Ivyakozwe 25:1-27
25 Fesito rero, amaze gushikira+ amabanga yo gutwara intara, haciye imisi itatu aduga i Yeruzalemu avuye i Sezariya+;
2 hanyuma abakuru b’abaherezi n’abantu bakurubakuru bo mu Bayuda barega+ Paulo kuri we. Nuko batangura kumwinginga,
3 bisabira ku vy’uwo mugabo ko yobagirira ubutoni akamutumako ngo aze i Yeruzalemu, kuko bari bateze umutego+ ngo bamwice mu nzira.
4 Ariko Fesito yishura yuko Paulo yari kuguma acungiwe i Sezariya be n’uko we ubwiwe yagira ajeyo vuba.
5 Avuga ati: “Ku bw’ivyo rero, abakuru bo muri mwebwe nibamanukane nanje bamwagirize+, nimba hari ikintu kitabereye kuri uwo mugabo.”
6 Nuko amaze imisi itarenga umunani canke cumi muri bo, amanuka i Sezariya, hanyuma bukeye yicara ku ntebe y’imanza+, ategeka ko bazana Paulo.
7 Ashitse, Abayuda bari bamanutse bavuye i Yeruzalemu bahagarara bamukikuje, bamurega ibirego vyinshi kandi bikomakomeye+ batashobora kwerekanira ibimenyamenya.
8 Mugabo Paulo mu kwiregura avuga ati: “Nta gicumuro na kimwe nakoze+ haba kw’Itegeko ry’Abayuda canke ku rusengero+ canke kuri Sezari.”
9 Fesito ashaka kwitonesha+ ku Bayuda, aca yishura Paulo ati: “Woba ushaka kuduga i Yeruzalemu ukaba ari ho ucirirwa urubanza imbere yanje kuri ivyo bintu+?”
10 Mugabo Paulo avuga ati: “Mpagaze imbere y’intebe y’imanza ya Sezari+, aho mbwirizwa gucirwa urubanza. Nta kibi na kimwe nakoreye Abayuda+, nk’uko na wewe uvyibonera neza.
11 Nimba ndi inkozi y’ikibi koko+ hakaba kandi hari ikintu nakoze gikwiriye kunyicisha+, sinanse gupfa; ariko nimba mu vyo aba banyagiriza ata na kimwe kihari, nta n’umwe ashobora kuntanga kuri bo kugira ngo abanezereze. Nungururije kwa Sezari+!”
12 Maze Fesito, amaze kuvugana n’ikoraniro ry’abajanama, yishura ati: “Kwa Sezari ni ho wungururije; kwa Sezari ni ho uzoja.”
13 Haciye imisi mikeyi, Agiripa umwami na Berenise bashika i Sezariya mu rugendo rwo kuramutsa Fesito.
14 Nuko, bariko barahamara imisi itari mike, Fesito ashira imbere y’umwami ikibazo ca Paulo, ati:
“Hari umugabo umwe Felisi yasize ari imbohe,
15 kandi igihe nari i Yeruzalemu abakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye bo mu Bayuda baramureze+, basaba yuko yokubitwa intahe mu gahanga.
16 Mugabo nabishuye yuko atari ko bisanzwe bigenda mu Baroma gutanga umuntu kugira ngo abantu banezerwe, imbere y’uko uwagirizwa ahura amaso mu yandi n’abamwagiriza+, akaronka akaryo ko kwiregura ku vyo aregwa.
17 Aho bamariye rero gukoranira hamwe ng’aha, sinatebaganye, ahubwo ku musi ukurikira naciye nicara ku ntebe y’imanza, ntegeka ko bazana nya mugabo.
18 Aho abagiriji bahagurukiye, nta kirego na kimwe bashikirije+ c’ibintu bibi nari namwiyumviriyeko.
19 Bari bafitaniye gusa impari ku vyerekeye ugusenga+ ibimana kwabo no ku vyerekeye uwitwa Yezu yari yarapfuye mugabo Paulo akaguma yemeza ko ari muzima+.
20 Nuko, nzazaniwe na nya bihari vyabaye kuri ivyo bintu, ndamubaza nimba yoshima kuja i Yeruzalemu akaba ari ho acirwa urubanza kuri ivyo bintu+.
21 Mugabo aho Paulo yungururije+ agasaba kuguma acunzwe arindiriye ingingo ifatwa na Nyeningoma, nategetse ko aguma acunzwe gushika ndamurungike kwa Sezari.”
22 Nuko Agiripa abwira Fesito ati: “Na jewe noshima kwumva uyo muntu+.” Na we avuga ati: “Ejo uzomwumva.”
23 Bukeye rero, Agiripa na Berenise bazanana ukwiyerekana kw’agatangaza kwa cane+, hanyuma binjira mw’iyumviririzo ry’imanza bari kumwe n’abakomanda ba gisirikare hamwe n’abagabo bubahwa bo mu gisagara, maze Fesito atanze itegeko, bazana Paulo.
24 Fesito avuga ati: “Mwami Agiripa namwe mwese muri kumwe natwe ng’aha, murabona uyu mugabo Abayuda indiri bose hamwe banyituyeko i Yeruzalemu n’ino ku bimwerekeye, basemerera ngo ntiyari akwiye kubandanya kubaho+.
25 Mugabo nabonye ko ata kintu na kimwe yari yakoze gikwiriye kumwicisha+. Aho rero uyu mugabo ubwiwe yungururije+ kwa Nyeningoma, nafashe ingingo yo kumurungika.
26 Mugabo ku bimwerekeye nta kintu na kimwe mfise gitomoye co kwandikira Umukama wanje. Ni co gituma namuzanye imbere yanyu, na canecane imbere yawe, Mwami Agiripa, kugira ngo isambishwa niryamara kuba+, ndonke ico nandika.
27 Kuko bisa n’ibitumvikana kuri jewe kurungika imbohe sinerekane n’ibirego iregwa.”