Ivyakozwe 13:1-52

13  Ico gihe i Antiyokiya hari abahanuzi+ n’abigisha mw’ishengero ryaho: Barunaba hamwe na Simeyoni uwitwa Nigeri, na Lusiyo+ w’i Sireni, na Manayeni uwari yigishirijwe hamwe na Herodi umutware w’intara, na Sauli.  Igihe bariko barakorera+ Yehova ku mugaragaro bongera bisonzesha, impwemu nyeranda ivuga iti: “Mu bantu bose nimunshirire ku ruhande Barunaba na Sauli+ ku bw’igikorwa nabahamagariye.”  Maze barisonzesha, barasenga, babarambikako ibiganza+, baraheza barabareka baragenda.  Nuko abo bantu bamanuka i Selesiya barungitswe n’impwemu nyeranda, hanyuma bafata ubwato bavayo, baja i Shipure.  Bageze i Salami batangura kwamamaza ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda. Bari bafise na Yohani+ yababera umusuku.  Bamaze guca mw’izinga ryose gushika i Pafo, bahura n’umugabo umwe w’umupfumu, umuhanuzi w’ikinyoma+, akaba yari Umuyuda yitwa Bari-Yezu,  kandi yari kumwe na buramatari Serejiyo Paulosi, umugabo aciye ubwenge. Uwo mugabo ahamagara Barunaba na Sauli, aronderana igishika kwumva ijambo ry’Imana.  Mugabo Elima umupfumu (nkako, ukwo ni ko izina ryiwe risobanurwa) atangura kubarwanya+ arondera gukura uwo buramatari ku kwizera.  Sauli, ari na we Paulo, yuzuye impwemu nyeranda, amushinga ijisho, 10  avuga ati: “Ewe wa muntu yuzuye ubwoko bwose bw’ububeshi n’ubwoko bwose bw’ikibi kibishe, wa mwana wa Shetani+, wa mwansi w’ibigororotse vyose: mbega ntuzoreka kugoramika inzira zigororotse za Yehova? 11  None rero, ehe ukuboko kwa Yehova kuri kuri wewe, kandi urahuma, umare igihe utabona umuco w’izuba.” Ako kanya nyene igipfungu kizitanye be n’umwiza bimugwako, aca agendagenda irya n’ino arondera abo kumufata ukuboko+. 12  Maze buramatari+ ngo abone ivyari bibaye, acika uwemera, kuko yari ajorejwe n’inyigisho ya Yehova. 13  Nya bantu, bafata ikiyaga bava i Pafo bashika i Peruga h’i Pamfiliya+ bari kumwe na Paulo. Mugabo Yohani+ abasigayo asubira+ i Yeruzalemu. 14  Ariko bo barabandanya, bava i Peruga baza i Antiyokiya h’i Pisidiya, hanyuma binjira mw’isinagogi+ ku musi w’isabato, baricara. 15  Itegeko n’Abahanuzi bimaze gusomerwa imbere y’abantu+, abakuru bahagarikiye+ isinagogi babatumako bati: “Bagabo, bene wacu, nimba hari ijambo ry’indemesho mufise ryo kubwira abantu, rivuge.” 16  Nuko Paulo arahaguruka, agira ikimenyetso+ n’ukuboko abamāma, avuga ati: “Bagabo, yemwe Bisirayeli namwe bandi mutinya Imana, nimwumve+. 17  Imana y’iki gisata Isirayeli yatoye ba sogokuruza bacu, kandi yashize hejuru nya gisata igihe bari babayeho ari ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri hanyuma ibakuzayo ukuboko kubanguye+. 18  Kandi mu kiringo c’imyaka nka mirongo ine+ yarihanganiye ingeso zabo mu gahinga. 19  Imaze guhonya amahanga indwi mu gihugu ca Kanani, igabura igihugu c’ayo mahanga ku bupfindo+: 20  ivyo vyose biba mu myaka nk’amajana ane na mirongo itanu. “Hanyuma y’ivyo ibaha abacamanza gushika kuri Samweli umuhanuzi+. 21  Mugabo kuva ico gihe basaba umwami+, Imana iraheza ibaha Sauli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini+, mu myaka mirongo ine. 22  Imaze kumukura+, ibahagurukiriza Dawidi ngo abe umwami+, uwo yashingiye intahe ikavuga iti: ‘Nabonye Dawidi mwene Yese+, umuntu ahimbara umutima wanje+, uwuzokora ivyo nipfuza vyose+.’ 23  Mu ruvyaro rw’uyo muntu+, nk’uko umuhango wayo wari, ni ho Imana yakuriye Isirayeli umukiza+, ari we Yezu, 24  inyuma y’aho Yohani+ amariye kwamamaza icese ku bantu bose ba Isirayeli ibatisimu y’ukwigaya, imbere y’umuzo w’Uyo+. 