Ivyakozwe 20:1-38
20 Nya ntureka imaze guhwama, Paulo atumako abigishwa, hanyuma amaze kubaremesha no kubaha agasaga+, ava ng’aho aja i Makedoniya+.
2 Aho amariye guca muri iyo mihingo akaremesha abahari akoresheje amajambo atari make+, aza mu Bugiriki.
3 Amazeyo amezi atatu, kubera ko Abayuda bari bamugiriye umugambi mubi+ igihe yagira afate ubwato ngo aje i Siriya, afata ingingo yo gusubira inyuma aciye i Makedoniya.
4 Yari aherekejwe na Sopatero+ mwene Piro w’i Beroya, Arisitariko+ na Sekundo bo mu Batesalonika, na Gayo w’i Derube, na Timoteyo+, na Tikiko+ na Tirofimo+ bo mu ntara ya Aziya.
5 Bano babandanya urugendo, baturindirira i Tirowa+;
6 mugabo dufata ikiyaga kuva i Filipi inyuma y’imisi y’imikate itarimwo umwambiro+, hanyuma turabashikira i Tirowa+ mu misi itanu; nuko tumarayo imisi indwi.
7 Ku musi wa mbere+ w’iyinga, igihe twari dukoraniye hamwe ngo twihereze imfungurwa, Paulo atangura kubashikiriza ijambo, kuko bwaca agenda; abandanya ijambo ryiwe gushika mu gicugu.
8 Hari rero amatara atari make mu cumba co hejuru+ aho twari dukoraniye.
9 Umusore umwe yitwa Eyutiko yari yicaye kw’idirisha, asinzira itiro rinini mu gihe Paulo yaguma avuga, maze akoroka ari mw’itiro, agwa hasi avuye kw’igorofa igira gatatu, bamutora yapfuye.
10 Mugabo Paulo aramanuka, amwitako+, aramubumbatira, avuga ati: “Nimureke kuvuza induru, kuko ubuzima bwiwe buri muri we+.”
11 Buno araduga, atanguza imfungurwa, arafungura, amara umwanya utari muto ayaga, gushika mu mutwenzi, amaherezo aragenda.
12 Nuko batwara wa muhungu ari muzima, barahozwa bimwe bitagira urugero.
13 Maze tuba turagenda ku bwato hanyuma tuja i Aso, aho twagomba kwuririza Paulo mu bwato, kuko we yagomba kugenda n’amaguru aho amariye gutanga amabwirizwa kuri ivyo.
14 Aho rero amariye kuduhamvya i Aso, tumwuriza mu bwato tuja i Mitileni;
15 hanyuma dufashe ubwato tukavayo ku musi ukurikira, dushika aharabana na Kiyo, mugabo bukeye dushikira Samo, hanyuma ku musi ukurikira dushika i Mileto.
16 Kuko Paulo yari yafashe ingingo yo kurengana Efeso+, kugira ngo ntamare umwanya na mutoyi mu ntara ya Aziya; kuko yariko yihuta kugira ngo hamwe vyomushobokera ashike i Yeruzalemu+ ku musi mukuru wa Pentekoti.
17 Ariko ari i Mileto atumako i Efeso abagabo b’inararibonye+ b’ishengero.
18 Bamushikiriye ababwira ati: “Murazi neza ingene kuva umusi wa mbere nahonyoje ikirenge mu ntara ya Aziya+ nagumanye namwe igihe cose+,
19 nshumbira+ Umukama n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi kurushirije+, n’amosozi, n’ibigeragezo vyanshikira bivuye ku migambi mibi+ Abayuda bangira;
20 kandi nta na kimwe naretse kubabwira mu bintu vyose vy’ingirakamaro canke ngo ndeke kubigisha+ ku mugaragaro be n’inzu+ ku nzu.
21 Mugabo nashinze intahe inogangije+ ku Bayuda no ku Bagiriki yerekeye ukwigaya+ ku Mana n’ukwizera Umukama wacu Yezu.
22 Ubu rero, ehe ngiye i Yeruzalemu mboshwe mu mutima+, naho ntazi ibizonshikira muri ico gisagara,
23 kiretse yuko mu gisagara no mu kindi impwemu nyeranda+ iguma inshingira intahe mu kuvuga yuko imvuto n’amakuba bindindiriye+.
24 Yamara rero, simbona ubuzima bwanje nk’uburi n’ico bumaze, nk’aho ari ubw’agaciro kuri jewe+, ahubwo riho icompa nkarangiza urugendo rwanje+ n’ubusuku+ nahawe+ n’Umukama Yezu, ni kwo gushingira intahe inogangije inkuru nziza ya bwa buntu ata wari abukwiriye bw’Imana+.
25 “Ubu rero, ehe ndazi yuko mwebwe mwese abo nagiye ndamamazamwo ubwami mutazokwongera kubona mu maso hanje.
26 Ku bw’ivyo ndabatanzeko icabona uno musi nyene yuko ncuna ku maraso+ y’abantu bose,
27 kuko ataho naretse kubabwira inama yose+ y’Imana.
28 Mwirinde+ ubwanyu+, murinde n’ubusho bwose+, ubwo impwemu nyeranda yabagenyemwo kuba abacungezi+, ngo muragire ishengero ry’Imana+, iryo yaguze amaraso+ y’Umwana wayo bwite.
29 Ndazi yuko ninamara kugenda amabingira y’agahahazo+ azokwinjira muri mwebwe kandi ntazofatana ikibabarwe ubusho,
30 kandi muri mwebwe ubwanyu hazohaguruka abagabo bavuge ibigoramanze+ kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo+.
31 “Mugume murikanuye rero, kandi mwibuke yuko mu myaka itatu+, ijoro n’umurango, ataho naretse gukebura+ umwe wese muri mwebwe hariko n’amosozi.
32 Ubu rero ndabaragije Imana+ n’ijambo ry’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo, rikaba rishobora kububaka+ no kubaha intoranwa mu bejejwe bose+.
33 Nta feza canke inzahabu canke ivyambarwa vy’umuntu n’umwe nagiriye umwina+.
34 Mwebwe ubwanyu murazi yuko aya maboko yandonkeje ivyo nkenera+, abironsa n’abo turi kumwe.
35 Naraberetse muri vyose yuko mu kubira akuya gutyo+ ari ho mutegerezwa gusahiriza abagoyagoya+, kandi ko mutegerezwa kwibuka ya majambo y’Umukama Yezu, igihe we ubwiwe yavuga ati: ‘Gutanga birimwo agahimbare+ kuruta guhabwa.’”
36 Aho avugiye ivyo, apfukamana+ na bo bose, arasenga.
37 Emwe, bose baraturikisha bararira, bagwa Paulo mw’izosi+ baramusoma n’ikibabarwe+,
38 kuko bari bababajwe canecane n’ijambo yari yababwiye ry’uko batari kwongera kubona mu maso hiwe+. Nuko baramuherekeza+ gushika ku bwato.