Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ivyakozwe 5:1-42

5  Ariko umugabo umwe yitwa Ananiya, ari kumwe na Safira umugore wiwe, agurisha itongo  maze agumya mu mpisho igice c’ikiguzi, n’umugore wiwe akaba yari abizi, araheza azana igice gusa agishira imbere y’ibirenge vy’intumwa+.  Mugabo Petero avuga ati: “Ananiya, kubera iki Shetani+ yagutinyuye ukarondera guhenda+ impwemu nyeranda+ no kugumya mu mpisho igice c’ikiguzi c’itongo?  Igihe utari bwarigurishe, mbega ntiryari rwawe, kandi rimaze kugurishwa, ntiryagumye mu minwe yawe? Kubera iki wagize umugambi wo gukora igikorwa nk’ico mu mutima wawe? Ntiwarondeye guhenda+ abantu, ahubwo warondeye guhenda Imana+.”  Ananiya yumvise ayo majambo aca agwa hasi, aracikana+. Maze ubwoba bwinshi+ butekera abavyumvise bose.  Mugabo abasore barahaguruka, bamutekera mu bitambara+, baramujana, baramuhamba.  Buno haciye umwanya w’amasaha nk’atatu umugore wiwe arinjira, atazi ivyari vyabaye.  Petero amubwira ati: “Mbwira, mbega mwebwe uko muri babiri, aya ni yo mwagurishije itongo?” Avuga ati: “Ego ni ayo.”  Nuko Petero amubwira ati: “Kubera iki mwebwe uko muri babiri mwumvikanye kugeza+ impwemu ya Yehova? Ehe ibirenge vy’abahamvye umugabo wawe biri ku muryango, kandi barakujana.” 10  Ako kanya nyene aca agwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe, aracikana+. Aho ba basore binjiriye, basanga yapfuye, baca baramujana bamuhamba hambavu y’umugabo wiwe. 11  Ubwoba bwinshi buca butekera ishengero ryose n’abumvise ivyo bintu bose. 12  Vyongeye, biciye ku maboko y’intumwa ibimenyetso vyinshi n’ibitangaza vyinshi bibandanya kuba mu bantu+; kandi bose bari mw’ibaraza rya Salomo bahuje inama+. 13  Vy’ukuri, mu bandi nta n’umwe yubahuka kwifatanya na bo+; yamara rero, abantu barabahayagiza+. 14  Ikigeretseko, abemera Umukama baguma bongerwako, abagabo n’abagore indiri+; 15  ku buryo bazana abarwaye no mu mayira yagutse bakabashira ng’aho ku dutanda dutoduto no ku nderuzo, kugira ngo Petero ahaciye, n’imiburiburi igitutu ciwe hagire uwo kigwako muri bo+. 16  Vyongeye, abantu indiri bavuye mu micungararo ya Yeruzalemu baguma baza bakoranira hamwe, bateruye abarwaye be n’abadurumbanywa n’impwemu zihumanye, kandi bose uko bangana barakira. 17  Mugabo umuherezi mukuru n’abari kumwe na we bose, umuce w’idini w’Abasadukayo wari uhari ico gihe, barahaguruka, buzura ishari+, 18  bashorera amaboko ku ntumwa, babashira aho bacungirwa mu kibanza ca bose+. 19  Mugabo mw’ijoro umumarayika wa Yehova+ yugurura imiryango y’ibohero+, arabasohora, avuga ati: 20  “Nimugende, muhagarare mu rusengero, hanyuma mugume mubwira abantu amajambo yose yerekeye ubu buzima+.” 21  Bamaze kwumva ivyo, binjira mu rusengero mu mutwenzi, batangura kwigisha. Maze umuherezi mukuru n’abari kumwe na we bashitse, bakoranya Inama Nkuru n’ikoraniro ryose ry’abagabo b’inararibonye bo muri bene Isirayeli+, batuma kw’ibohero ngo babazane. 