Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ivyakozwe 11:1-30

11  Buno intumwa na bene wacu bari i Yudaya bumva yuko abanyamahanga+ na bo nyene bari bakiriye ijambo ry’Imana.  Nuko aho Petero adugiye i Yeruzalemu, abaharanira ivy’ukugenyerwa+ batangura kuja impaka na we,  bavuga yuko yari yagiye mu nzu y’abantu batagenyerewe kandi agasangira na bo.  Petero aca ajako, abibasigurira ido n’ido, ati:  “Nari mu gisagara ca Yopa nsenga, maze mbaye nk’uwutwawe n’indoto, nerekwa ikintu c’igitebo kimanuka nk’uruhuzu rw’ilino runini rwururukirizwa ku masonga yarwo ane ruvuye mw’ijuru, hanyuma kiranshikira.  Nitegereje muri co, ndihweza, mbona ibiremwa vy’amaguru ane vyo kw’isi n’ibikoko n’ibikwega inda hasi n’inyoni zo mu kirere+.  Numva kandi ijwi rimbwira riti: ‘Haguruka Petero, ubage, urye+!’  Mugabo ndavuga nti: ‘Oya Mukama, kuko ikintu gihumanye canke canduye kitigeze kingera mu kanwa+.’  Ubugira kabiri nya jwi rivuye mw’ijuru ririshura riti: ‘Wewe reka kwita ibihumanye ivyo Imana yahumanuye+.’ 10  Ivyo biba ubugira gatatu, hanyuma vyose vyongera gukwegwa biduzwa mw’ijuru+. 11  Vyongeye, ehe muri ako kanya hari abagabo batatu bahagaze imbere y’inzu twarimwo, bakaba bari batumwe kuri jewe bavuye i Sezariya+. 12  Nuko impwemu+ imbwira kujana na bo, ata gukekeranya na gato. Mugabo aba bene wacu batandatu na bo nyene twarajanye, twinjira mu nzu ya nya mugabo+. 13  “Atwiganira ingene yabonye umumarayika ahagarara mu nzu yiwe akavuga ati: ‘Rungika abantu i Yopa utumeko Simoni batazira Petero+, 14  na we azokubwira ivyo bintu, ari vyo vyotuma wewe n’abo mu nzu yawe bose mukizwa+.’ 15  Mugabo aho ntanguriye kuvuga, impwemu nyeranda iza kuri bo nk’uko na twebwe yatujeko mu ntango+. 16  Kuri ivyo nca nibuka ijambo ry’Umukama, ingene yahora avuga ati: ‘Yohani we yabatirisha amazi+, mugabo mwebwe muzobatizwa mu mpwemu nyeranda+.’ 17  Nimba rero Imana yabahaye ingabirano ya gusa nk’imwe nyene yaduha twebwe abemeye Umukama Yezu Kristu+, jewe nari nde ngo mbuze Imana+?” 18  Aho bumviye ivyo bintu, bavyemera ukwo+, baca baninahaza Imana+, bati: “Noneho rero Imana yahaye n’abanyamahanga ukwigaya kugira baronke ubuzima+.” 19  Nuko rero abari barasanzajwe+ n’amakuba yari yavyutse ku vya Sitefano baragenda, bashika i Fenisiya+ n’i Shipure+ n’i Antiyokiya, mugabo ata wundi babwira rya jambo kiretse Abayuda gusa+. 20  Ariko muri bo harimwo abagabo bamwe b’i Shipure n’i Sireni baje i Antiyokiya, hanyuma batangura kuganiriza abavuga ikigiriki+, bamenyesha inkuru nziza y’Umukama Yezu+. 21  Ikigeretseko, ukuboko kwa Yehova+ kwari kumwe na bo, kandi igitigiri kinini c’ababaye abemera bahindukirira Umukama+. 22  Inkuru iberekeye ishika mu matwi y’ishengero ryari i Yeruzalemu, baca barungika Barunaba+ aragenda gushika i Antiyokiya. 23  Aho ashikiye akabona ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana, aranezerwa+ aca atangura kubaremesha bose kubandanya mu Mukama babishizeko umutima+; 24  kuko yari umuntu mwiza kandi yuzuye impwemu nyeranda n’ukwizera. Isinzi ritari rito rirongerwa ku Mukama+. 25  Nuko aja i Taruso+ kurondera hose Sauli+, 26  hanyuma amaze kumutora, amuzana i Antiyokiya. Maze bamara umwaka wose bakoranira hamwe na bo mw’ishengero bongera bigisha isinzi ritari rito, kandi i Antiyokiya ni ho abigishwa batanguriye kwitwa abakirisu bivuye ku Mana+. 27  Muri iyo misi abahanuzi+ baramanuka bava i Yeruzalemu baja i Antiyokiya. 28  Umwe muri bo yitwa Agabo+ arahaguruka, hanyuma yerekana biciye ku mpwemu yuko ikigoyi gikomeye cari kigiye gutera kw’isi yose+; kandi nkako carabaye mu gihe ca Kolode. 29  Nuko rero abo mu bigishwa, umwe wese nk’uko ashoboye+, biyemeza kurungika imfashanyo yo gutabara+ abavukanyi baba i Yudaya; 30  kandi ivyo barabikoze, bayirungika ku bagabo b’inararibonye biciye ku kuboko kwa Barunaba na Sauli+.

Amakuru yiyongereye