Ivyakozwe 24:1-27
24 Haciye imisi itanu, umuherezi mukuru Ananiya+ amanukana n’abagabo b’inararibonye bakeyi hamwe n’umuntu azi kuvugira imbere y’abantu, uwitwa Teritulo, hanyuma barega+ Paulo kuri buramatari+.
2 Ahamagawe, Teritulo atangura kumwagiriza, ati:
“Kubera ko dufise amahoro menshi+ biciye kuri wewe be n’uko hari ibiriko biratunganywa busha muri iri hanga biciye ku gutegekanya ibintu kwawe,
3 mu bihe vyose n’ahantu hose turavyakirana ugukenguruka kwinshi, Nyakwubahwa+ Felisi.
4 Mugabo kugira singufatire cane, ndakwinginze utwumve gatoyi mu kumera neza kwawe.
5 Kuko twasanze uyu mugabo ari ikiza+, avyura imigumuko+ mu Bayuda bose kw’isi yose, akaba na kizigenza w’umuce w’idini w’Abanyanazareti+,
6 akaba kandi ari umuntu yagerageje guhumanya urusengero+, tukaba twamufashe.
7 * ——
8 Wewe ubwawe mu kumusambisha urashobora kumenya ivy’ivyo vyose tumwagiriza avyivugiye.”
9 Kuri ivyo Abayuda na bo nyene biyunga kuri ico gitero, bemeza yuko ivyo ari ko biri.
10 Paulo na we, aho buramatari amuhereye ikimenyetso akoresheje umutwe mu kumwemerera kuvuga, yishura ati:
“Kubera nzi neza yuko umaze imyaka myinshi uri umucamanza w’iri hanga, bitumye mvuga ivyanje ata ngorane mu kwiregura+,
11 narirya wewe ushoboye kumenya yuko kuri jewe ata misi irenze cumi n’ibiri irahaca kuva nduze gusenga+ i Yeruzalemu;
12 kandi ntibansanze mu rusengero+ ndiko mparira n’umuntu n’umwe canke ntera akagwi+ guhundara hamwe, haba mu masinagogi canke mu gisagara hose.
13 Eka ntibashobora no kwemeza+ imbere yawe ivyo banyagiriza ubu nyene.
14 Mugabo ico nkwemereye coco ni iki: nk’uko ya nzira bita ‘umuce w’idini’ iri, ni ko ndiko nkorera Imana ya ba sogokuruza banje igikorwa ceranda+, nk’uko nemera ibintu vyose biri mw’Itegeko+ kandi vyanditswe mu Bahanuzi;
15 kandi ndafise icizigiro+ ku Mana, ari na co cizigiro aba na bo nyene bafise, yuko hagiye kubaho izuka+ ry’abagororotsi+ n’abatari abagororotsi+.
16 Muri ivyo koko ni ho ndiko nihata ubudahengeshanya ngo ngire ijwi ryo mu mutima+ rimbwira ko ata kibi ndiko nkorera Imana n’abantu.
17 Nuko haciye imyaka itari mike ndashika kugira ngo nzanire ihanga ryanje imfashanyo y’aboro, n’amashikanwa+.
18 Igihe nari kuri ivyo, bansanze mu rusengero mpumanuwe nk’uko bisabwa+, mugabo ata sinzi canke uruhagarara. Mugabo hari Abayuda bamwe bo mu ntara ya Aziya
19 bari bakwiye kuba bahari imbere yawe bakanyagiriza nimba hoba hari ico bandega+.
20 Canke na ho, abari ng’aha nibivugire ubwabo ikibi babonye igihe nari mpagaze imbere y’Inama Nkuru,
21 atari iri jambo rimwe nasemereye mpagaze muri bo, nti: ‘Izuka ry’abapfuye ni ryo ndiko ncirwako urubanza uno musi imbere yanyu+.’”
22 Ariko Felisi+, kubera yari azi neza ivy’iyo Nzira+, ashira abo bantu ku kindi gihe, avuga ati: “Aho Lisiyasi+ komanda wa gisirikare azomanukira hose, nzofata ingingo kuri ivyo bintu biberekeye.”
23 Hanyuma ategeka intwazangabo yuko uwo muntu aguma acunzwe mugabo agatezurirwa gatoyi mu kubohwa kwiwe, be n’uko atobuza umuntu n’umwe mu biwe kumukorera+.
24 Haciye imisi mikeyi Felisi+ arashika ari kumwe na Durusila umugore wiwe, akaba yari Umuyudakazi+, hanyuma atumako Paulo maze aramwumviriza ku bijanye n’ukwemera Kristu Yezu+.
25 Mugabo avuze ibijanye n’ubugororotsi+ n’ukwigumya+ be n’ivy’uguca imanza+ kuzoza, Felisi agira ubwoba, yishura ati: “Ubu nugende, mugabo ninaronka umwanya ubereye nzosubira ngutumeko.”
26 Ariko ico gihe nyene yari yizigiye ko Paulo amuha amahera+. Ni co catumye anarushirizaho kumutumako kenshi, akayaga na we+.
27 Mugabo haheze imyaka ibiri, Felisi asubirirwa na Porusiyo Fesito; hanyuma kubera ko Felisi yipfuza kwitonesha+ ku Bayuda, asiga Paulo aboshwe.