Ivyakozwe 2:1-47

2  Igihe rero umusi mukuru wa Pentekoti*+ wariko urabandanya, bari hamwe bose muri ca kibanza nyene,  maze bukwi na bukwi haza urwamo ruvuye mw’ijuru rumeze nk’urw’umuyaga ukomeye uhuhuta, rwuzura nya nzu yose bari bicayemwo+.  Maze babona indimi zimeze nk’iz’umuriro+ hanyuma zirigabagura, rumwerumwe ruja kuri umwe wese muri bo,  bose buzuzwa impwemu nyeranda+, batangura kuvuga mu zindi ndimi+ nk’uko nya mpwemu yabaha kuvuga.  Ico gihe i Yeruzalemu haba Abayuda+, abagabo batinya Imana+, bo mu mahanga yose yo mu yari munsi y’ijuru.  Nuko, aho iryo jwi ryumvikaniye, nya bantu indiri bakoranira hamwe, bagwa mu gahundwe, kubera ko umwe wese yabumva bavuga mu rurimi rwiwe bwite.  Barajongoroka koko, baratangara, bavuga bati: “Ehe yemwe, none aba bose bariko baravuga si Abanyagalilaya+?  Yamara none, bishoboka gute ngo tube turiko turumva, umwe wese muri twebwe, ururimi rwiwe bwite yavukiyemwo?  Abapariti n’Abamedi+ n’Abelamu+, n’ababa muri Mezopotamiya, n’i Yudaya+ n’i Kapadosi+, i Ponto+ no mu ntara ya Aziya+, 10  n’i Firijiya+ n’i Pamfiliya+, mu Misiri no mu mihingo ya Libiya ahagana i Sireni, n’abacumbitse ino b’i Roma, Abayuda n’abinjiye idini ry’Abayuda+, 11  Abanyakirete+ n’Abarabu+, tubumva bavuga mu ndimi zacu ivyerekeye ibintu vy’agatangaza vy’Imana.” 12  Emwe, bose barajongoroka, barazazanirwa, babwirana bati: “Ibi bishaka kuvuga iki?” 13  Ariko abandi barabatwenga, batangura kuvuga bati: “Buzuye umuvinyu usosa+.” 14  Mugabo Petero ahagurukana na bamwe cumi n’umwe+ hanyuma ashira ijwi hejuru, ababwira iri jambo ati: “Bagabo b’i Yudaya namwe mwese ababa i Yeruzalemu+, nimumenye ibi kandi mutege ugutwi amajambo yanje. 15  Mu vy’ukuri aba bantu ntibaborewe+ nk’uko muvyibaza, kuko ari kw’isaha igira gatatu y’umusi. 16  Ahubwo riho, ibi ni vyo vyavuzwe biciye ku muhanuzi Yoweli, 17  ngo: ‘“Kandi mu misi ya nyuma,” ni ko Imana ivuga, “nzosuka igice c’impwemu yanje+ ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovuga ubuhanuzi, n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe, n’abatama banyu bazorota indoto+; 18  mbere nzosuka no ku bashumba banje be no ku bashumbakazi banje igice c’impwemu yanje muri iyo misi, na bo bazovuga ubuhanuzi+. 19  Kandi nzotanga ibitangaza mw’ijuru hejuru n’ibimenyetso kw’isi hasi, amaraso n’umuriro n’igipfungu c’umwotsi+; 20  izuba+ rizohinduka umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, imbere y’uko wa musi uhambaye kandi w’agatangaza wa Yehova ushika+. 21  Kandi umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa+.”’ 22  “Bagabo ba Isirayeli, nimwumve aya majambo: Yezu Umunyanazareti+, umugabo Imana yaberetse icese biciye ku bikorwa vy’ububasha+ n’ibitangaza n’ibimenyetso Imana yakoreye hagati yanyu+ biciye kuri we, nk’uko mwebwe ubwanyu mubizi, 23  uyo muntu, nk’uwatanzwe n’inama yashinzwe be n’ukumenya imbere y’igihe kw’Imana+, mwaramukomereye ku giti biciye ku kuboko kw’abantu b’abagarariji, muramwica+. 24  Mugabo Imana yaramuzuye+ mu kumubohora mu mibabaro y’urupfu+, kuko bitashoboka ko rubandanya kumugumya+. 