Ivyakozwe 10:1-48

10  Ico gihe i Sezariya hari umugabo umwe yitwa Koruneliyo, intwazangabo+ y’umugwi w’ingabo z’Ubutaliyano+, ukwo kukaba ari ko zitwa,  umuntu yubaha Imana+ kandi akayitinya+ ari kumwe n’urugo rwiwe rwose, kandi agafasha cane aboro+, akaba kandi yama atakambira Imana+.  Nko kw’isaha y’icenda+ y’umusi, abona neza mw’iyerekwa+ umumarayika+ w’Imana aza kuri we akamubwira ati: “Koruneliyo!”  Koruneliyo amuhanga amaso, agira ubwoba, avuga ati: “Ni iki ga Mukama?” Na we amubwira ati: “Amasengesho yawe+ n’imfashanyo uha aboro vyaduze nk’icibutso imbere y’Imana+.  None rero nurungike abagabo i Yopa utumeko uwitwa Simoni batazira Petero.  Uyo muntu ahawe indaro n’uwitwa Simoni, umuhinguzi w’inshato, uwufise inzu iruhande y’ikiyaga+.”  Umumarayika avuganye na we yabaye akigenda, aca ahamagara babiri mu bakozi biwe bo mu nzu be n’umusoda yubaha Imana wo mu bama bamukorera+,  abiganira vyose hanyuma abatuma i Yopa+.  Bukeye bakibandanya urugendo rwabo bakegereza igisagara, Petero aduga hejuru ku nzu+ nko kw’isaha ya gatandatu gusenga+. 10  Mugabo arasonza cane, ashaka kurya. Bakiriko barategura, amera nk’uwutwawe n’indoto+, 11  maze abona ijuru ryuguruye+ n’ikintu c’igitebo kimanuka nk’uruhuzu rw’ilino runini rwururukirizwa kw’isi ku masonga yarwo ane; 12  kandi muri co hari ubwoko bwose bw’ibiremwa vy’amaguru ane n’ibikwega inda hasi vyo kw’isi be n’inyoni zo mu kirere+. 13  Hanyuma ijwi riza kuri we riti: “Haguruka Petero, ubage, urye+!” 14  Mugabo Petero avuga ati: “Oya Mukama, kuko ntarigera ndya ikintu na kimwe gihumanye kandi canduye+.” 15  Nya jwi ryongera kuvugana na we ubugira kabiri riti: “Wewe reka gufata ivyo Imana yahumanuye ngo uvyite ibihumanye+.” 16  Ivyo biba ubugira gatatu, buno nyene nya kintu c’igitebo gica kiraduzwa mw’ijuru+. 17  Igihe Petero muri we yari akizazaniwe cane n’ico ivyo yari abonye mw’iyerekwa vyoba bisobanura, ehe ba bagabo barungitswe na Koruneliyo bari babaririkije inzu ya Simoni hanyuma bahagarara ng’aho kw’irembo+. 18  Maze barasemerera babaza nimba Simoni batazira Petero yari ahawe indaro ng’aho. 19  Petero akiriko arazirikana mu mutima kuri rya yerekwa, impwemu+ ivuga iti: “Ehe hari abagabo batatu bariko barakurondera. 20  Ariko haguruka, umanuke, ujane na bo, udakekeranya na gato, kuko ari jewe nabatumye+.” 21  Nuko Petero aramanuka aja kuri ba bagabo, avuga ati: “Ehe uwo muriko murarondera ni jewe. Mugenzwa n’iki?” 22  Bavuga bati: “Koruneliyo, intwazangabo, umugabo w’umugororotsi atinya Imana+ kandi avugwa neza+ n’ihanga ryose ry’Abayuda, yategetswe n’Imana biciye ku mumarayika mweranda, ngo agutumeko uze ku nzu yiwe, yumve ivyo uvuga.” 23  Arabinjiza rero, abaha indaro. Bukeye arahaguruka ajana na bo, na bamwe muri bene wacu b’i Yopa bajana na we. 24  Ku musi ukurikira yinjira i Sezariya. Mu bisanzwe Koruneliyo yari abiteze, akaba kandi yari yakoranije incuti ziwe n’abagenzi somambike biwe. 25  Petero yinjiye, Koruneliyo aramusanganira, yikubita hasi imbere y’ibirenge vyiwe aramwunamira. 