Ivyakozwe 27:1-44
27 Maze aho hafatiwe ingingo y’uko dufata ubwato tukaja mu Butaliyano+, Paulo n’izindi mbohe bashikirizwa intwazangabo yitwa Yuliyo yo mu nteko za Ogusito.
2 Twuriye ubwato bw’i Aduramutiyo bwagira buje mu turere two ku nkengera y’intara ya Aziya, turagenda, turi kumwe na Arisitariko+ Umunyamakedoniya w’i Tesalonika.
3 Ku musi ukurikira dushika i Sidoni, maze Yuliyo afatana ubuntu Paulo+ hanyuma aramwemerera kuja ku bagenzi biwe, akitwararikwa na bo+.
4 Nuko dufata ikiyaga tuvuye ng’aho tugenda twikinze Shipure, kubera ko imiyaga yaturuka imbere;
5 hanyuma tugendera ku mazi duciye mw’igezi ry’ikiyaga iruhande ya Silisiya na Pamfiliya, maze duhagarara ku kivuko c’i Mira muri Lisiya.
6 Mugabo ng’aho ya ntwazangabo ibona ubwato bw’i Alegizandiriya+ bwari bugiye mu Butaliyano, iraheza irabutwuriza.
7 Maze, haciye imisi itari mike tugenda bukebuke tugashika i Kinido bigoranye, kuko umuyaga utadukundiye kubandanya, tugenda twikinze Kirete i Salumone,
8 tugendera hafi y’inkengera yaho bigoranye, dushika ahantu hamwe hitwa Bivuko Vyiza, hafi yaho hakaba hari igisagara Laseya.
9 Kubera ko hari haciye igihe kitari gito kandi ico gihe kugendera ku mazi bikaba vyarimwo akaga kuko n’ukwisonzesha kw’umusi w’impongano*+ kwari kwamaze kurengana, Paulo atanga iciyumviro,
10 ababwira ati: “Bagabo, ndabona yuko kugendera ku mazi biza kubamwo ivyago n’uruhombo rukomeye atari ku mizigo n’ubwato gusa ariko no ku buzima bwacu+.”
11 Ariko ya ntwazangabo yumvira uwutwara imeri na nyeneyo aho kwumvira ibivuzwe na Paulo.
12 Maze kubera ko kuri nya kivuko hari hagoye kumara urushana, abenshi batanga iciyumviro co kuhava, kugira ngo barabe ko hari ukuntu boshika i Feniki habe ari ho bamara urushana, kikaba ari ikivuko c’i Kirete kiraba mu buraruko bushira ubuseruko no mu bumanuko bushira ubuseruko.
13 Vyongeye, aho umuyaga wo mu bumanuko uhuhutiye bukebuke, biyumvira yuko ari nk’aho bari bamaze gushika ku ntumbero yabo, baraheza bakutsa inanga, hanyuma bagendera hafi y’inkengera ya Kirete.
14 Ariko haciye akanya, umuyaga w’igihuhusi+ witwa Ewurakiloni wisuka kuri iryo zinga.
15 Kubera ko ubwato bwari bwafashwe n’umuyaga bimwe bikaze bukaba butari bushoboye kuguma buhanganye n’umuyaga, twararetse uratujana.
16 Nuko turanyaragasa twikinze izinga ritoyi ryitwa Kawuda, yamara tuja gushobora kugumya akato ko kwifashisha+ kari kw’itenzi* bigoranye.
17 Mugabo bamaze kukuriza batangura gukoresha imigozi kugira ngo badade nya bwato munsi; kandi kubera gutinya guseka ubwato ku bidunduri vy’imisenyi vyitwa Siriti, bamanura ibifashe ihema maze babona kujanwa n’umuyaga.
18 Yamara kubera ko twariko tuzungazungishwa n’igihuhusi bimwe bikaze, ku musi ukurikira batangura kuremurura+ imeri;
19 ku musi ugira gatatu, bata ibikoresho vy’ubwato n’amaboko yabo bwite.
20 Haciye imisi myinshi ata zuba canke inyenyeri biboneka, n’igihuhusi+ cari kuri twebwe kikaba kitari gike, amaherezo icizigiro cacu cose co gukira gitangura kuvaho.