25  Kuko Dawidi avuga ibimwerekeye ati: ‘Yehova nantaryo yaguma imbere y’amaso yanje; kuko ari iburyo bwanje ngo sinigere nyiganyizwa+. 26  Ku bw’ivyo umutima wanje wagize akamwemwe, n’ururimi rwanje ruranezerwa cane. Vyongeye, mbere n’umubiri wanje uzobaho mu cizigiro+; 27  kubera ko utazompebera mu kuzimu, canke ngo wemere ko intahemuka yawe ibona ukubora+. 28  Wamenyesheje inzira z’ubuzima, uzonyuzurisha urweze mu maso hawe+.’ 29  “Bagabo, bene wacu, nta kimbuza kubabwirana umwidegemvyo wo kuvuga ku vyerekeye wa mukuru w’umuryango Dawidi, yuko yahwereye+ agahambwa, n’imva yiwe ikaba iri muri twebwe gushika n’uno musi. 30  Nuko rero, kubera ko yari umuhanuzi akaba kandi yari azi yuko Imana yari yaramurahiye indahiro yuko yokwicaritse ku ntebe yiwe y’ubwami uwo mu mafyinga yiwe+, 31  yabonye imbere y’igihe ivyerekeye izuka rya Kristu yongera aravuga ivyaryo, yuko atahebewe mu kuzimu canke ngo umubiri wiwe ubone ukubora+. 32  Uyo Yezu Imana yaramuzuye, kandi twese turi ivyabona vy’ico kintu+. 33  Nuko rero, kubera ko yashizwe hejuru iburyo bw’Imana+ kandi akaronka ya mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe ayihawe na Se+, asutse iki mubona kandi mwumva. 34  Mu vy’ukuri Dawidi ntiyaduze mw’ijuru+, mugabo ubwiwe avuga ati: ‘Yehova yabwiye Umukama wanje ati: “Icara iburyo bwanje+, 35  gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe+.”’ 36  Nuko rero inzu ya Isirayeli yose nimenye ata gukeka yuko Imana yamugize Umukama+ na Kristu, uwo Yezu mwebwe mwamanitse+.” 37  Aho bumviye ivyo, basogotwa mu mitima+, babwira Petero n’izindi ntumwa bati: “Bagabo, bene wacu, tugire dute+?” 38  Petero ababwira ati: “Nimwigaye+, kandi umwe wese muri mwebwe abatizwe+ mw’izina+ rya Yezu Kristu ku bwo kubabarirwa+ ibicumuro vyanyu, muzoheza muronke ya ngabirano ya gusa+ y’impwemu nyeranda. 39  Kuko umuhango+ ari uwanyu n’abana banyu be n’abari kure bose+, abo Yehova Imana yacu ashobora guhamagara bose ngo baze kuri we+.” 40  Kandi akoresheje ayandi majambo menshi, yarashinze intahe inogangije yongera aguma abahimiriza, ati: “Nimwikize iri yaruka rihetaraye+.” 41  Nuko rero, abakiriye ijambo ryiwe n’umutima wabo wose barabatizwa+, kuri uwo musi abantu nk’ibihumbi bitatu barongerwako+. 42  Kandi babandanya kwihebera inyigisho y’intumwa no gusangira vyose+, kwihereza imfungurwa+ no gusenga+. 43  Emwe, ubwoba butangura gutekera abantu bose, hatangura no kuba ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi, biciye ku ntumwa+. 44  Ababaye abemera bose bari kumwe, bakaba kandi bari basangiye vyose+, 45  kandi baragurisha amatongo yabo+ n’ivyo batunze, bakagaburira bose ibivuyemwo, nk’uko umuntu wese yaba akeneye+. 46  Kandi imisi yose bama ku rusengero bahuje inama+, bagafungurira ibifungurwa vyabo mu mazu yabo, bakihereza imfungurwa banezerewe cane+ kandi bari n’umutima utarimwo uburyarya, 47  bashemeza Imana kandi bakagira ubutoni ku bantu bose+. Ico gihe nyene ku musi ku musi Yehova yaguma abongerako+ abaza barakizwa+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.