Ivyakozwe 7:1-60
7 Mugabo umuherezi mukuru avuga ati: “Ivyo ni ko biri?”
2 Na we ati: “Bagabo, bene wacu na ba data, nimwumve. Imana y’ubuninahazwa+ yarabonekeye sogokuruza wacu Aburahamu igihe yari i Mezopotamiya, imbere y’uko agerera i Harani+,
3 imubwira iti: ‘Va mu gihugu cawe no mu ncuti zawe uze mu gihugu nzokwereka+.’
4 Maze ava mu gihugu c’Abakaludaya, agerera i Harani. Se wiwe amaze gupfa+, Imana imukura ng’aho, ituma yimuka ngo agerere muri iki gihugu mubamwo ubu+.
5 Yamara nta tongo ry’intoranwa yamuhaye muri co, oya, habe n’ahangana n’ubwaguke bw’ikirenge+; mugabo yasezeranye kukimuha ngo kimubere inyegu+, kandi hanyuma yiwe gihabwe uruvyaro rwiwe+, kandi ata mwana yari bwagire+.
6 Vyongeye, kuri ivyo Imana yavuze yuko uruvyaro rwiwe rwobaye kavamahanga+ mu gihugu kinyamahanga+ kandi abantu baho bakabagira abaja bakongera bakabateza amarushwa imyaka amajana ane+.
7 ‘Kandi iryo hanga bazoshumbira nzoricira urubanza+,’ ni ko Imana yavuze, ‘kandi mu nyuma bazovayo bankorere igikorwa ceranda aha hantu+.’
8 “Yamuhaye kandi isezerano ry’ukugenyerwa+; nuko avyara Izahaki+ hanyuma aramugenyera ku musi ugira umunani+, Izahaki avyara Yakobo, Yakobo na we avyara ba bakuru b’imiryango cumi na babiri+.
9 Nya bakuru b’imiryango bagirira ishari+ Yozefu, bamugurisha mu Misiri+. Mugabo Imana yari kumwe na we+,
10 hanyuma imurokora mu makuba yiwe yose yongera imuha igikundiro n’ubukerebutsi mu maso ya Farawo umwami wa Misiri. Na we yamushinze kuganza Misiri n’inzu yiwe yose+.
11 Mugabo ikigoyi gitera mu Misiri hose n’i Kanani, emwe, amakuba akomeye; kandi ba sogokuruza bacu ntibaronka ibiribwa+.
12 Mugabo Yakobo yumva ko mu Misiri hari ivyo kurya+, aca atumayo ba sogokuruza bacu ubwa mbere+.
13 Ubwa kabiri Yozefu yimenyesha bene wabo+; ubwoko bwa Yozefu buca buramenyekana kuri Farawo+.
14 Nuko Yozefu atumako Yakobo se wiwe n’incuti ziwe zose ngo bave aho hantu+, bakaba bari abantu mirongo irindwi na batanu+.
15 Yakobo amanuka mu Misiri+. Hanyuma arasandaba+; na ba sogokuruza bacu biba ukwo+,
16 baraheza bimurirwa i Shekemu+ hanyuma baryamikwa mu mva+ Aburahamu yari yaguze amafeza na bene Hamori i Shekemu+.
17 “Igihe kiriko kiregereza c’uko umuhango Imana yari yahaye Aburahamu icese uranguka, nya bantu barongerekana, baragwira mu Misiri+,
18 gushika aho hahagurukiye uwundi mwami aganza Misiri, atari azi ivya Yozefu+.
19 Uyo yakoresheje urwenge rwa politike mu kurwanya ubwoko bwacu+, ahatira ku karenganyo ba se ngo bashire ahabona inzoya zabo, ngo ntizizigamirwe ubuzima+.
20 Muri ico gihe nyene Musa aravuka+, kandi yari mwiza vy’agahebuza imbere y’Imana+. Yonkerezwa amezi atatu mu nzu kwa se.
21 Mugabo igihe yashirwa ahabona, umukobwa wa Farawo yaramutoye aramurera nk’umuhungu wiwe bwite+.
22 Musa rero yigishijwe mu bukerebutsi bwose+ bw’Abanyamisiri. Nkako, yari umunyabubasha mu majambo yiwe+ no mu bikorwa vyiwe.
23 “Igihe rero yariko arakwiza umwaka wiwe ugira mirongo ine, haza iciyumviro mu mutima wiwe co kugendera bene wabo, bene Isirayeli+.
24 Akubise ijisho umuntu umwe yariko ararenganywa, aramuburanira yongera ahōra uwariko aragirirwa nabi, mu kwica nya Munyamisiri+.
25 Yibwira yuko bene wabo botegereye yuko Imana yariko ibaronsa ubukiriro biciye ku kuboko kwiwe+, mugabo ntibabitegera.
26 Maze bukeye abaserukako bariko bararwana, aca agerageza kubasubiza hamwe ngo babe mu mahoro+, avuga ati: ‘Bagabo, muri abavukana. Kubera iki mugiriranira ivy’akarenganyo+?’
27 Mugabo uwariko ararenganya mugenziwe, amushiburira nka hariya, avuga ati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza kuri twebwe+?
28 Mbega ushaka kunyica kumwe wica wa Munyamisiri ejo+?’
29 Kuri iryo jambo Musa arahunga hanyuma acika kavamahanga mu gihugu ca Midiyani+, aho yavyariye abahungu babiri+.
30 “Imyaka mirongo ine irangiye, abonekerwa n’umumarayika mu gahinga k’umusozi Sinayi mu rubeya rw’umuriro rw’igisaka c’amahwa+.
