Ivyakozwe 16:1-40

16  Nuko ashika i Derube n’i Lusitira+. Maze ng’aho hari umwigishwa umwe yitwa Timoteyo+, umwana w’umugore w’Umuyudakazi yemera, mugabo se wiwe akaba yari Umugiriki,  kandi yavugwa neza n’abavukanyi b’i Lusitira no muri Ikoniyo.  Paulo aserura icipfuzo c’uko uwo muntu yojana na we, ni kwo kumutora akamugenyera+ kubera Abayuda bari aho hantu, kuko bose uko bangana bari bazi yuko se wiwe ari Umugiriki.  Bariko baragenda baca mu bisagara, bagenda bashikiriza abaho ingingo zashinzwe zari zapfunditswe n’intumwa be n’abagabo b’inararibonye bari i Yeruzalemu, ngo bazubahirize+.  Mu vy’ukuri rero, amashengero abandanya gukomezwa mu kwizera+ no kwongerekana mu gitigiri ku musi ku musi.  Vyongeye, baca i Firijiya no mu gihugu ca Galatiya+, kuko impwemu nyeranda yari yababujije kuvuga rya jambo mu ntara ya Aziya.  Bitayeko, bashitse i Misiya, bagerageza kwinjira i Bitiniya+ mugabo impwemu ya Yezu ntiyabemerera.  Nuko baca iruhande ya Misiya bamanuka i Tirowa+.  Maze mw’ijoro Paulo arerekwa+: umugabo umwe w’Umunyamakedoniya yari ahagaze amwinginga, ati: “Jabuka uze i Makedoniya, udufashe.” 10  Akimara kwerekwa, duca turondera kwinjira i Makedoniya+, dushitse ku ciyumviro c’uko Imana yari yadutumyeko ngo tubamenyeshe inkuru nziza. 11  Dufata ikiyaga rero tuva i Tirowa, tuza i Samotirase tunyaruka ubudakebuka, mugabo ku musi ukurikira tuza i Neyapoli, 12  hanyuma tuvayo tuza i Filipi+, igisagara cagabwa n’Uburoma, kikaba ari co gisagara gikuru c’intara ya Makedoniya+. Tuguma muri ico gisagara, tuhamara imisi mikeyi. 13  Hanyuma ku musi w’isabato turasohoka hanze y’irembo, iruhande y’uruzi, aho twiyumvira ko hari ikibanza co gusengeramwo; hanyuma turicara dutangura kuyaga n’abagore bari bakoranye. 14  Kandi umugore umwe yitwa Lidiya, umudandaza w’impuzu z’umuyugubwe, wo mu gisagara ca Tiyatira+ akaba kandi yari uwusenga Imana, yariko arumviriza, maze Yehova yugurura cane umutima wiwe+ ngo yiteho ibivugwa na Paulo. 15  Nya mugore n’abo mu rugo rwiwe bamaze kubatizwa+, avuga yinginga ati: “Nimba mubonye ko ndi umwizigirwa kuri Yehova, nimwinjire mu nzu yanje, muhagume+.” Aratugobera ngo twemere+. 16  Maze tugiye muri ca kibanza co gusengeramwo, umusukukazi umwe arimwo impwemu+, idayimoni* y’ukuragura+, aradusanganira. Yahora aronsa ba shebuja inyungu nyinshi+ mu kuragura. 17  Uwo mukobwa yaguma akurikira Paulo natwe asemerera+ ati: “Aba bantu ni abashumba b’Imana Musumbavyose, bariko babamenyesha inzira y’ubukiriro.” 18  Amara imisi myinshi abigira. Amaherezo Paulo biramurambira+, ni kwo guhindukira akabwira nya mpwemu ati: “Ndagutegetse mw’izina rya Yezu Kristu umuvemwo+.” Ica irasohoka kuri iyo saha nyene+. 19  Ba shebuja ngo babone ico bari bazeyeko inyungu kiragiye+, baca bacakira Paulo na Silasi, barababuruta mu kaguriro babajana ku batware+, 20  hanyuma babajana ku bacamanza baraba ivy’abanyagihugu, bavuga bati: “Aba bantu bariko baradurumbanya+ cane igisagara cacu, kandi ari Abayuda, 21  kandi bariko bamamaza imigenzo+ tutemerewe gutora canke gukurikiza, kuko turi Abaroma.” 22  Nuko isinzi rirahaguruka ngo ribarwanye; hanyuma nya bacamanza, bamaze kubataburirako impuzu zabo zo hejuru, bategeka yuko bakubitwa inkoni+. 23  Aho bamariye kubakubita inkoni nyinshi+, babata mw’ibohero, bategeka umurinzi w’ibohero kubacunga neza+. 24  Kubera ahawe itegeko mwene iryo, abata mw’ibohero ry’imbere+, abohera ibirenge vyabo mu mpatane z’ibiti*+. 25  Mugabo nko mu gicugu+ Paulo na Silasi bariko barasenga bongera bashemeza Imana mu kuririmba+; egome, imbohe zarabumva. 26  Bukwi na bukwi haba nyamugigima ikomeye, ku buryo imishinge y’ibohero inyiganyiga. Vyongeye, ako kanya nyene imiryango yose iruguruka, imvuto za bose ziratekuruka+. 27  Wa murinzi w’ibohero, azanzamutse mw’itiro akabona imiryango y’ibohero yuguruye, asokora inkota yiwe agira ngo yiyice+, yiyumvira ko imbohe zatorotse+. 28  Mugabo Paulo arasemerera n’ijwi rirenga, ati: “Ntiwigirire nabi+, kuko twese turi hano!” 29  Nuko asaba ibimuri, yitera imbere, yikubita hasi+ imbere ya Paulo na Silasi ahinda agashitsi. 30  Maze arabasohokana hanze, avuga ati: “Batungwa, nkore iki+ ngo nkizwe?” 31  Bavuga bati: “Emera Umukama Yezu urakizwa+, wewe n’abo mu rugo rwawe+.” 32  Baraheza bamubwira ijambo rya Yehova ari kumwe n’abo mu nzu yiwe bose+. 33  Na we arabajana kuri iyo saha y’ijoro, yuhagira ibisebe vyabo; bose uko bangana, we n’abiwe, barabatizwa+ bidatevye. 34  Hanyuma abinjiza mu nzu yiwe, abategurira imeza, maze anezeranwa cane n’abo mu rugo rwiwe bose kuko yari yemeye Imana. 35  Hakeye, ba bacamanza+ batuma abapolisi kuvuga bati: “Rekura abo bantu.” 36  Nuko wa murinzi w’ibohero ashikiriza Paulo amajambo yabo ati: “Abacamanza baraba ivy’abanyagihugu batumye abantu yuko mwebwe babiri mworekurwa. Ubu rero, nimusohoke mwigire amahoro.” 37  Mugabo Paulo ababwira ati: “Badutonaguye ku mugaragaro ata rubanza rudutsinze, twebwe abantu b’Abaroma+, baduta mw’ibohero; none ubu badute hanze mu mpisho? Oya, habe na gatoyi! Ahubwo nibaze abe ari bo badusohora.” 38  Nuko nya bapolisi bashikiriza ayo majambo ba bacamanza. Bano batekerwa n’ubwoba bumvise yuko nya bantu ari Abaroma+. 39  Baraza rero, barabinginga, hanyuma bamaze kubasohora, babasaba kugenda bakava mu gisagara. 40  Mugabo basohoka ibohero, baja i muhira kwa Lidiya, hanyuma babonye bene wacu barabaremesha+, baraheza baragenda.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.