Ivyakozwe 8:1-40
8 Nayo Sauli, yari ashigikiye iyicwa ryiwe+.
Kuri uwo musi havyuka uruhamo rukomeye+ kw’ishengero ryari i Yeruzalemu; bose kiretse intumwa barasanzara+ mu ntara za Yudaya na Samariya.
2 Mugabo abagabo batinya Imana bajana Sitefano kumuhamba+, baramuririra cane+.
3 Ariko Sauli atangura gutikiza ishengero. Yitera mu nzu no mu yindi, aburutira hanze abagabo n’abagore, akabatwara mw’ibohero+.
4 Ariko abari basanzajwe, baca mu gihugu bamenyesha inkuru nziza y’ijambo ry’Imana+.
5 Filipo we, amanuka mu gisagara ca Samariya+, atangura kwamamaza Kristu kuri bo.
6 Amasinzi, ahuje inama, yariko aratega yompi ibivugwa na Filipo, bumviriza bongera baraba ibimenyetso yariko arakora.
7 Kuko benshi barimwo impwemu zihumanye+, zino zigasemerera n’ijwi rirenga maze zigasohoka. Vyongeye, abantu benshi bamugaye+ n’abacumbagira barakizwa.
8 Nuko haba akanyamuneza kenshi muri ico gisagara+.
9 Ico gihe muri ico gisagara hariho umugabo umwe yitwa Simoni, imbere yaho akaba yagira ivy’amageza+ akumiza ihanga rya Samariya, akavuga yuko we ubwiwe yari umuntu ahambaye+.
10 Kandi bose, kuva ku muto wo hanyuma y’abandi gushika ku wuhambaye kuruta abandi, baramutega yompi bakavuga bati: “Uyu muntu ni Ububasha bw’Imana, ubushobora kwitwa Ubuhambaye.”
11 Baramutega yompi rero kubera ko yari amaze igihe kitari gito abumiza n’amageza yiwe.
12 Mugabo aho bemereye ivyo Filipo avuga, uno akaba yariko amenyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana+ be n’iy’izina rya Yezu Kristu, barabatizwa, abagabo n’abagore+.
13 Na Simoni ubwiwe acika uwemera, kandi amaze kubatizwa yamana na Filipo+; kandi yarumizwa no kubona ibimenyetso n’ibikorwa vy’ububasha bikomeye vyaba.
14 Aho intumwa i Yeruzalemu zumviye yuko Samariya yemeye ijambo ry’Imana+, zituma Petero na Yohani kuri bo;
15 bano na bo baramanuka barabasengera ngo baronke impwemu nyeranda+.
16 Kuko muri bo ata we impwemu yari bwazeko, mugabo bari babatijwe gusa mw’izina ry’Umukama Yezu+.
17 Maze babarambikako ibiganza+, hanyuma batangura kuronka impwemu nyeranda.
18 Maze aho Simoni aboneye yuko abo intumwa zirambitseko ibiganza baronka impwemu, agomba kuziha amahera+,
19 avuga ati: “Nimumpe nanje ubwo bubasha, kugira ngo umuntu wese ndambitseko ibiganza aronke impwemu nyeranda.”
20 Mugabo Petero amubwira ati: “Amafeza yawe aragapfana nawe, kubera ko wiyumviriye kuronka ingabirano ya gusa y’Imana biciye ku mahera+.
21 Nta n’akagabane canke agahimba ufise muri ibi bintu, kuko umutima wawe utagororotse imbere y’Imana+.
22 Niwigaye ubwo bubi bwawe rero, kandi utakambire Yehova+ kugira ngo, nimba bishoboka, ubabarirwe uwo mugambi mubi wo mu mutima wawe;
23 kuko ndabona yuko wewe uri indurwe y’ubumara+ n’imbohe* y’ibitagororotse+.”
24 Simoni yishura ati: “Nimuntakambire kuri Yehova mwebwe+, ntihagire na kimwe mu vyo muvuze kinzako.”
25 Nuko rero, bamaze gushinga intahe bimwe binogangije no kuvuga ijambo rya Yehova, basubira i Yeruzalemu, bamenyesha inkuru nziza ibigwati vyinshi vy’Abasamariya+.
26 Ariko umumarayika wa Yehova+ avugana na Filipo, ati: “Haguruka uje mu bumanuko ku nzira imanuka iva i Yeruzalemu ija i Gaza.” (Iyo ni inzira yo mu bugaragwa.)
27 Kuri ivyo arahaguruka aragenda, maze, ehe inkone*+ y’Umunyetiyopiya+, umuntu w’ububasha yakorera Kanidake umwamikazi w’Abanyetiyopiya, akaba kandi ari we yari ashinzwe itunga ryiwe ryose. Yari yagiye i Yeruzalemu gusenga+,
28 mugabo yari agarutse akaba yari yicaye mu mukogote wiwe, ariko asoma n’ijwi ryumvikana ivyanditswe n’umuhanuzi Yesaya+.
29 Nuko impwemu nyeranda ibwira+ Filipo iti: “Egera ujane n’uyo mukogote.”
30 Filipo arirukanga hambavu, amwumva asoma ivyanditswe na Yesaya umuhanuzi n’ijwi ryumvikana, avuga ati: “Uratahura vy’ukuri ivyo uriko urasoma?”
31 Na we ati: “Mu vy’ukuri, noshobora gute kubitahura hatagize uwundongōra?” Aca yinginga Filipo ngo yurire yicarane na we.
32 Buno igisomwa c’Icanditswe yariko arasoma n’ijwi ryumvikana cari iki: “Nka kurya kw’intama, ni ko yazanywe mw’ibagiro, kandi nka kurya kw’umwagazi w’intama utavuga imbere y’umukemuzi wawo, ni ko adakurako umunwa+.
33 Mu gihe c’uguteterezwa kwiwe urubanza rubereye yararukuweko+. Ni nde azodonda amamuko yiwe*? Kubera ko ubuzima bwiwe bukuwe kw’isi+.”
34 Nya nkone yishura Filipo iti: “Ndakwinginze umbwire: Ibi umuhanuzi abivuga kuri nde? Kuri we nyene canke ku wundi muntu?”
35 Filipo ateranura akanwa+, ahera kuri ico Canditswe+, amumenyesha inkuru nziza yerekeye Yezu.
36 Bariko baragenda muri iyo nzira, bashikira ikidengeri c’amazi, hanyuma nya nkone ivuga iti: “Ehe ikidengeri c’amazi; ni igiki kimbuza kubatizwa+?”
37 * ——
38 Aca ategeka wa mukogote guhagarara, bompi bamanuka mu mazi, Filipo be na nya nkone; araheza arayibatiza.
39 Bamaze kuduga bavuye mu mazi, impwemu ya Yehova itwara Filipo ningoga+, nya nkone na yo ntiyaba ikimubona, kuko yabandanije urugendo inezerewe.
40 Mugabo Filipo aboneka ari i Ashidodi, hanyuma aca muri ako karere aguma amenyesha+ inkuru nziza ibisagara vyose kugeza ashitse i Sezariya+.
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “umugozi.”
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Ijambo ku rindi ni “iyaruka ryiwe.”
^ Uyu murongo uraboneka mu mpinduro zimwezimwe za Bibiliya, mugabo ntuboneka mu vyandiko vy’iminwe bikurubikuru vy’ikigiriki vya kera binyuranye.