Ivyakozwe 26:1-32

26  Agiripa+ abwira Paulo ati: “Uremerewe kwiburanira.” Maze Paulo aramvura ukuboko+, atangura kwiregura+ ati:  “Ku bintu vyose nagirizwa+ n’Abayuda, Mwami Agiripa, mbona ko mpiriwe kubona imbere yawe ari ho ngiye kwiregurira uno musi,  canecane ko uri umuhanga mu vy’imigenzo yose+ n’impari vyo mu Bayuda. Ndakwinginze rero unyumvirize wihanganye.  “Nkako, ku bijanye n’uburyo nabayeho+ kuva mu buto guhera mu ntango mw’ihanga ryanje n’i Yeruzalemu, Abayuda bose  banzi kuva mu ntango, nimba bashaka koko kubishingira intahe, barazi yuko nabayeho ndi Umufarizayo+ nk’uko umuce w’idini usumvya iyindi gukavya+ wo mu nsengo yacu uri.  Yamara ubu ku bw’icizigiro+ c’umuhango+ Imana yahaye ba sogokuruza bacu, ndarengukijwe mu rubanza;  mugabo imiryango yacu cumi n’ibiri yizigiye gushikira iranguka ry’uyo muhango mu kuyikorera igikorwa ceranda n’umwete mwinshi ijoro n’umurango+. Ku vy’ico cizigiro ni ho nagirizwa+ n’Abayuda, ewe mwami!  “Kubera iki bibonwa nk’ibitokwemerwa muri mwebwe yuko Imana izura abapfuye+?  Jeho nari nahoze vy’ukuri niyumvira muri jewe ko nabwirizwa gukora ibikorwa vyinshi vyo kurwanya izina rya Yezu Umunyanazareti; 10  ni na vyo nakoze i Yeruzalemu, kandi benshi mu beranda narabugaraniye mu mabohero+, kuko nari nahawe ububasha n’abakuru b’abaherezi+; kandi igihe baba babwirizwa kwicwa, natanga ijwi ryo kubishigikira. 11  Kandi mu kubahana kenshi mu masinagogi yose+ naragerageza kubahata ngo bihakane ukwizera; kandi kubera ko nari nasaze bimwe birengeje mu kubanka, naraheba nkabahama no mu bisagara vyo hanze. 12  “Muri utwo twigoro, igihe nari ku rugendo nja i Damasiko+ mfise ububasha n’igikorwa nahawe n’abakuru b’abaherezi, 13  narabonye ku mutaga ku nzira, ewe mwami, umuco urusha izuba gukayangana uravya uvuye mw’ijuru, urabiriza irya n’ino yanje n’irya n’ino y’abari bafatanije nanje urugendo+. 14  Twese tumaze kugwa hasi, numva ijwi rimbwira mu rurimi rw’igiheburayo riti: ‘Sauli, Sauli, umpamira iki? Erega kuguma utera imigere ku mihunda birakugirira nabi+.’ 15  Mugabo mvuga nti: ‘Uri nde ga Mukama?’ Umukama na we ati: ‘Ndi Yezu, uwo uriko urahama+. 16  Yamara rero, haguruka uhagarare ku birenge vyawe+. Kuko iki ari co nkwiyerekeye, kugira ngo ndagutore ube umusuku n’icabona+ c’ivyo wabonye n’ivyo nzokwereka ku binyerekeye; 17  kandi nzokurokora ngukize iki gisata n’amahanga, ivyo ngutumyeko+, 18  ngo uhumure amaso yabo+, ngo ubahindukize bave mu mwiza+ baje ku muco+, kandi ngo bave mu bubasha bwa Shetani+ baje ku Mana, kugira ngo baronke ukubabarirwa ibicumuro+ be n’intoranwa+ mu bejejwe+ n’ukunyizera.’ 19  “Ni co gituma, Mwami Agiripa, ntagambarariye ivyo bintu nabonye bivuye mw’ijuru+, 20  mugabo mpereye ku bantu b’i Damasiko+ no ku b’i Yeruzalemu+, no ku gihugu cose ca Yudaya, no ku mahanga+, nagenda njana ubutumwa bw’uko bakwiye kwigaya, bagahindukirira Imana mu gukora ibikorwa bikwiranye n’ukwigaya+. 21  Ivyo ni vyo vyatumye Abayuda bamfata mu rusengero bakagerageza kungandagura+. 22  Ariko kubera yuko naronse imfashanyo+ iva ku Mana ndabandanya kugeza uno musi gushinga intahe ku bato no ku bahambaye, mugabo ata kindi mvuga atari ivyo Abahanuzi+ be na Musa+ bavuze ko vyari bigiye kuba, 23  yuko Kristu yabwirizwa kubabazwa+, kandi ko mu kuba uwa mbere mu kuzurwa+ mu bapfuye, yari agiye kwamamaza umuco+ kuri iki gisata no ku mahanga+.” 24  Akiriko aravuga ivyo bintu mu kwiregura, Fesito avuga n’ijwi rirenga ati: “Erega Paulo urasaze+! Ukwiga kwa cane kuriko kuragusaza!” 25  Mugabo Paulo avuga ati: “Sinsaze, Nyakwubahwa Fesito, ahubwo ndiko mvuga amajambo y’ukuri n’ay’ukurorana kw’umuzirikanyi. 26  Mu vy’ukuri, umwami ndiko ndabwirana umwidegemvyo wo kuvuga arazi neza ivyo bintu; kuko nanyuzwe ko ata na kimwe muri ivyo kimucika, kuko ivyo bintu bitakorewe mu mfuruka+. 27  Mbega Mwami Agiripa, uremera Abahanuzi? Ndazi ko ubemera+.” 28  Mugabo Agiripa abwira Paulo ati: “Mu mwanya mutoyi wotuma nyurwa ngacika umukirisu.” 29  Kuri ivyo Paulo avuga ati: “Ico nsaba Imana ni uko haba mu mwanya mutoyi canke mu mwanya muremure atoba wewe gusa ahubwo ko n’abo bose banyumva uno musi bocika abameze nk’uko nanje ndi, havuyemwo izi mvuto.” 30  Nuko umwami arahaguruka, na buramatari na Berenise be n’abari bicaranye na bo. 31  Mugabo bahavuye, batangura kuvugana, bati: “Uyu muntu nta kintu na kimwe akora gikwiriye kumwicisha+ canke kumushirisha mu mvuto.” 32  Vyongeye, Agiripa abwira Fesito ati: “Uyu muntu yari kurekurwa iyo ataba yungururije+ kwa Sezari.”

Amakuru yiyongereye