Ivyakozwe 4:1-37

4  Igihe rero abo babiri bariko barabwira ijambo abantu, abakuru b’abaherezi n’umukuru w’abarinzi b’urusengero+ be n’Abasadukayo*+ baza kuri bo,  bababajwe n’uko bariko bigisha abantu bongera bamenyesha batomora ivy’ukuzuka mu bapfuye ku bijanye na Yezu+.  Baca babashorerako amaboko, babashira aho bacungirwa gushika bukeye+, kuko bwari bumaze kugoroba.  Ariko benshi mu bari bumvirije iryo jambo baremera+, igitigiri c’abagabo gicika nk’ibihumbi bitanu+.  Bukeye, i Yeruzalemu haba ikoraniro ry’abatware babo n’abagabo b’inararibonye be n’abanditsi+  (na Anasi+ umukuru w’abaherezi na Kayifa+ na Yohani na Alegizandere n’abantu bose bo mu muryango w’umukuru w’abaherezi),  baraheza babahagarika hagati yabo, batangura kubabaza bati: “Ni ku bubasha ki canke mw’izina rya nde mwakoze ivyo+?”  Maze Petero, yuzuye impwemu nyeranda+, ababwira ati: “Batware b’abantu namwe bagabo b’inararibonye,  nimba uno musi turiko turasambishwa, kubera igikorwa ciza gikorewe umuntu arwaye+, ku vyerekeye uwatumye uwu muntu akira, 10  nimumenye mwebwe mwese hamwe n’abantu ba Isirayeli bose, yuko mw’izina rya Yezu Kristu Umunyanazareti+, uwo mwebwe mwamanitse+ mugabo Imana ikamuzura mu bapfuye+, biciye kuri uyo ari ho uyu muntu ahagaze hano imbere yanyu akomeye. 11  Uyo ni we ‘buye mwebwe abubatsi mwafashe nk’ubusa ryabaye umutwe w’imfuruka+.’ 12  Ikigeretseko, nta wundi ubukiriro bubonerwamwo, kuko ata rindi zina+ munsi y’ijuru ryatanzwe mu bantu dutegerezwa gukirizwamwo+.” 13  Aho baboneye ukutarya umunwa kwa Petero na Yohani, bagatahura yuko ari abantu batize kandi basanzwe+, baratangara. Baca bamenya yuko bahoranye na Yezu+. 14  Bakiraba uwo muntu yari yakijijwe ahagararanye na bo+, ntibagira ico basubizayo+. 15  Nuko babategeka gusohoka bakava mu ngoro y’Inama Nkuru*, batangura kubazanya, 16  bati: “Mbega aba bantu tubagire dute+? Kuko mu vy’ukuri habaye ikimenyetso c’akataraboneka biciye kuri bo, ikimenyetso cibonekeje ku baba i Yeruzalemu+; kandi ntidushobora kubihakana. 17  Yamara rero, kugira ngo ntibibandanye gukwiragira hose mu bantu, reka tubabwize iterabwoba kutongera kubwira ikintu umuntu n’umwe bishimikije iryo zina+.” 18  Kuri ivyo barabahamagara, babategeka kutagira ahantu na hamwe bavuga canke ngo bigishe bishimikije izina rya Yezu. 19  Mugabo Petero na Yohani babishura bati: “Nimba ari ibigororotse imbere y’Imana kubumviriza aho kwumviriza Imana, nimuruce namwe. 20  Mugabo tweho, ntidushobora kureka kuvuga ivyo twabonye kandi twumvise+.” 21  Nuko bamaze kwongera kubatera ubwoba, barabarekura, kubera bataronse imvo n’imwe yo kubahana no kubera abantu+, kuko bose bariko baninahaza Imana ku vyari vyabaye; 22  kuko umuntu ico kimenyetso c’ugukiza cari cabayeko yari afise imyaka irenga mirongo ine. 23  Bamaze kurekurwa baja kuri bagenzi babo+, babiganira ibintu vyose abakuru b’abaherezi be n’abagabo b’inararibonye bari bababwiye. 24  Aho bavyumviye, bashira amajwi yabo hejuru babwira Imana bahuje inama+, bati: “Mukama Segaba+, ni wewe wakoze ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibintu vyose biri muri vyo+, 25  akaba ari na wewe biciye ku mpwemu nyeranda wavugiye mu kanwa ka sogokuruza wacu Dawidi+, umusavyi wawe, uti: ‘Kubera iki amahanga yagiye mu ruhagarara, n’ibisata bikazirikana ibintu ata co bimaze+? 26  Abami b’isi bahagaze, n’abatware bakoraniye hamwe nk’umuntu umwe ngo barwanye Yehova n’uwo yarobanuje amavuta*+.’ 27  Nkako, Herodi na Ponsiyo Pilato+ hamwe n’abantu bo mu mahanga be n’ibisata vya Isirayeli mu vy’ukuri barakoraniye hamwe muri iki gisagara ngo barwanye Yezu umusavyi wawe mweranda+, uwo warobanuje amavuta+, 28  kugira ngo bakore ibintu vyose ukuboko kwawe n’inama yawe vyari vyaragenye imbere y’igihe ko bizoba+. 29  None rero, Yehova, raba iterabwoba ryabo+, uhe abashumba bawe kuguma bavuga ijambo ryawe n’ubutinyutsi bwose+, 30  mu gihe uramvura ukuboko kwawe ngo ukize no mu gihe ibimenyetso n’ibitangaza+ bishika biciye mw’izina+ ry’umusavyi wawe mweranda+ Yezu.” 31  Bamaze gutakamba, ahantu bari bakoraniye haranyiganyiga+; maze bose uko bangana buzuzwa impwemu nyeranda+, bavuga ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi+. 32  Vyongeye, abantu indiri bari bemeye bari bahuje umutima n’inama+, kandi nta n’umwe yavuga yuko hari ico mu vyo atunze cari rwiwe; mugabo bari basangiye vyose+. 33  Vyongeye, intumwa zibandanya gushinga intahe n’ububasha bukomeye, ku vyerekeye izuka ry’Umukama Yezu+; kandi ubuntu ata wari abukwiriye bwari kuri bo bose ari bwinshi. 34  Nkako, nta n’umwe muri bo yari mu mukeno+; kuko abari bafise amatongo canke amazu bose babigurisha bakazana ibiguzi vy’ibintu bagurishije 35  bakabishira imbere y’ibirenge vy’intumwa+. Vyaraheza bikagabanganirizwa+ umwe wese, nk’uko yaba akeneye. 36  Nuko Yozefu, uwo intumwa zatazira Barunaba+, rikaba risobanura ngo: Umwana w’Uruhoza, akaba yari Umulewi, imvukira y’i Shipure, 37  yari afise itongo, ararigurisha hanyuma azana nya mahera ayashira imbere y’ibirenge vy’intumwa+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.