Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ivyakozwe 21:1-40

21  Aho tumariye kubiyaka tukagenda hanyuma tugafata ikiyaga, tunyaruka umudakebuka maze dushika i Kosi, mugabo ku musi ukurikira dushika i Rode, hanyuma tuva ng’aho dushika i Patara.  Aho tumariye kuronka ubwato bwajabuka i Fenisiya, tururira turagenda.  Dushitse aho tubona izinga rya Shipure+, turisiga inyuma ibubamfu turabandanya tugana i Siriya+, duhagarara i Tiro, kuko aho ari ho ubwato bwabwirizwa gupakururira imizigo+.  Turondeye turatora abigishwa, hanyuma tuhaguma imisi indwi. Mugabo biciye ku mpwemu+ baguma babwira Paulo kudahonyoza ikirenge i Yeruzalemu.  Nuko rero turangije nya misi, tuva ng’aho dufata inzira; mugabo bose, bari kumwe n’abagore n’abana, baraduherekeza gushika inyuma y’igisagara. Hanyuma turapfukama+ kw’isesero ry’ikiyaga turasenga  maze turasezerana+, turaheza twurira ubwato mugabo bo basubira iwabo.  Maze turangiza urugendo rwo kuva i Tiro hanyuma dushika i Putolemayi, turamutsa abavukanyi, tugumana na bo umusi umwe.  Bukeye dufata urugendo dushika i Sezariya+, twinjira mu nzu ya Filipo umwamamaji w’injili, akaba yari umwe muri ba bagabo indwi+, hanyuma tugumana na we.  Uyo mugabo yari afise abakobwa bane b’isugi, bavuga ubuhanuzi+. 10  Mugabo tukihagumye imisi itari mike, umuhanuzi umwe yitwa Agabo+ amanuka avuye i Yudaya, 11  ashika aho turi hanyuma afata umukanda wa Paulo, yiboha amaguru n’amaboko, avuga ati: “Uku ni ko impwemu nyeranda ivuga: ‘Umugabo nyen’uyu mukanda Abayuda bazomuboha+ muri ubu buryo i Yeruzalemu, bamutange+ mu maboko y’abanyamahanga.’” 12  Aho twumviye ivyo, twe n’abo ng’aho dutangura kumwinginga ngo ntaduge+ i Yeruzalemu. 13  Maze Paulo yishura ati: “Ivyo mugira ni ibiki, ko murira+ mwongera muntera kugoyagoya mu mutima+? Nimubimenye: siniteguriye kuboherwa i Yeruzalemu vyonyene, ahubwo nditeguriye no gupfirayo+ ku bw’izina ry’Umukama Yezu.” 14  Vyanse ko ateshwa, tuvyemera ukwo, tuvuga duti: “Ukugomba+ kwa Yehova nikube.” 15  Inyuma y’iyo misi rero twitegurira urugendo, hanyuma dutangura kuduga i Yeruzalemu+. 16  Mugabo bamwe mu bigishwa b’i Sezariya+ na bo nyene bajana natwe, ngo badutware ku muntu yari kuduha indaro iwe, umuntu yitwa Munasoni w’i Shipure, umwigishwa wo mu ntango. 17  Dushitse i Yeruzalemu+, abavukanyi batwakirana urweze+. 18  Mugabo ku musi ukurikira Paulo yinjirana natwe kwa Yakobo+; kandi abagabo b’inararibonye bose ni ho bari. 19  Nuko arabaramutsa, atangura kubiganira ido n’ido inkuru+ y’ibintu Imana yakoreye mu mahanga biciye ku busuku bwiwe+. 20  Aho bavyumviye batangura kuninahaza Imana, bamubwira bati: “Urabona, mwene wacu, ibihumbi vy’abemera biri mu Bayuda ingene bingana; kandi bose barafitiye umwete Itegeko+. 21  Mugabo barumvise urukurukuru kuri wewe yuko umaze igihe wigisha Abayuda bose mu mahanga ubuhuni ku bijanye na Musa+, ubabwira kutagenyera+ abana babo no kutagendera mu migenzo yashinzwe. 