Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ivyakozwe 12:1-25

12  Nko muri ico gihe nyene, Herodi umwami aramvura amaboko ngo agirire nabi+ bamwe mu bo mw’ishengero.  Yica Yakobo mwene wabo na Yohani+ akoresheje inkota+.  Abonye ko bihimbara Abayuda+, arabandanya afata na Petero. (Ico gihe yari imisi y’imikate itarimwo umwambiro+.)  Nuko aramufata, amushira mw’ibohero+, amuhereza imigwi ine y’abasoda banebane iza irakuranwa mu kumurinda, kuko yagomba kumuzana imbere y’abantu inyuma ya pasika*+.  Petero rero agumizwa mw’ibohero; mugabo ishengero riguma rimusabira+ ku Mana n’ubwira bwinshi.  Buno Herodi ari hafi kumuzana, iryo joro Petero yari asinziriye aboheshejwe iminyororo ibiri hagati y’abasoda babiri, kandi abarinzi imbere y’umuryango bari bacunze nya bohero.  Mugabo, ehe umumarayika wa Yehova ahagarara+ ng’aho, umuco na wo ukayanganira mu gasho. Akubita Petero mu rubavu, aramuvyura+, amubwira ati: “Haguruka ningoga!” Ya minyororo yiwe ica irakoroka+ imuva ku maboko.  Nya mumarayika+ amubwira ati: “Kenyera, wambare inkweto* zawe.” Agira kuno. Amaherezo amubwira ati: “Ambara impuzu yawe yo hejuru+, ugume unkurikira.”  Nuko arasohoka, aguma amukurikira, mugabo ntiyari azi yuko ivyariko biraba biciye kuri nya mumarayika vyari ivy’ukuri. Kukaba nkako, yagira ngo ariko arerekwa+. 10  Barenganye umugwi wa mbere w’abanyezamu n’uwa kabiri, bashikira umuryango w’irembo w’icuma winjira mu gisagara, uno uca uriyugurura imbere yabo+. Bamaze gusohoka, barabandanya baciye mw’ibarabara rimwe, buno nyene nya mumarayika aca amusiga aho aragenda. 11  Petero na we, agaruye akenge, avuga ati: “Ubu rero ndamenye vy’ukuri yuko Yehova yatumye umumarayika wiwe+ akandokora+ mu kuboko kwa Herodi no mu vyo abantu bo mu Bayuda bari biteze vyose.” 12  Amaze kubirimbura, aja ku nzu kwa Mariya nyina wa Yohani batazira Mariko+, aho abatari bake bari bakoraniye bongera basenga. 13  Adodoye ku muryango w’irembo, umusukukazi yitwa Roda aza kwitaba, 14  maze amenye ijwi rya Petero, ntiyugurura umuryango kubera akanyamuneza, ahubwo aca arirukanga mu nzu, avuga yuko Petero yari ahagaze kw’irembo. 15  Bamubwira bati: “Urasara.” Mugabo aguma ashimika yemeza yuko ari vyo. Batangura kuvuga bati: “Ni umumarayika wiwe+.” 16  Mugabo Petero aguma ng’aho adodora. Buguruye, baramubona, barajongoroka. 17  Mugabo abagirira ikimenyetso+ n’ukuboko ngo bacereze, hanyuma abadondera ingene Yehova yamukuye mw’ibohero, maze avuga ati: “Mwiganire ivyo bintu Yakobo+ n’abavukanyi.” Aca arasohoka, aja ahandi. 18  Erega hakeye+, haba uruhagarara rutari ruto mu basoda, bibaza ivyari vyashikiye koko Petero. 19  Herodi+ aramurondera ashirutse ubute, hanyuma amubuze, asambisha ba barinzi maze ategeka yuko bajanwa guhanwa+; nuko Herodi aramanuka ava i Yudaya aja i Sezariya, ahamara igihe. 20  Ico gihe yashaka kurwana n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni. Nuko baza* kuri we bahuje inama; hanyuma Bulasito uwari ajejwe icumba c’uburyamo c’umwami, bamaze kumwumvisha akanyurwa, batangura gusaba amahoro, kubera ko igihugu cabo caronswa ibifungurwa+ bivuye mu gihugu c’umwami. 21  Mugabo umusi uri izina, Herodi yambara impuzu za cami hanyuma yicara ku ntebe yiwe y’imanza, atangura kubashikiriza ijambo rigenewe abantu bose. 22  Maze abantu bari bakoraniye ng’aho batangura gusemerera bati: “Ni ijwi ry’imana, si iry’umuntu+!” 23  Ako kanya nyene umumarayika wa Yehova aramukubita+, kuko atari yahaye ubuninahazwa Imana+; aca arigitwa n’inyo, aracikana. 24  Mugabo ijambo+ rya Yehova ribandanya gukura no gukwiragira+. 25  Nayo Barunaba+ na Sauli, bamaze gushitsa neza igikorwa co gutanga imfashanyo zo gutabara+ i Yeruzalemu, baragaruka, bahitana Yohani+, umwe batazira Mariko.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Canke, “amasandali.”
Ijambo ku rindi ni “baba iruhande ya.”