Ivyakozwe 6:1-15
6 Muri iyo misi, igihe abigishwa bariko barongerekana, havyuka imyidodombo mu Bayuda bavuga ikigiriki+, bidodombera Abayuda bavuga igiheburayo, kubera ko abapfakazi babo bariko birengagizwa mw’igaburwa ryo ku musi ku musi+.
2 Nuko bamwe cumi na babiri bahamagara nya bigishwa indiri, bavuga bati: “Ntibihimbaye ko tureka ijambo ry’Imana ngo tuje mu vyo kugabura ibifungurwa ku meza+.
3 Nuko rero, bene wacu, nimwironderere+ abagabo indwi bashingirwa intahe nziza bo muri mwebwe, buzuye impwemu n’ubukerebutsi+, kugira ngo tubashinge iki gikorwa ca nkenerwa;
4 mugabo twebwe tuzokwihebera ugusenga n’ubusuku bwerekeye ijambo ry’Imana+.”
5 Iryo jambo rihimbara nya bantu indiri bose, baraheza batora Sitefano umugabo yuzuye ukwizera n’impwemu nyeranda+, na Filipo+ na Purokoro na Nikanori na Timoni na Parumena na Nikola uwinjiye idini ry’Abayuda w’i Antiyokiya;
6 babashira imbere y’intumwa, na zo zimaze gusenga, zibarambikako ibiganza+.
7 Ijambo ry’Imana ribandanya rero gukura+, igitigiri c’abigishwa na co kiguma kigwira cane i Yeruzalemu+; kandi isinzi rinini ry’abaherezi+ ritangura kugamburuka+ ukwizera.
8 Nuko Sitefano, yuzuye igikundiro n’ububasha, yariko akora ibitangaza n’ibimenyetso+ bikomeye mu bantu.
9 Mugabo hahaguruka abantu bamwe bo mw’isinagogi yitwa Isinagogi y’Imbohorwe, n’abo mu Banyasireni no mu Banyalegizandiriya+ no mu b’i Silisiya+ no muri Aziya, ngo baharire na Sitefano;
10 yamara ntibashobora guhangana n’ubukerebutsi+ be n’impwemu yavugana+.
11 Maze bosha abagabo mu mpisho kuvuga+ bati: “Twamwumvise avuga amajambo y’amarogotano+ kuri Musa no ku Mana.”
12 Baca bagumura abantu be n’abagabo b’inararibonye n’abanditsi, maze baramwubira, baramucakira, bamushira Inama Nkuru+.
13 Nuko bazana ivyabona vy’ikinyoma+, bivuga biti: “Uyu mugabo ntareka gutuka aha hantu heranda no gutuka Itegeko+.
14 Nk’akarorero, twamwumvise avuga yuko uwo Yezu Umunyanazareti azosenyurira hasi aha hantu akongera agahindura imigenzo twaherejwe na Musa.”
15 Maze abicaye bose mu Nama Nkuru bakimuhanze amaso+, babona ko mu maso hiwe hameze nko mu maso h’umumarayika+.