Ivyakozwe 23:1-35

23  Paulo ashinga ijisho Inama Nkuru, avuga ati: “Bagabo, bene wacu, nagendeye imbere y’Imana mfise ijwi ryo mu mutima ritanyagiriza ikibi na gato+ gushika uno musi.”  Umuherezi mukuru Ananiya aca ategeka abahagaze iruhande yiwe kumukubita+ ku munwa.  Maze Paulo amubwira ati: “Imana igiye kugukubita, wa ruhome rusizwe ishwagara+. Wewe wicaritswe no kuncira urubanza hisunzwe Itegeko+, hanyuma urenge nya Tegeko+, utegeke ngo bankubite?”  Abahagaze ng’aho bavuga bati: “Uratuka umuherezi mukuru w’Imana?”  Paulo na we avuga ati: “Bene wacu, sinari nzi ko ari umuherezi mukuru. Kuko vyanditswe ngo: ‘Ntukavuge nabi umutware w’igisata cawe+.’”  Buno Paulo abonye yuko igice kimwe ari Abasadukayo+ mugabo ikindi kikaba Abafarizayo, arasemerera mu Nama Nkuru ati: “Bagabo, bene wacu, jewe ndi Umufarizayo+, umwana w’Abafarizayo. Icizigiro c’izuka+ ry’abapfuye ni co ndiko ncirwako urubanza+.”  Avuze ivyo, havyuka ugucanamwo+ hagati y’Abafarizayo n’Abasadukayo, nya bantu indiri bicamwo imigwi.  Kuko Abasadukayo+ bavuga ko ata zuka+ canke umumarayika canke impwemu bibaho, mugabo Abafarizayo bo bakavyatura icese vyose.  Nuko havyuka induru ikomeye+, hanyuma bamwe mu banditsi bo mu mugambwe w’Abafarizayo barahaguruka batangura kuja impaka bimwe bikaze, bavuga bati: “Nta kibi na kimwe tubona muri uyu muntu+; mugabo nimba impwemu canke umumarayika vyavuganye na we+...” 10  Maze aho nya gucanamwo gukomereye, wa mukomanda wa gisirikare atinya yuko Paulo bohava bamutabagura, aca ategeka inteko z’abasoda+ kumanuka zikamushikura hagati yabo zikamuzana ku cicaro c’abasoda+. 11  Mugabo ijoro rikurikira, Umukama ahagarara iruhande yiwe+, avuga ati: “Gira umutima rugabo+! Kuko nk’uko umaze igihe ushinga intahe inogangije+ ku binyerekeye i Yeruzalemu, ni na ko utegerezwa gushinga intahe i Roma+.” 12  Maze bukeye, Abayuda baja umugambi mubi+, bararahira barisiba+ yuko batoriye canke ngo banywe batishe Paulo+. 13  Abantu barenga mirongo ine ni bo bagiye uwo mugambi mubi bashizeko n’indahiro; 14  hanyuma baja ku bakuru+ b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye, bavuga bati: “Twarahiye turisiba dushimitse yuko ata dufungurwa na dukeyi tugeza mu kanwa tutishe Paulo. 15  Ubu rero, mwebwe hamwe n’Inama Nkuru nimwumvishe komanda igituma akwiye kumubamanukanira nk’aho mwoba mushaka kumenya neza ivyiwe+. Mugabo imbere y’uko yegera tuzoba twiteguriye kumwica+.” 16  Ariko rero, umuhungu wa mushiki wa Paulo yumva ivy’uwo mutego wabo+, aca araza, yinjira ahari icicaro c’abasoda, abimenyesha Paulo. 17  Nuko Paulo ahamagara umwe mu ntwazangabo, avuga ati: “Jana uyu musore kwa komanda, kuko ari n’ikintu amumenyesha.” 18  Nuko uwo mugabo aramufata amujana kwa komanda, avuga ati: “Ya mbohe Paulo yampamagaye ansaba kukuzanira uyu musore, kuko ari n’ico akubwira.” 19  Nya mukomanda amufata+ ukuboko aragenda, atangura kumubaza mu mwiherero ati: “Ikintu ushaka kumenyesha ni igiki?” 20  Avuga ati: “Abayuda bumvikanye kugusaba kumanukana Paulo mu Nama Nkuru ejo nk’aho boba bashaka kumenya neza ivyiwe+. 21  Na canecane, ntureke ngo bakwumvishe unyurwe, kuko abagabo barenga mirongo ine bo muri bo bamureretse+, kandi barahiye barisiba yuko batazogenda bariye canke ngo banywe batamwishe+; kandi ubu biteguye, barindiriye ico ubemerera.” 22  Nuko nya mukomanda arareka nya musore aragenda amaze kumutegeka ati: “Ntihagire uwo ukerukiriza yuko wamenyesheje ivyo bintu.” 23  Hanyuma atumako babiri mu ntwazangabo, avuga ati: “Tegura abasoda amajana abiri bo kugenda gushika i Sezariya, hamwe n’abagabo mirongo irindwi bagendera ku mafarasi be n’abagabo amajana abiri bitwaza amacumu, kw’isaha ya gatatu y’ijoro. 24  Vyongeye, tanga n’ibitwazi kugira burizeko Paulo bamujane ata nkomanzi kwa Felisi buramatari.” 25  Araheza yandika ikete rimeze uku: 26  “Kolode Lisiyasi, kuri Nyakwubahwa Buramatari Felisi+: Ndabaramukije! 27  Uyu mugabo yafashwe n’Abayuda, bakaba bagira bamukureho, mugabo naciye buno nyene nzanana n’inteko z’abasoda ndamutabara+, kuko numvise ko ari Umuroma+. 28  Kandi kubera nashaka kumenya neza ico bamwagiriza, naramumanukanye mu Nama Nkuru yabo+. 29  Nasanze yagirizwa ibijanye n’ibibazo vy’Itegeko ryabo+, mugabo nta kintu na kimwe aregwa gikwiriye kumwicisha canke kumushirisha mu mvuto+. 30  Mugabo kubera yuko namenyeshejwe umugambi mubi+ yagiriwe, nciye ndamukurungikira, nongera ntegeka abamwagiriza ko bomwagiririza imbere yawe+.” 31  Abo basoda+ rero bafata Paulo nk’uko amategeko bahawe ari, bamutwara mw’ijoro i Antipatiri. 32  Bukeye, barareka abagendera ku mafarasi baba ari bo bajana na we, na bo basubira ku cicaro c’abasoda. 33  Nya bantu bagendera ku mafarasi binjira i Sezariya+, baha buramatari rya kete bongera bamushikiriza Paulo. 34  Nuko ararisoma hanyuma abaza intara yavamwo, araheza amenya neza+ yuko yari uw’i Silisiya+. 35  Avuga ati: “Nzokwumviriza neza abakwagiriza na bo nibamara gushika+.” Aca ategeka yuko bamucungira mu kirimba c’umwami Herodi.

Amakuru yiyongereye