21 Haciye igihe kirekire birinda ibifungurwa, Paulo araheza ahagarara hagati muri bo+, avuga ati: “Bagabo, mwari kuba mwumviye impanuro yanje ntimufate ikiyaga muvuye i Kirete ngo mugire ibi vyago n’uru ruhombo+.
22 Naho ari ukwo, ubu ndabasavye mureme, kuko ata muntu n’umwe muri mwebwe azohasigara, atari ubwato gusa.
23 Kuko muri iri joro iruhande yanje hahagaze umumarayika+ w’Imana negukira, ari na yo nkorera igikorwa ceranda+,
24 avuga ati: ‘Ntutinye, Paulo. Utegerezwa guhagarara imbere ya Sezari+, kandi ehe Imana yaguhaye ata kangonongono abo muri kumwe mu bwato bose.’
25 Nimureme rero, mwa bagabo; kuko nemera Imana+ yuko biza kuba nk’uko nabibwiwe.
26 Ariko dutegerezwa gusukwa i musozi kw’izinga kanaka+.”
27 Maze ijoro rigira cumi na kane rigeze, tukaba twariko tuzungazungishwa tujanwa irya n’ino ku kiyaga ca Adiriya, mu gicugu abasoza batangura kwicura yuko begereje isi kanaka.
28 Bagera uburebure bw’amazi, basanga ni ibipimo* mirongo ibiri; nuko bigira imbere gatoyi, bongera kugera basanga ni ibipimo cumi na bitanu.
29 Maze kubera ugutinya ko twohava dusukwa ahantu ku bitandara, bakorora inanga zine bacishije kw’itenzi, batangura kwipfuza ko bwoca.
30 Mugabo aho abasoza batanguriye kurondera guhunga ngo bave mu bwato, bakamanurira ka kato mu kiyaga bitwaje yuko bashaka gukorora inanga bacishije ku mpanza*,
31 Paulo abwira ya ntwazangabo n’abasoda ati: “Aba bantu batagumye mu bwato, ntimushobora gukira+.”
32 Maze nya basoda baca imigozi ya ka kato+, barakareka karakoroka.
33 Maze buri mu guca, Paulo atangura kubaremesha bose uko bangana gutamira udufungurwa, ati: “Uno musi ubaye uwugira cumi na kane muri maso kandi mukaba muguma ata dufungurwa mukoza ku munwa, ata co mutamira.
34 Ndabaremesheje rero gutamira udufungurwa, kuko ari ku bw’umutekano wanyu; kuko ata n’agashatsi+ ko ku mutwe w’umwe muri mwebwe kazovako.”
35 Amaze kuvuga ivyo, afata kandi umukate, akengurukira+ Imana imbere yabo bose, arawumanyura, atangura kurya.
36 Nuko bose bagira akamwemwe na bo ubwabo batangura gutamira udufungurwa.
37 Abari mu bwato twese hamwe rero, twari abantu amajana abiri na mirongo irindwi na batandatu.
38 Bamaze guhaga ibifungurwa, batangura kuremurura+ ubwato mu guta ingano mu kiyaga.
39 Amaherezo bukeye, ntibashobora kumenya nya si mugabo barabona akagobe kanaka gafise isesero, kuri ako haba ari ho biyemeza gushikana ubwato, baramutse babishoboye+.
40 Nuko, baca inanga, barazireka zigwa mu kiyaga, muri ico gihe nyene babohora imigozi y’ingafe, hanyuma bamaze kuduza ihema ry’imbere ku muyaga bagenda bagana isesero.
41 Aho batuzukiye ku kirundo c’umusenyi gihurirwako n’amazi y’ikiyaga ku mpande zose, batsita imeri hasi impanza ica iragoma, ntiyaba igikakaza, itenzi na ryo ritangura kumenagurika bimwe bikaze+.
42 Abasoda baca bafata ingingo yo kwica imbohe, kugira ngo ntihagire n’umwe yoga ngo atoroke.
43 Mugabo ya ntwazangabo ishaka gukiza Paulo, ibabuza intumbero yabo. Ica itegeka abashoboye kwoga ngo biterere mu kiyaga babanze bashike i musozi,
44 ngo n’abandi bagire gutyo, bamwe ku mbaho abandi ku bintu bimwebimwe vyari mu bwato. Bose babona gushika i musozi badora+.
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Itenzi ni igice c’inyuma c’ubwato.
^ Igipimo kimwe cangana n’imetero nka 1,8.
^ Impanza ni igice c’imbere c’ubwato.