero ari muri ico gisagara bamutumako abagabo babiri ngo bamwinginge bati: “Turakwinginze ntugonanwe gushika iwacu.” 39  Petero aca arahaguruka ajana na bo. Hanyuma ashitse, bamudugana muri ca cumba co hejuru; maze abapfakazi bose baza kuri we barira bongera berekana impuzu z’imbere n’impuzu zo hejuru+ Doruka yahora akora akiri kumwe na bo+. 40  Mugabo Petero asohora abantu bose+, hanyuma arapfukama, arasenga, maze arahindukira araba ca kiziga, avuga ati: “Tabita, haguruka!” Na we ateranura amaso, maze abonye Petero, aricara+. 41  Amuha ukuboko, aramuhagurutsa+, hanyuma ahamagara aberanda n’abapfakazi, amubashikiriza ari muzima+. 42  Ivyo biramenyekana i Yopa hose, kandi benshi bacika abemera Umukama+. 43  Aguma imisi itari mike i Yopa+ ku witwa Simoni, umuhinguzi w’inshato+.

Utujambo tw'epfo