Ivyakozwe 6:1-15

6  Muri iyo misi, igihe abigishwa bariko barongerekana, havyuka imyidodombo mu Bayuda bavuga ikigiriki+, bidodombera Abayuda bavuga igiheburayo, kubera ko abapfakazi babo bariko birengagizwa mw’igaburwa ryo ku musi ku musi+.  Nuko bamwe cumi na babiri bahamagara nya bigishwa indiri, bavuga bati: “Ntibihimbaye ko tureka ijambo ry’Imana ngo tuje mu vyo kugabura ibifungurwa ku meza+.  Nuko rero, bene wacu, nimwironderere+ abagabo indwi bashingirwa intahe nziza bo muri mwebwe, buzuye impwemu n’ubukerebutsi+, kugira ngo tubashinge iki gikorwa ca nkenerwa;  mugabo twebwe tuzokwihebera ugusenga n’ubusuku bwerekeye ijambo ry’Imana+.”  Iryo jambo rihimbara nya bantu indiri bose, baraheza batora Sitefano umugabo yuzuye ukwizera n’impwemu nyeranda+, na Filipo+ na Purokoro na Nikanori na Timoni na Parumena na Nikola uwinjiye idini ry’Abayuda w’i Antiyokiya;  babashira imbere y’intumwa, na zo zimaze gusenga, zibarambikako ibiganza+.  Ijambo ry’Imana ribandanya rero gukura+, igitigiri c’abigishwa na co kiguma kigwira cane i Yeruzalemu+; kandi isinzi rinini ry’abaherezi+ ritangura kugamburuka+ ukwizera.  Nuko Sitefano, yuzuye igikundiro n’ububasha, yariko akora ibitangaza n’ibimenyetso+ bikomeye mu bantu.  Mugabo hahaguruka abantu bamwe bo mw’isinagogi yitwa Isinagogi y’Imbohorwe, n’abo mu Banyasireni no mu Banyalegizandiriya+ no mu b’i Silisiya+ no muri Aziya, ngo baharire na Sitefano; 10  yamara ntibashobora guhangana n’ubukerebutsi+ be n’impwemu yavugana+. 11  Maze bosha abagabo mu mpisho kuvuga+ bati: “Twamwumvise avuga amajambo y’amarogotano+ kuri Musa no ku Mana.” 12  Baca bagumura abantu be n’abagabo b’inararibonye n’abanditsi, maze baramwubira, baramucakira, bamushira Inama Nkuru+. 13  Nuko bazana ivyabona vy’ikinyoma+, bivuga biti: “Uyu mugabo ntareka gutuka aha hantu heranda no gutuka Itegeko+. 14  Nk’akarorero, twamwumvise avuga yuko uwo Yezu Umunyanazareti azosenyurira hasi aha hantu akongera agahindura imigenzo twaherejwe na Musa.” 15  Maze abicaye bose mu Nama Nkuru bakimuhanze amaso+, babona ko mu maso hiwe hameze nko mu maso h’umumarayika+.

Amakuru yiyongereye