Ivyakozwe 17:1-34

17  Buno bafata urugendo baca i Amfipoli n’i Apoloniya hanyuma baza i Tesalonika+, ahari isinagogi y’Abayuda.  Nuko rero, nk’uko Paulo yari asanzwe abigira+, yinjira aho bari, amara amasabato atatu azirikana hamwe na bo afatiye ku Vyanditswe+,  asigura yongera yemeza akoresheje ibintu vyanditswe yuko vyari nkenerwa ko Kristu acumukura+ hanyuma akazuka mu bapfuye+, avuga kandi ati: “Uyo ni we Kristu+, uyo Yezu ndiko ndabamenyesha.”  Ku bw’ivyo rero bamwe muri bo bacika abemera+ hanyuma bifatanya na Paulo na Silasi+; Abagiriki indiri n’indiri bǎsenga Imana be n’abagore bakurubakuru batari bake na bo nyene bagira kuno.  Mugabo Abayuda bagira ishari+, bahitana abagabo bamwe b’ababisha mu birirwa bicaye mu kaguriro, barema akagwi baca batangura gutera intureka mu gisagara+. Batera inzu ya Yasoni+, barondera kuzana Paulo na Silasi ku mugwi w’abari bagumutse.  Bababuze, baburuta Yasoni n’abavukanyi bamwe, babajana ku batware b’igisagara, basemerera bati: “Ba bantu batembagaje+ isi bari n’ino,  kandi Yasoni yabakiriye neza. Kandi abo bantu bose barwanya ingingo zashinzwe+ na Sezari, bakavuga ko hariho uwundi mwami+, ari we Yezu.”  Badurumbanya koko isinzi n’abatware b’igisagara aho bumviye ivyo bintu;  aho gusa bamariye kuronka ingwati ihagije kuri Yasoni n’abandi, ni ho babonye kubarekura. 10  Buno nyene mw’ijoro+ abavukanyi batuma Paulo na Silasi i Beroya, hanyuma bashitseyo, binjira mw’isinagogi y’Abayuda. 11  Ariko bano bari n’agatima keza kuruta ab’i Tesalonika, kuko bakiriye ijambo babishashaye cane gusumba, basuzuma+ Ivyanditswe+ ku musi ku musi bavyitondeye ngo barabe ko ivyo ari ko biri+. 12  Benshi muri bo rero bacika abemera, n’abatari bake mu bagore b’Abagirikikazi bubahwa+ no mu bagabo na bo nyene bagira kuno. 13  Mugabo aho Abayuda b’i Tesalonika bamenyeye yuko ijambo ry’Imana ryamamajwe na Paulo n’i Beroya nyene, baza no ng’aho kwosha+ no kudurumbanya+ amasinzi. 14  Maze abavukanyi buno nyene barungika Paulo ngo agende gushika ku kiyaga+; mugabo Silasi na Timoteyo basigara ng’aho. 15  Ariko abari baherekeje Paulo baramujana gushika i Atene, hanyuma bamaze guhabwa itegeko ry’uko Silasi na Timoteyo+ boza aho ari vuba bishoboka, baragenda. 16  Paulo akibarindiririye i Atene, muri we umutima wiwe uterwa ishavu+ no kubona ingene ico gisagara cuzuye ibigirwamana. 17  Nuko rero atangura kuzirikana mw’isinagogi hamwe n’Abayuda+ n’abandi bantu bǎsenga Imana, kandi imisi yose mu kaguriro+ akazirikana hamwe n’ababa bahari. 18  Mugabo abantu bamwe bo mu bafilozofe b’Abepikuri n’Abasitoyiko+ batangura kuyaga na we baharira, bamwe bakavuga ngo: “Ivyo uwo muswaganyi ashaka kuvuga ni ibiki+?” Abandi ngo: “Asa n’uwumenyesha ibimana vy’ibinyamahanga.” Kwari ukubera ko yariko amenyesha inkuru nziza ya Yezu be n’izuka+. 19  Nuko baramucakira, bamujana kuri Areyopago, bavuga bati: “Twoshobora kumenya iyo nyigisho nshasha+ uvuga iyo ari yo? 20  Kuko uriko uzana ibintu bishasha mu matwi yacu. Dushaka rero kumenya ico ivyo bisobanura+.” 21  Nkako Abanyatene bose be n’abanyamahanga bari bacumbitse ng’aho nta kindi bamaza umwanya wabo w’ukwisamaza atari ukuvuga canke kwumviriza ikintu gishasha. 22  Maze Paulo ahagarara hagati muri Areyopago+, avuga ati: “Bagabo b’i Atene, mbonye yuko muri vyose musa n’abihebeye ugutinya ibimana+ kurusha abandi. 23  Nk’akarorero, igihe nariko ndarengana nkihweza nitonze ivyo musenga, nabonye n’igicaniro* canditseko ngo: ‘Ku Mana Itazwi.’ Ico rero musenga mutabizi, ico ni co ndabamenyesha. 24  Imana yakoze isi n’ibintu vyose biri muri yo, nk’uko Iyo nyene iri, ikaba ari yo Mukama w’ijuru n’isi+, ntiba mu nsengero zakozwe n’amaboko y’abantu+, 25  eka mbere ntikorerwa n’amaboko y’abantu nk’aho yoba igira ico ikenera+, kuko ubwayo ari yo iha abantu bose ubuzima+ n’impemu+ n’ibintu vyose. 26  Kandi yakoze amahanga yose+ y’abantu iyakuye mu muntu umwe+, ngo babe ku buringanire bwose bw’isi+, ishinga ibihe+ n’imbibe z’aho abantu baba+, 27  kugira ngo barondere Imana+, nimba bokabakaba bayirondera kandi bakayironka koko+, naho vy’ukuri itari kure y’umwe wese muri twebwe. 28  Kuko muri yo ari ho dufise ubuzima, tukagendagenda kandi tukaba turiho+, nk’uko bamwe mu baryoshamvugo+ bo muri mwebwe bavuze, bati: ‘Kuko na twe turi uruvyaro rwayo.’ 29  “Ko rero turi uruvyaro rw’Imana+, ntidukwiye kwiyumvira yuko Imana+ imeze nk’inzahabu canke ifeza canke ibuye, nk’ikintu cahinguwe n’ubuhinga be n’ubwenge bw’umuntu+. 30  Ego ni ko, Imana yarirengagije ibihe vy’ukutamenya mwene ukwo+, yamara ubu iriko ibwira abantu yuko bose aho bari hose bakwiye kwigaya+. 31  Kuko yashinze umusi aho izocira urubanza+ isi mu bugororotsi ikoresheje umuntu yashizeho, kandi yarahaye abantu bose ikimenyamenya mu kuba yaramuzuye+ mu bapfuye.” 32  Erega, aho bumviye ivy’izuka ry’abapfuye, bamwe batangura kwitwengera+, abandi na bo bivugira ngo: “Tuzoba turakwumva kuri ivyo n’ikindi gihe.” 33  Nuko Paulo ava muri bo, 34  mugabo abagabo bamwe bifatanya na we bacika abemera, muri bo hakaba harimwo na Diyoniziyo umucamanza wa sentare ya Areyopago+, n’umugore yitwa Damari, be n’abandi bari kumwe na bo.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.