31 Musa ngo abibone, biramutangaza+. Mugabo akiriko aregera ngo atohoze, humvikana ijwi rya Yehova, rivuga riti:
32 ‘Ndi Imana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu n’iya Izahaki n’iya Yakobo+.’ Musa ahinda agashitsi, ntiyubahuka kubandanya gutohoza.
33 Yehova amubwira ati: ‘Kura inkweto* ku birenge vyawe, kuko ahantu uhagaze ari ubutaka bweranda+.
34 Nabonye vy’ukuri akarenganyo abantu banje bari mu Misiri bagirirwa+, kandi numvise ukuniha kwabo+, nkaba manutse kubarokora+. None rero nuze, ngutume mu Misiri+.’
35 Uyo Musa, uwo bihakanye bavuga ngo: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza+?’, uyo ni we Imana yatumye+ bwa mutware n’umurokozi biciye ku kuboko kw’umumarayika yamubonekeye muri ca gisaka c’amahwa.
36 Uyo muntu yarabarongoye+ amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu Misiri+ no mu kiyaga Gitukura+ be no mu gahinga, mu myaka mirongo ine+.
37 “Uyo Musa ni we yabwiye bene Isirayeli ati: ‘Imana izobahagurukiriza muri bene wanyu umuhanuzi ameze nkanje+.’
38 Uyo ni we+ yahavuye aba hagati mw’ishengero+ mu gahinga ari kumwe na wa mumarayika+ yavugana na we ku musozi Sinayi, aba kandi kumwe na ba sogokuruza, yongera aronka amajambo meranda mazima+ yo kubaha.
39 Uyo ba sogokuruza bacu baranse kumugamburukira, mugabo bamushiburira ku ruhande+, maze mu mitima yabo bisubirira mu Misiri+,
40 babwira Aroni bati: ‘Duhingurire imana zo kutuja imbere. Kuko uyo Musa, umwe yadukura mu gihugu ca Misiri, tutazi ivyamushikiye+.’
41 Nuko bakora inyana muri iyo misi+ hanyuma bazanira ikimazi nya kigirwamana, batangura kuryohererwa ibikorwa vy’amaboko yabo+.
42 Nuko Imana irahindukira irabatanga+ ngo bakorere igikorwa ceranda ingabo zo mw’ijuru, nk’uko vyanditswe mu gitabu c’abahanuzi+, ngo: ‘Mbega ni jewe mwashikaniye imbagwa n’ibimazi mu myaka mirongo ine mu gahinga, ga yewe nzu ya Isirayeli+?
43 Ahubwo ihema rya Moloki+ be n’inyenyeri+ y’imana Refani ni vyo mwatwaye, bikaba ari ibishusho mwakoze ngo mubisenge. Ku bw’ivyo rero nzobambukana+ hirya ya Babiloni.’
44 “Ba sogokuruza bacu bari bafise ihema ry’intahe mu gahinga, nk’uko yatanze amategeko igihe yariko avugana na Musa ngo arikore yisunze icitegererezo yari yabonye+.
45 Kandi ba sogokuruza bacu barisigaranye, na bo nyene bararizanye bari kumwe na Yosuwa+ baryinjiza mu gihugu cagabwa n’amahanga+, ayo Imana yirukanye imbere ya ba sogokuruza bacu+. Aho ni ho ryagumye gushika mu misi ya Dawidi.
46 Uyo yaragize ubutoni+ imbere y’Imana hanyuma asaba agateka ko kuronderera Imana ya Yakobo aho kuba+.
47 Ariko Salomo ni we yayubakiye inzu+.
48 Yamara rero, Musumbavyose ntaba mu nzu zakozwe n’amaboko+; nk’uko umuhanuzi avuga,
49 ngo: ‘Ijuru ni intebe yanje y’ubwami+, isi na yo ikaba intebe y’ibirenge vyanje+. Ni inzu bwoko ki muzonyubakira?, ni ko Yehova avuga. Canke ikibanza canje co kuruhukiramwo ni ikihe+?
50 Mbega ukuboko kwanje si kwo kwakoze ibi bintu vyose+?’
51 “Yemwe bantu b’intabarirwa kandi batagenyerewe mu mitima+ no mu matwi: mwama murwanya impwemu nyeranda; nk’uko ba sogokuruza banyu bakora, ni ko namwe mukora+.
52 Ni nde mu bahanuzi ba sokuruza banyu batahamye+? Egome, barishe+ abamenyesheje hakiri kare ivyerekeye ukuza kwa wa Mugororotsi+, uwo mwaguze mukongera mukica+,
53 mwebwe abaronse Itegeko nk’uko ryashikirijwe n’abamarayika+ mugabo mukaba mutarigumije.”
54 Erega, ngo bavyumve, bumva birabasogose mu mitima+ baca batangura kumuhekenyera+ amenyo.
55 Mugabo we, yuzuye impwemu nyeranda, ahanga amaso mw’ijuru, abona ubuninahazwa bw’Imana na Yezu ahagaze iburyo bw’Imana+,
56 avuga ati: “Ehe mbonye ijuru ryuguruye+ be n’Umwana w’umuntu+ ahagaze iburyo bw’Imana+.”
57 Baca barasemerera n’ijwi ryabo ryose bongera bashira amaboko yabo ku matwi+, maze bamugurukirako icarimwe.
58 Nuko bamaze kumuta inyuma y’igisagara+, batangura kumutera amabuye+. Ivyabona+ na vyo bishira hasi impuzu zavyo zo hejuru imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sauli+.
59 Babandanya gutera amabuye Sitefano ariko atakamba ati: “Mukama Yezu, akira impwemu yanje+.”
60 Maze arapfukama, asemerera n’ijwi rikomeye ati: “Yehova, ntubaharureko iki gicumuro+.” Ahejeje kuvuga ivyo aca arasinzira mu rupfu.
Utujambo tw'epfo
^ Canke, “amasandali.”