25  Mugabo igihe Yohani yariko ararangiza urugendo rwiwe, yaravuga ati: ‘Mugira ngo ndi nde? Sindi we. Mugabo, ehe hari uwuriko araza inyuma yanje uwo bitambereye gupfundurura inkweto z’ibirenge vyiwe+.’ 26  “Bagabo, bene wacu, yemwe bana bo mu bwoko bwa Aburahamu n’abo bandi bo muri mwebwe batinya Imana, ijambo ry’ubu bukiriro ryatumwe kuri twebwe+. 27  Kuko ababa i Yeruzalemu n’abatware babo Uyo batamumenye+, mugabo igihe bakora nk’abacamanza, barashikije ibintu vyavuzwe n’Abahanuzi+, nya bintu bikaba bisomwa n’ijwi ryumvikana buri Sabato, 28  kandi, naho bataronse imvo yo kumwica+, basavye Pilato ko yicwa+. 29  Bamaze kurangura ibintu vyose vyanditswe kuri we+, bamumanura ku giti+ baraheza bamushira mu mva+. 30  Mugabo Imana yaramuzuye mu bapfuye+; 31  kandi yamaze imisi myinshi abonekera abari baduganye na we kuva i Galilaya gushika i Yeruzalemu, ubu bakaba ari ivyabona vyiwe ku bantu+. 32  “Turiko rero tubamenyesha inkuru nziza yerekeye umuhango wahawe ba sogokuruza+, 33  yuko Imana yawushikije rwose kuri twebwe abana babo mu kuzura Yezu+; nk’uko vyanditswe mw’izaburi igira kabiri, ngo: ‘Uri umwana wanje, ncitse So uyu musi+.’ 34  Kandi ivy’ukwo kuba yaramuzuye mu bapfuye ngo ntaze asubire ku kubora, yabivuze muri ubu buryo ati: ‘Nzobaha ubuntu bwuzuye urukundo bwagiriwe Dawidi bwo kwizigirwa+.’ 35  Ni co gituma ivuga kandi mu yindi zaburi iti: ‘Ntuzokwemera ko intahemuka yawe ibona ukubora+.’ 36  Kuko Dawidi+ we yakoze ukugomba kw’Imana gutomoye mu gihe c’iyaruka ryiwe bwite hanyuma agasinzira mu rupfu maze agahambwa hamwe na ba sekuruza, akabona ukubora+. 37  Ariko uwo Imana yazuye we ntiyabonye ukubora+. 38  “Nimubimenye rero, bene wacu, yuko biciye kuri Uyo ukubabarirwa ibicumuro kuriko kuramamazwa kuri mwebwe+, 39  be n’uko mu bintu vyose mutashoboye kwitwamwo intungane biciye kw’itegeko rya Musa+, umuntu wese yemera yitwa intungane biciye kuri Uyo+. 40  Nuko rero, murabe neza ngo ivyavuzwe mu Bahanuzi ntibibashikeko, ngo: 41  ‘Muvyitegereze, mwa banyakagaye mwe, mubitangarire, muzimangane, kuko ngira nkore igikorwa mu misi yanyu, igikorwa mutazogenda mwemeye naho hogira uwukibiganira ido n’ido+.’” 42  Igihe bariko barasohoka, abantu batangura gusaba binginga ngo baze babwirwe ivyo bintu kw’isabato ikurikira+. 43  Nuko ikoraniro ryo mw’isinagogi rimaze gusambuka, benshi mu Bayuda no mu binjiye idini ryabo bǎsenga Imana bakurikira Paulo na Barunaba+, bano mu kubabwira batangura kubahimiriza+ ngo babandanye mu buntu ata wari abukwiriye bw’Imana+. 44  Kw’isabato ikurikira, hafi igisagara cose gikoranira hamwe ngo cumve ijambo rya Yehova+. 45  Abayuda ngo babone nya masinzi, buzura ishari+, batangura guharira ibivugwa na Paulo barogota+. 46  Nuko rero, Paulo na Barunaba bavugana ubutinyutsi bati: “Vyari nkenerwa ko ijambo ry’Imana ribanza kubwirwa mwebwe+. Ko murishiburiye kure+ yanyu ntimubone ko mubereye ubuzima budahera, ehe duhindukiriye amahanga+. 47  Nkako, Yehova yaduhaye ibwirizwa muri aya majambo, ati: ‘Nkugenye kuba umuco w’amahanga+, ngo ube ubukiriro gushika ku mpera y’isi+.’” 48  Aho abo mu mahanga bavyumviye, batangura kunezerwa no kuninahaza ijambo rya Yehova+, maze abo bose bari bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera bacika abemera+. 49  Ikigeretseko, ijambo rya Yehova ribandanya gushikanwa mu gihugu cose+. 50  Mugabo Abayuda+ bagumura abagore bubahwa bǎsenga Imana be n’abantu bakurubakuru b’igisagara, hanyuma bavyura uruhamo kuri Paulo+ na Barunaba maze babaterera inyuma y’akarere kabo. 51  Bano babakunkumurira umukungugu wo ku birenge vyabo+ baraheza baja muri Ikoniyo. 52  Abigishwa babandanya kwuzuzwa akanyamuneza+ be n’impwemu nyeranda.

Utujambo tw'epfo