Ivyakozwe 28:1-31
28 Maze aho tumariye gushika ahatagira inkomanzi, duca tumenya ko iryo zinga ryitwa Malita+.
2 Hanyuma abantu bavuga ururimi rw’urunyamahanga batugirira ubuntu bw’akataraboneka+, kuko baducaniye umuriro bongera baratwakira batugirira neza kubera imvura yariko iragwa no kubera ubukanye+.
3 Mugabo aho Paulo yegeranirije umukama w’inkwi akawushira ku muriro, hasokorokamwo imamba bivuye ku bushuhe, ica yibohera ku kuboko kwiwe.
4 Aho ba bantu bavuga ururimi rw’urunyamahanga baboneye nya kiremwa c’ubumara cenena ku kuboko kwiwe, batangura kubwirana bati: “Ni ukuri uyu muntu ni umwicanyi, kandi naho yashoboye gukira ikiyaga, ubutungane budaheranwa ntibwamwemereye kubandanya kubaho.”
5 Ariko akunkumurira mu muriro nya kiremwa c’ubumara, ntihagira ico aba+.
6 Mugabo bari biteze yuko avyimbagana canke akagwa bukumbi. Bamaze umwanya muremure barindiriye bakabona nta co abaye, bahindura ivyiyumviro batangura kuvuga yuko ari imana+.
7 Mu micungararo y’aho hantu, umuntu mukuru wo muri iryo zinga, uwitwa Pubiliyo, yari afise amatongo; aratwakira aduha indaro n’umutima mwiza imisi itatu.
8 Mugabo se wa Pubiliyo yari aryamye arembejwe n’inyonko n’amacinya, hanyuma Paulo yinjira iwe arasenga, amurambikako ibiganza+ aramukiza+.
9 Ivyo bibaye, abandi bantu bo kuri iryo zinga bari barwaye na bo nyene batangura kuza kuri we, barakizwa+.
10 Vyongeye baraduteye iteka mu kuduha ingabirano nyinshi, kandi tugiye badutekerera umukimba w’ibintu ku bw’ivyo twokenera.
11 Haciye amezi atatu, dufata ubwato bw’i Alegizandiriya+ bwari bumaze urushana muri nya zinga, bukaba bwariko igishusho co ku mpanza ca “Bene Zeyu.”
12 Hanyuma duhagarara ku kivuko i Sirakuza tuhaguma imisi itatu,
13 maze tuva ng’aho tugenda tuzinguka dushika i Regiyo. Haciye umusi, havumbuka umuyaga wo mu bumanuko, hanyuma twinjira i Puteyoli ku musi ugira kabiri.
14 Aho twahasanze bene wacu, hanyuma baratwinginga ngo tugumane imisi indwi; ukwo ni ko twaje tugana Roma.
15 Hanyuma kuva ng’aho, aho bene wacu bumviye inkuru yacu, baza kudusanganira gushika ku Kaguriro ka Apiyo n’ahitwa Uburaro Butatu, maze Paulo ababonye, akengurukira Imana, agira umutima rugabo+.
16 Aho amaherezo twinjiriye i Roma, Paulo yemererwa+ kuba ukwa wenyene ari kumwe n’umusoda amucunze.
17 Ariko haciye imisi itatu akoranya abantu bakurubakuru bo mu Bayuda. Bamaze gukorana, atangura kubabwira ati: “Bagabo, bene wacu, naho ata kintu na kimwe nakoze giteye kubiri n’iki gisata canke n’imigenzo ya ba sogokuruza bacu+, naratanzwe bwa mbohe, kuva i Yeruzalemu, mu maboko y’Abaroma+.
18 Aho abo bamariye kunsambisha+, bashaka kundekura+, kuko ata mvo yo kunyicisha+ yariho muri jewe.
19 Mugabo kubera ko Abayuda bagumye bavyiyamiriza, vyabaye ngombwa ko nungururiza+ kwa Sezari, mugabo atari nk’aho nari mfise ico nagiriza ihanga ryanje.
20 Ivyo koko ni vyo vyatumye ndabinginga ngo ndababone nongere mvugane namwe, kuko mboheshejwe uyu munyororo+ kubera icizigiro+ ca Isirayeli.”
21 Bamubwira bati: “Nta makete twaronse akwerekeye ava i Yudaya, kandi nta n’umwe muri bene wacu bashitse yashikirije canke ngo avuge ikintu kibi kuri wewe.
22 Mugabo twibaza ko bibereye kwumva mu kanwa kawe ivyiyumviro vyawe ivyo ari vyo, kuko vy’ukuri ku bijanye n’uwo muce w’idini+ tuzi yuko hose uvugwa nabi+.”
23 Maze bumvikana na we umusi, hanyuma baza kuri we aho yaba, ari benshi kuruta. Na we abasigurira nya bintu mu gushinga intahe inogangije ku vyerekeye ubwami bw’Imana+ no mu gukoresha kuri bo imvugo inyura, ku vyerekeye Yezu afatiye kw’itegeko rya Musa+ no ku Bahanuzi+, kuva mu gatondo gushika ku mugoroba.
24 Bamwe batangura kwemera+ ibivuzwe; abandi ntibizera+.
25 Nuko, kubera ko batumvikanye, batangura kugenda, Paulo na we avuga iri jambo rimwe, ati:
“Impwemu nyeranda ntiyihenze mu kubwira ba sogokuruza banyu biciye kuri Yesaya umuhanuzi,
26 iti: ‘Genda kuri aba bantu uvuge uti: “Kwumva muzokwumva, mugabo ntimuzogenda mutegereye; kandi kuraba muzoraba, mugabo ntimuzogenda mubonye+.
27 Kuko umutima w’aba bantu udadaraye, kandi bumvishije amatwi yabo ntihagira ico bakora, kandi bihumye amaso; kugira ngo ntibigere babonesha amaso yabo, ngo bumvishe n’amatwi yabo, baheze bategere bakoresheje umutima wabo, ngo bahindukire, ndabakize+.”’
28 Nimumenye rero yuko ubwo buryo Imana ikirisha bwarungitswe ku mahanga+; bo ntibazobura kubwumviriza+.”
29 * ——
30 Nuko ahaguma imyaka ibiri yuzuye ari mu nzu yiwe bwite, inzu ipanzwe+, kandi yarakirana ubuntu abo bose binjira iwe,
31 akamamaza kuri bo ubwami bw’Imana yongera yigisha ivyerekeye Umukama Yezu Kristu ari n’umwidegemvyo wo kuvuga urushirije kuba mwinshi+, ata kimutangira.