26  Mugabo Petero amukura hasi, avuga ati: “Haguruka; na jewe ndi umuntu+.” 27  Akiriko arayaga na we arinjira asanga abantu benshi bakoranye, 28  maze ababwira ati: “Murazi neza yuko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umuntu w’ubundi bwoko canke ngo amwegere+; yamara Imana yanyeretse ko ata muntu nkwiye kwita uwuhumanye canke uwanduye+. 29  Ni co gituma naje, ata kwanka vy’ukuri, igihe natumwa. Ndasavye rero mumbwire ico mwantumiyeko.” 30  Nuko rero Koruneliyo avuga ati: “Haciye imisi ine uharuye kuva kuri iyi saha, nariko ndasenga mu nzu iwanje kw’isaha y’icenda+, nza mbona umuntu yambaye impuzu zakaka+ ahagaze imbere yanje, 31  avuga ati: ‘Koruneliyo, isengesho ryawe ryumviswe rirashimwa, n’imfashanyo uha aboro zibutswe imbere y’Imana+. 32  Tumako i Yopa rero Simoni batazira Petero+. Uyo muntu ahawe indaro mu nzu kwa Simoni umuhinguzi w’inshato, iruhande y’ikiyaga+.’ 33  Naciye rero ngutumako, kandi wagize neza kuza hano. Ni co gituma muri uno mwanya turi imbere y’Imana twese kugira ngo twumve ibintu vyose Yehova yagutegetse kuvuga+.” 34  Petero aca ateranura akanwa, avuga ati: “Ni ukuri ndatahuye yuko Imana itagira nkunzi+, 35  mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera+. 36  Yatumye ijambo+ kuri bene Isirayeli kugira ngo bamenyeshwe inkuru nziza y’amahoro+ biciye kuri Yezu Kristu: Uyo ni we Mukama w’abandi bose+. 37  Murazi inkuru yavugwa i Yudaya hose, kuva i Galilaya inyuma y’ibatisimu Yohani yamamaza+, 38  inkuru yerekeye Yezu uwava i Nazareti, ingene Imana yamurobanuje impwemu nyeranda+ be n’ububasha, hanyuma agaca mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abo bose bahahazwa na Shetani*+; kubera ko Imana yari kumwe na we+. 39  Kandi twebwe turi ivyabona vy’ibintu vyose yakoze mu gihugu c’Abayuda n’i Yeruzalemu; mugabo kandi baramwishe bamumanitse ku giti+. 40  Uyo Imana yaramuzuye ku musi ugira gatatu hanyuma imuha kwibonekeza+, 41  atari ku bantu bose, ahubwo ku vyabona vyagenywe imbere y’igihe n’Imana+, kuri twebwe twariye kandi tukanywa dusangira na we+ inyuma y’aho azukiye mu bapfuye. 42  Vyongeye, yadutegetse kwamamaza+ inkuru nziza ku bantu no gushinga intahe inogangije yuko uyo ari Umwe yashirwaho n’Imana ngo abe umucamanza w’abazima n’abapfuye+. 43  Uyo abahanuzi bose baramushingira intahe+, yuko umuntu wese amwizera ababarirwa ibicumuro mw’izina ryiwe+.” 44  Petero akiriko aravuga ivy’ivyo bintu, impwemu nyeranda iza ku bariko barumviriza iryo jambo bose+. 45  Abizigirwa bari bazananye na Petero bo mu bagenyerewe barumirwa, kubera ko ingabirano ya gusa y’impwemu nyeranda yariko irasukwa no ku banyamahanga+. 46  Kuko babumva bavuga mu ndimi bongera bashimagiza Imana+. Maze Petero asubizayo ati: 47  “Hari uwobuza amazi ngo abo ntibabatizwe+ kandi baronse impwemu nyeranda nk’uko natwe nyene twayironse?” 48  Aca abategeka kubatizwa mw’izina rya Yezu Kristu+. Maze bamusaba kugumana na bo imisi mikeyi.

Amakuru yiyongereye

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.