Ivyakozwe 3:1-26

3  Ico gihe Petero na Yohani bariko baduga baja mu rusengero ku bw’isaha y’ugusenga, isaha y’icenda+,  hanyuma umugabo umwe yacumbagira kuva akiva mu nda ya nyina+ yari ateruwe, kandi imisi yose bamushira hafi y’umuryango w’urusengero witwa Mwiza+, kugira ngo asabe imfashanyo* abinjira mu rusengero+.  Akubise ijisho Petero na Yohani bagira binjire mu rusengero, atangura gusaba ngo bamufashe+.  Mugabo Petero, ari kumwe na Yohani, amuhanga amaso+, avuga ati: “Nuturabe.”  Nuko abahanga amaso, yiteze kubaronkako ikintu.  Ariko Petero avuga ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, mugabo ico mfise ni co nguha+: Mw’izina rya Yezu Kristu Umunyanazareti+, tambuka+!”  Aca amufata ukuboko kw’ukuryo+, aramuhagurutsa. Ako kanya nyene ibirenge vyiwe n’amaso y’ibirenge vyiwe birakomera+;  aca arasimba+, arahaguruka atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero+, agendagenda yongera asimbagurika, ashemeza Imana.  Maze abantu bose+ baramubona agendagenda yongera ashemeza Imana. 10  Vyongeye, baramumenya, yuko ari umwe yahora yicara asaba imfashanyo kw’Irembo Ryiza+ ry’urusengero, barajongoroka, barikugura+ kubera ivyari vyamubayeko. 11  Erega, wa mugabo akigumije Petero na Yohani, abantu bose birukira icarimwe kuri bo ahitwa ibaraza rya Salomo+, bakubiswe n’inkuba. 12  Petero ngo abibone, abwira abantu ati: “Bagabo ba Isirayeli, kubera iki mutangazwa n’ivyo, canke kubera iki muduhanga amaso nk’aho umenga twatumye atambuka biciye ku bubasha bwacu bwite canke ku kwihebera Imana kwacu+? 13  Imana ya Aburahamu n’iya Izahaki n’iya Yakobo+, ya Mana ya ba sogokuruza bacu, yaninahaje+ Umusavyi+ wayo Yezu, uwo mwebwe mwatanze+ mukamwihakanira imbere ya Pilato, mu gihe yari yafashe ingingo yo kumurekura+. 14  Egome, mwarihakanye uwo mweranda akaba n’umugororotsi+, maze musaba umugabo, umwicanyi+, ngo bamubahe ku buntu, 15  ya Mboneza y’ubuzima na we muramwica+. Mugabo Imana yaramuzuye mu bapfuye, tukaba turi ivyabona vy’ico kintu+. 16  Ku bw’ivyo rero izina ryiwe, biciye ku kwizera dufise mw’izina ryiwe, ni ryo ritumye uyo mugabo akomera, uwo mubona kandi muzi, kandi ukwizera kuboneka biciye kuri we ni kwo gutumye uyo mugabo akira neza mu maso yanyu mwese. 17  None rero, bene wacu, ndazi yuko mwakoze ibintu mu kutamenya+, nk’uko n’abatware banyu+ bakoze. 18  Mugabo muri ubwo buryo Imana yarashikije ivyo yamenyesheje imbere y’igihe biciye mu kanwa k’abahanuzi bose, yuko Kristu wayo yobabajwe+. 19  “Nimwigaye+ rero, muhindukire+ kugira ngo ibicumuro vyanyu bihanagurwe+, ngo ibiringo vy’ukuruhurirwa+ bibone kuza bivuye imbere ya Yehova 20  no kugira ngo atume Kristu yagenywe ku bwanyu, ari we Yezu, 21  uwo ijuru mu vy’ukuri ritegerezwa kugumya+ muri ryo gushika ku bihe vy’ugusubizwaho+ kw’ibintu vyose, ivyo Imana yavugiye mu kanwa k’abahanuzi beranda bayo+ bo mu gihe ca kera. 22  Nkako, Musa yavuze ati: ‘Yehova Imana azobahagurukiriza muri bene wanyu umuhanuzi ameze nkanje+. Mutegerezwa kumwumviriza mu vyo ababwira vyose+. 23  Kukaba nkako, umuntu wese atazokwumviriza uwo Muhanuzi azorandurwa mu bantu+.’ 24  Kandi nkako, abahanuzi bose kuva kuri Samweli be n’abakurikiye, abavuze bose, na bo nyene baramenyesheje batomora ivy’iyi misi+. 25  Mwebwe muri abana+ b’abahanuzi be n’ab’isezerano Imana yasezeranye na ba sogokuruza banyu, ikabwira Aburahamu iti: ‘Mu ruvyaro* rwawe ni ho imiryango yose yo kw’isi izohezagirirwa+.’ 26  Ni mwebwe Imana yabanje+ gutumako Umusavyi wayo, imaze kumuhagurutsa, kugira ibahezagire mu gukebanura umwe wese muri mwebwe agaheba ibikorwa vyiwe vy’ububisha.”

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “ingabirano z’imbabazi.”
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”