Ivyakozwe 18:1-28

18  Inyuma y’ivyo, ava i Atene aza i Korinto.  Abona Umuyuda umwe yitwa Akwila+, imvukira y’i Ponto yari aherutse kuva mu Butaliyano+, na Pirisila umugore wiwe, kuko Kolode+ yari yategetse Abayuda bose kuva i Roma. Nuko aja iwabo,  kandi kubera yuko bari basangiye umwuga, aguma i muhira iwabo, barakora+, kuko umwuga wabo wari uwo kujisha amahema.  Ariko yama ashikiriza insiguro mw’isinagogi+ buri sabato, agatuma Abayuda n’Abagiriki banyurwa.  Aho Silasi+ na Timoteyo+ bamanukiye bavuye i Makedoniya, Paulo atangura gufatīrwa cane na rya jambo, ashinga intahe ku Bayuda kugira ngo yerekane neza ko Yezu ari we Kristu+.  Mugabo kubera yuko baguma babirwanya kandi bagatukana+, akunkumura impuzu ziwe+, ababwira ati: “Amaraso yanyu+ abe ku mitwe yanyu. Jewe ndacuna+. Kuva ubu ngiye ku banyamahanga+.”  Nuko arimuka ava ng’aho, aja mu nzu y’uwitwa Titiyo Yusito, umuntu yasenga Imana, inzu yiwe ikaba yari ibangikanye n’isinagogi.  Mugabo Kirisipo+ umukuru ahagarikiye isinagogi acika uwemera Umukama, n’abo mu rugo rwiwe bose. Benshi mu Bakorinto bavyumvise batangura kwemera, barabatizwa.  Vyongeye, mw’ijoro Umukama abwira Paulo+ mw’iyerekwa, ati: “Ntutinye, ahubwo guma uvuga, ntucereze, 10  kubera ko ndi kumwe nawe+, kandi nta n’umwe azogutera ngo akugirire nabi; kuko mfise abantu benshi muri iki gisagara.” 11  Nuko aguma ng’aho umwaka umwe n’amezi atandatu, yigisha muri bo ijambo ry’Imana. 12  Igihe Galiyo yari buramatari+ wa Akaya, Abayuda bakurira hasi Paulo bahuje inama, bamujana imbere y’intebe y’imanza+, 13  bavuga bati: “Uyu muntu aca kubiri n’amategeko, agatwara+ abantu ku yindi nyigisho mu vy’ugusenga Imana.” 14  Mugabo Paulo agira ateranure akanwa, Galiyo abwira Abayuda ati: “Iyaba koko ari inabi kanaka canke ikibi kibishe, emwe Bayuda, nari kuba mfise impamvu yo kubihanganira. 15  Mugabo nimba ari ibihari vyo ku majambo, ku mazina+ no kw’itegeko+ muri mwebwe, nimuvyirabire. Sinshaka kuba umucamanza w’ivyo bintu.” 16  Kuri ivyo aca arabirukana imbere y’intebe y’imanza. 17  Nuko bose bacakira Sositene+ umukuru ahagarikiye isinagogi, batangura kumukubitira imbere y’intebe y’imanza. Mugabo Galiyo ntiyitaho ivyo bintu na gatoyi. 18  Ariko Paulo ahamaze iyindi misi itari mike, asezera bene wacu, hanyuma afata ubwato aja i Siriya ari kumwe na Pirisila na Akwila; yari yigabanishije umushatsi+ i Kenkireya+, kuko yari n’indagano. 19  Nuko bashika i Efeso, hanyuma abasigayo; mugabo we ubwiwe yinjira mw’isinagogi+, azirikana hamwe n’Abayuda. 20  Naho baguma bamusaba kumarayo ikindi gihe, ntiyavyemeye 21  ahubwo yarabasezeye+, ababwira ati: “Nzogaruka iwanyu, nimba Yehova abigomba+.” Afata ikiyaga ava i Efeso 22  aramanuka gushika i Sezariya. Hanyuma araduga, aramutsa ishengero, araheza amanuka i Antiyokiya. 23  Amazeyo igihe gitoyi, avayo aragenda, ava hamwe aja ahandi mu gihugu c’i Galatiya+ n’i Firijiya+, akomeza+ abigishwa bose. 24  Ico gihe Umuyuda umwe yitwa Apolo+, imvukira y’i Alegizandiriya, umugabo azi kuvuga, ashika i Efeso; kandi yari umuhanga mu Vyanditswe+. 25  Uwo mugabo yari yarigishijwe ku munwa mu nzira ya Yehova, kandi kubera yuko yarurumba impwemu+, yaravuga akongera akigisha ivyerekeye Yezu mu buryo bugororotse, mugabo akaba yari azi gusa ibatisimu+ ya Yohani. 26  Nuko uwo mugabo atangura kuvugana ubutinyutsi mw’isinagogi. Aho Pirisila na Akwila+ bamwumviye, baramujana baramusigurira neza inzira y’Imana mu buryo bugororotse kuruta. 27  Bitayeko, kubera ko yashaka kujabuka akaja i Akaya, abavukanyi bandikira abigishwa, babahimiriza kumwakirana ubuntu. Nuko ashitseyo, afasha cane+ abari bemeye kubera ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana+; 28  kuko yahinyuza rwose Abayuda ashimitse kandi ku mugaragaro, yongera yerekana akoresheje Ivyanditswe+ yuko Yezu ari we Kristu+.

Utujambo tw'epfo