Ivyakozwe 22:1-30
22 “Bagabo, bene wacu+ na ba data, nimwumve rero ukwiregura kwanje+ imbere yanyu.”
2 (Erega, bumvise ariko ababwira mu rurimi rw’igiheburayo+, bose barushiriza gucereza, avuga ati:)
3 “Jewe ndi Umuyuda+, navukiye i Taruso h’i Silisiya+, mugabo nigishirijwe muri iki gisagara imbere y’ibirenge vya Gamaliyeli+, nigishwa nk’uko biri mw’Itegeko rya ba sogokuruza ata guca ku ruhande+, ngirira umwete+ Imana nk’uko mwese mumeze uno musi.
4 Kandi narahama iyi Nzira gushika ku rupfu+, nkaboha nkongera ngatanga ku mabohero+ abagabo n’abagore,
5 nk’uko umuherezi mukuru n’ikoraniro ryose ry’abagabo b’inararibonye+ bashobora kunshingira intahe. Narakuye kandi kuri bo amakete+ yo kujana kuri bene wacu i Damasiko, kandi nari ku nzira ngiye gutora n’abariyo ngo ndabazane i Yeruzalemu baboshe kugira ngo bahanwe.
6 “Mugabo ndi ku rugendo nkegereza i Damasiko, nko ku mutaga, bukwi na bukwi umuco mwinshi uvuye mw’ijuru undabiriza irya n’ino+,
7 nca ngwa hasi, numva ijwi rimbwira riti: ‘Sauli, Sauli, umpamira iki+?’
8 Nishura nti: ‘Uri nde ga Mukama?’ Na we ambwira ati: ‘Ndi Yezu Umunyanazareti, uwo uriko urahama+.’
9 Ico gihe abantu bari kumwe nanje+ barabona koko nya muco, mugabo ntibumva ijwi ry’uwariko arambwira+.
10 Kuri ivyo ndavuga nti: ‘Nkore iki+ ga Mukama?’ Umukama ambwira ati: ‘Haguruka, winjire i Damasiko, ng’aho uzobwirwa ivyo ugenewe gukora vyose+.’
11 Mugabo kubera ntashobora kubona ikintu na kimwe bitumwe n’ubukayangane bw’uwo muco, nshika i Damasiko, mfashwe ukuboko n’abari kumwe nanje+.
12 “Maze Ananiya, umugabo yatinya Imana nk’uko Itegeko ryari, akaba yavugwa neza+ n’Abayuda bose bahaba,
13 aza aho ndi, ahagarara iruhande yanje, ambwira ati: ‘Sauli, mwene wacu, subira ubone+!’ Nca ndaramura amaso ndamuraba iyo saha nyene.
14 Avuga ati: ‘Imana ya ba sogokuruza bacu+ yagutoreye+ kumenya ukugomba kwayo, no kubona+ wa Mugororotsi+, no kwumva ijwi ry’akanwa kiwe+,
15 kubera ko utegerezwa kumubera icabona ku bantu bose c’ivyo wabonye kandi wumvise+.
16 None utebejwe n’iki? Haguruka, ubatizwe+, wiyoze+ ibicumuro vyawe mu kwambaza izina ryiwe+.’
17 “Mugabo aho mariye gusubira i Yeruzalemu+, ndiko ndasenga mu rusengero, mba nk’uwutwawe n’indoto+
18 maze ndamubona ambwira ati: ‘Nyarutsa usohoke uve i Yeruzalemu ningoga, kuko batazokwemera+ intahe unshingira.’
19 Nanje ndavuga nti: ‘Mukama, ubwabo barazi neza yuko nahora nta mw’ibohero+ abakwemera kandi nkabatonagurira mw’isinagogi no mu yindi+;
20 kandi igihe amaraso ya Sitefano+ icabona cawe yariko aravishwa, na jewe nari mpagaze ng’aho ndabishigikiye+ nongera ndinda impuzu zo hejuru z’abariko baramwica.’
21 Yamara ambwira ati: ‘Genda, kuko nzogutuma ku mahanga kure cane+.’”
22 Buno baguma bamwumviriza gushika kuri iryo jambo, hanyuma bashira amajwi hejuru, bavuga bati: “Kura umuntu mwene uyo kw’isi, kuko atari akwiriye kubaho+!”
23 Kandi kubera bariko basemerera bongera batagaguza impuzu zabo zo hejuru bagasurira n’umukungugu mu kirere+,
24 wa mukomanda wa gisirikare ategeka ko yinjizwa ahari icicaro c’abasoda, avuga kandi yuko akwiye gusambishwa hariko n’ugushishagurwa, kugira ngo amenye neza igituma bariko basemerera+ bamwiyamiriza muri ubwo buryo.
25 Mugabo aho bamariye kumuramvura kugira ngo akubitwe, Paulo abwira intwazangabo yari ihagaze ng’aho ati: “Mbega muremererwa gushishagura umuntu w’Umuroma+ kandi ata rubanza rwamutsinze?”
26 Erega nya ntwazangabo ngo ivyumve, ija kwa wa mukomanda irabimumenyesha, iti: “Ugira ukore iki? Erega uyu muntu ni Umuroma.”
27 Nuko wa mukomanda aregera, amubwira ati: “Mbwira: Uri Umuroma+?” Na we ati: “Egome.”
28 Nya mukomanda asubizayo ati: “Jewe ubwo burenganzira bwo kuba umwenegihugu nabuguze amahera menshi.” Paulo avuga ati: “Mugabo jewe nabuvukiyemwo+.”
29 Buno nyene rero, nya bantu bagira bamusambishe hariko no kumusinzikariza ubuzima baramureka baragenda; nya mukomanda aca agira ubwoba aho amenyeye neza yuko ari Umuroma+ kandi akaba yari yamuboshe.
30 Bukeye rero, kubera ko yipfuza kumenya neza igituma yariko aragirizwa n’Abayuda, aramubohora, ategeka abakuru b’abaherezi n’Inama Nkuru yose gukorana. Hanyuma amanukana Paulo, amuhagarika hagati yabo+.