22  Mugabo aho abapolisi bashikiyeyo, ntibabasanga mw’ibohero. Nuko baragaruka barabivuga, 23  bati: “Ibohero twasanze ryugaye riri mu mutekano ntangere, n’abarinzi bahagaze ku miryango, mugabo aho twugururiye nta n’umwe twasanzeyo.” 24  Erega, aho umukuru w’abarinzi b’urusengero n’abakuru b’abaherezi bumviye ayo majambo, barazazanirwa n’ivyo bintu ku bijanye n’ico bizovamwo+. 25  Mugabo umuntu umwe arashika abiganira ati: “Murazi! Ba bagabo mwashira mw’ibohero bari mu rusengero; bahagaze ng’aho bigisha abantu+.” 26  Maze umukuru w’abarinzi ajana n’abapolisi biwe, arabazana, mugabo ata kubagirira nabi, kuko batinya+ ko abantu babatera amabuye. 27  Nuko barabazana, babahagarika mu ngoro y’Inama Nkuru. Umuherezi mukuru arababaza 28  ati: “Twarabihanikirije+ kutaguma mwigisha mwishimikije iryo zina, yamara ehe mwujuje Yeruzalemu inyigisho yanyu+, kandi mwiyemeje kuturemeka amaraso+ y’uwo muntu.” 29  Petero n’izindi ntumwa bishura bati: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu+. 30  Imana ya ba sogokuruza bacu yarazuye+ Yezu, uwo mwebwe mwishe mumumanitse ku giti+. 31  Uyo Imana yaramushize hejuru iburyo bwayo+ aba Imboneza+ n’Umukiza+, kugira ngo Isirayeli ihabwe ukwigaya+ n’ukubabarirwa ibicumuro+. 32  Kandi turi ivyabona vy’ivyo bintu+, n’impwemu nyeranda ni ukwo+, iyo Imana yahaye abayigamburukira nka yo mutware.” 33  Aho bumviye ivyo, bumva birabasogose mu mutima baca bashaka kubica+. 34  Mugabo umuntu umwe arahaguruka mu Nama Nkuru, akaba yari Umufarizayo* yitwa Gamaliyeli+, umwigisha w’Itegeko yubahwa n’abantu bose, ategeka ko basohora abo bantu akanya gatoyi+. 35  Araheza ababwira ati: “Bagabo ba Isirayeli+, mwiyubare ku vyo mugomba kugirira aba bantu. 36  Nk’akarorero, imbere y’iyi misi Teyuda yarahagurutse, avuga ko we ubwiwe yari agakomeye+, abagabo batari bake, abashika nk’amajana ane, baja mu mugambwe wiwe+. Mugabo yarishwe, abamugamburukira bose na bo barashwiragira, bacika ubusa. 37  Mu nyuma ziwe, Yuda Umunyagalilaya yarahagurutse mu misi ya kwa kwandikwa+, akwegera abantu inyuma yiwe. Yamara uyo mugabo yarapfuye, abamugamburukira bose na bo barashwiragira. 38  None rero, muri ibi bintu, ndabibabwiye: Ntimwisuke mu vy’aba bantu, ahubwo nimubareke (kuko nimba uyu mugambi canke iki gikorwa ari ibiva ku bantu, bizosenyuka+; 39  mugabo nimba ari ibiva ku Mana+, ntimuzoshobora kubisenyura+); ahandiho, hari aho mwosanga muriko vy’ukuri murwanya Imana+.” 40  Kuri ivyo baramwumvira, baca barengutsa intumwa, barazitonagura+, bazitegeka kureka kuvuga zishimikije izina rya Yezu+, hanyuma barazireka ziragenda. 41  Abo rero baragenda bava imbere y’Inama Nkuru, banezerewe+ kubera ko bari babonywe ko babereye guteterezwa ku bw’iryo zina+. 42  Kandi imisi yose mu rusengero n’inzu ku nzu+, babandanya kwigisha+ no kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu ari we Yezu+, badatezura.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.