22  None hakorwe iki kuri ivyo? Uko biri kwose, baraza kwumva ko washitse. 23  Kora rero ibi tukubwiye: Turafise abagabo bane bariko indagano. 24  Jana abo bagabo+ wihumanurane na bo nk’uko bisabwa wongere urihe ivyo basohora+, kugira ngo imitwe yabo imobwe+. Ni ho bose bazomenya yuko urukurukuru bakwumviseko ata co ruvuze, ahubwo ko ugendera ku rutonde, wewe ubwawe ukagumya Itegeko+. 25  Nayo ku vyerekeye abemera bo mu mahanga, twarafashe ingingo yacu, turaheza turayirungika, yuko bakwiye kuguma birinze ivyashikaniwe ibigirwamana+, n’amaraso+, n’ibinizwe+ be n’ubusambanyi+.” 26  Maze Paulo ajana nya bagabo bukeye, hanyuma arihumanurana na bo nk’uko bisabwa+ araheza yinjira mu rusengero, kugira amenyeshe imisi ikwiye kurangira+ ku bw’ukwo guhumanurwa kwashinzwe, gushika ishikanwa+ ritangiwe umwe wese muri bo+. 27  Maze ya misi indwi+ iri mu kurangira, Abayuda bo muri Aziya bamubonye mu rusengero batangura gutera umuvurungano mw’isinzi ryose+, baca bamushorerako amaboko, 28  basemerera bati: “Bagabo ba Isirayeli, tabara! Ng’uyu wa mugabo yigisha abantu bose ahantu hose ibirwanya iki gisata+ n’Itegeko n’aha hantu! Kandi uretse ivyo, yaraninjije Abagiriki mu rusengero, ahumanya aha hantu heranda+.” 29  Kuko imbere y’aho bari babonye Tirofimo+ Umunyefeso mu gisagara ari kumwe na we, mugabo biyumvira ko Paulo yari yamwinjije mu rusengero. 30  Igisagara cose kija mu ntureka+, abantu bariruka barundanira hamwe; bacakira Paulo bamuburutira inyuma y’urusengero+. Buno nyene imiryango ica irugarwa. 31  Igihe bariko barondera kumwica, amakuru ashikira umukomanda w’inteko yuko Yeruzalemu yose iri mu muvurungano+; 32  na we aca afata abasoda n’intwazangabo, yirukanga amanuka iyo bari+. Ngo babone nya mukomanda wa gisirikare+ na nya basoda, baca bareka gukubita Paulo. 33  Maze nya mukomanda aregera aramufata, ategeka yuko aboheshwa iminyororo ibiri+; atangura kubaza uwo ari we n’ico yari yakoze. 34  Mugabo bamwe muri nya sinzi batangura gusemerera bavuga ikintu kimwe, abandi ikindi+. Nuko rero, abonye ata kintu gitomoye amenye kubera uruhagarara, ategeka ko bamujana ku cicaro c’abasoda+. 35  Mugabo ashitse ku ngazi, ibintu bigera aho abasoda bamuterura bakamutwara kubera ubukazi bw’iryo sinzi; 36  kuko nya bantu indiri baguma bakurikira, basemerera bati: “Mukureho+!” 37  Hanyuma agira yinjizwe ku cicaro c’abasoda, Paulo abwira nya mukomanda ati: “Noba nemerewe kugira ico nkubwiye?” Na we ati: “Urazi ikigiriki? 38  Ubwo koko nturi wa Munyamisiri yatera umugumuko mu misi iheze+ akajana mu gahinga ba bagabo ibihumbi bine bitwaza intambi?” 39  Maze Paulo avuga ati: “Mu vy’ukuri ndi Umuyuda+ w’i Taruso+ muri Silisiya, umunyagihugu wo mu gisagara kitayoberanye. Ndakwinginze rero, unkundire ngire ico mbwira aba bantu.” 40  Amaze gutanga uruhusha, Paulo ahagaze ku ngazi agirira ikimenyetso+ abantu n’ukuboko abamāma. Hamaze kuba agacerere kenshi, abashikiriza ijambo mu rurimi rw’igiheburayo+, ati:

Amakuru yiyongereye