Ivyakozwe 22:1-30

22  “Bagabo, bene wacu+ na ba data, nimwumve rero ukwiregura kwanje+ imbere yanyu.”  (Erega, bumvise ariko ababwira mu rurimi rw’igiheburayo+, bose barushiriza gucereza, avuga ati:)  “Jewe ndi Umuyuda+, navukiye i Taruso h’i Silisiya+, mugabo nigishirijwe muri iki gisagara imbere y’ibirenge vya Gamaliyeli+, nigishwa nk’uko biri mw’Itegeko rya ba sogokuruza ata guca ku ruhande+, ngirira umwete+ Imana nk’uko mwese mumeze uno musi.  Kandi narahama iyi Nzira gushika ku rupfu+, nkaboha nkongera ngatanga ku mabohero+ abagabo n’abagore,  nk’uko umuherezi mukuru n’ikoraniro ryose ry’abagabo b’inararibonye+ bashobora kunshingira intahe. Narakuye kandi kuri bo amakete+ yo kujana kuri bene wacu i Damasiko, kandi nari ku nzira ngiye gutora n’abariyo ngo ndabazane i Yeruzalemu baboshe kugira ngo bahanwe.  “Mugabo ndi ku rugendo nkegereza i Damasiko, nko ku mutaga, bukwi na bukwi umuco mwinshi uvuye mw’ijuru undabiriza irya n’ino+,  nca ngwa hasi, numva ijwi rimbwira riti: ‘Sauli, Sauli, umpamira iki+?’  Nishura nti: ‘Uri nde ga Mukama?’ Na we ambwira ati: ‘Ndi Yezu Umunyanazareti, uwo uriko urahama+.’  Ico gihe abantu bari kumwe nanje+ barabona koko nya muco, mugabo ntibumva ijwi ry’uwariko arambwira+. 10  Kuri ivyo ndavuga nti: ‘Nkore iki+ ga Mukama?’ Umukama ambwira ati: ‘Haguruka, winjire i Damasiko, ng’aho uzobwirwa ivyo ugenewe gukora vyose+.’ 11  Mugabo kubera ntashobora kubona ikintu na kimwe bitumwe n’ubukayangane bw’uwo muco, nshika i Damasiko, mfashwe ukuboko n’abari kumwe nanje+. 12  “Maze Ananiya, umugabo yatinya Imana nk’uko Itegeko ryari, akaba yavugwa neza+ n’Abayuda bose bahaba, 13  aza aho ndi, ahagarara iruhande yanje, ambwira ati: ‘Sauli, mwene wacu, subira ubone+!’ Nca ndaramura amaso ndamuraba iyo saha nyene. 14  Avuga ati: ‘Imana ya ba sogokuruza bacu+ yagutoreye+ kumenya ukugomba kwayo, no kubona+ wa Mugororotsi+, no kwumva ijwi ry’akanwa kiwe+, 15  kubera ko utegerezwa kumubera icabona ku bantu bose c’ivyo wabonye kandi wumvise+. 16  None utebejwe n’iki? Haguruka, ubatizwe+, wiyoze+ ibicumuro vyawe mu kwambaza izina ryiwe+.’ 17  “Mugabo aho mariye gusubira i Yeruzalemu+, ndiko ndasenga mu rusengero, mba nk’uwutwawe n’indoto+ 18  maze ndamubona ambwira ati: ‘Nyarutsa usohoke uve i Yeruzalemu ningoga, kuko batazokwemera+ intahe unshingira.’ 19  Nanje ndavuga nti: ‘Mukama, ubwabo barazi neza yuko nahora nta mw’ibohero+ abakwemera kandi nkabatonagurira mw’isinagogi no mu yindi+; 20  kandi igihe amaraso ya Sitefano+ icabona cawe yariko aravishwa, na jewe nari mpagaze ng’aho ndabishigikiye+ nongera ndinda impuzu zo hejuru z’abariko baramwica.’ 21  Yamara ambwira ati: ‘Genda, kuko nzogutuma ku mahanga kure cane+.’” 22  Buno baguma bamwumviriza gushika kuri iryo jambo, hanyuma bashira amajwi hejuru, bavuga bati: “Kura umuntu mwene uyo kw’isi, kuko atari akwiriye kubaho+!” 23  Kandi kubera bariko basemerera bongera batagaguza impuzu zabo zo hejuru bagasurira n’umukungugu mu kirere+, 24  wa mukomanda wa gisirikare ategeka ko yinjizwa ahari icicaro c’abasoda, avuga kandi yuko akwiye gusambishwa hariko n’ugushishagurwa, kugira ngo amenye neza igituma bariko basemerera+ bamwiyamiriza muri ubwo buryo. 25  Mugabo aho bamariye kumuramvura kugira ngo akubitwe, Paulo abwira intwazangabo yari ihagaze ng’aho ati: “Mbega muremererwa gushishagura umuntu w’Umuroma+ kandi ata rubanza rwamutsinze?” 26  Erega nya ntwazangabo ngo ivyumve, ija kwa wa mukomanda irabimumenyesha, iti: “Ugira ukore iki? Erega uyu muntu ni Umuroma.” 27  Nuko wa mukomanda aregera, amubwira ati: “Mbwira: Uri Umuroma+?” Na we ati: “Egome.” 28  Nya mukomanda asubizayo ati: “Jewe ubwo burenganzira bwo kuba umwenegihugu nabuguze amahera menshi.” Paulo avuga ati: “Mugabo jewe nabuvukiyemwo+.” 29  Buno nyene rero, nya bantu bagira bamusambishe hariko no kumusinzikariza ubuzima baramureka baragenda; nya mukomanda aca agira ubwoba aho amenyeye neza yuko ari Umuroma+ kandi akaba yari yamuboshe. 30  Bukeye rero, kubera ko yipfuza kumenya neza igituma yariko aragirizwa n’Abayuda, aramubohora, ategeka abakuru b’abaherezi n’Inama Nkuru yose gukorana. Hanyuma amanukana Paulo, amuhagarika hagati yabo+.

Utujambo tw'epfo