Ivyakozwe 1:1-26

1  Inkuru ya mbere, ewe Tewofile+, nayitunganije ku bintu vyose Yezu yatanguye gukora no kwigisha+,  gushika ku musi yaduzwa+, inyuma y’aho amariye guha amabwirizwa intumwa yatoye, akayabaha biciye ku mpwemu nyeranda+.  Abo na bo nyene, biciye ku bimenyamenya vyinshi bifadika, yarabiyeretse ari muzima inyuma y’aho amariye kubabazwa+, abonwa na bo mu misi mirongo ine yongera avuga ivyerekeye ubwami bw’Imana+.  Igihe yari kumwe na bo, abaha aya mategeko, ati: “Ntimuve i Yeruzalemu+, ahubwo mugume murindiriye ico Data yasezeranye+, ico mwanyumvanye;  kubera ko mu vy’ukuri Yohani yabatirisha amazi, mugabo mwebwe mukazobatizwa mu mpwemu nyeranda+ mu misi mikeyi iri imbere.”  Igihe rero bari bakoraniye hamwe, batangura kumubaza bati: “Mukama, iki gihe ni ho ugira usubize ubwami+ Isirayeli?”  Ababwira ati: “Si ivyanyu kumenya ivy’ibihe canke ibiringo+ Data yashize mu bubasha bwiwe bwite+;  mugabo muzoronka ububasha+ impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona+ i Yeruzalemu+ n’i Yudaya hose n’i Samariya+, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi+.”  Amaze kuvuga ivyo, bakiriko bararaba, araduzwa+ hanyuma igicu kiramupfuka, ntibaba bakimubona+. 10  Bagihanze amaso mw’ijuru akiriko aragenda+, baja babona abagabo babiri bambaye impuzu zera+ bahagaze iruhande yabo, 11  bavuga bati: “Bagabo b’i Galilaya, kubera iki muhagaze muraba mw’ijuru? Uyo Yezu akuwe muri mwebwe akakirwa hejuru mw’ijuru, azoza ukwo nyene+, nk’uko mumubonye aja mw’ijuru.” 12  Maze basubira+ i Yeruzalemu bavuye ku musozi witwa umusozi w’Imyelayo, uri hafi y’i Yeruzalemu, hakaba hari nk’urugendo rwo ku musi w’isabato+. 13  Nuko binjiye, baduga mu cumba co hejuru+, aho bari bacumbitse, ari Petero hamwe na Yohani na Yakobo na Andereya, Filipo na Toma, Barutelemi na Matayo, Yakobo mwene Alufayo na Simoni umunyamwete, na Yuda mwene Yakobo+. 14  Abo bose bariko bakovya mu gusenga+ bahuje inama, bari kumwe n’abagore bamwe+, na Mariya nyina wa Yezu na bene wabo+. 15  Nuko muri iyo misi Petero arahaguruka hagati ya bene wabo, (nya sinzi ryose hamwe ryari rigizwe n’abantu nk’ijana na mirongo ibiri) avuga ati: 16  “Bagabo bene wacu, vyari bikenewe ko icanditswe kiranguka+, ico impwemu nyeranda+ yavuze imbere y’igihe biciye mu kanwa ka Dawidi ku vyerekeye Yuda+ umwe yabera indongozi abafashe Yezu+, 17  kubera ko yari yaharuwe muri twebwe+ kandi akaronka uruhara muri ubu busuku+. 18  (Uwo nyene rero, yaguze+ itongo impembo y’ibitagororotse+, hanyuma agwa atanguje umutwe+, aturikira hagati na hagati, amara yiwe yose arandara. 19  Vyaramenyekanye no ku baba i Yeruzalemu bose, ku buryo iryo tongo ryiswe mu rurimi rwabo ngo: Akeludama, ni ukuvuga Itongo ry’Amaraso.) 20  Kuko vyanditswe mu gitabu c’Amazaburi, ngo: ‘Uburaro bwiwe nibucike umusaka, kandi ntihagire uwububamwo+,’ kandi ngo: ‘Ibanga ryiwe ry’ubucungezi niritwarwe n’uwundi+.’ 21  Birakenewe rero yuko mu bagabo bamye bakoranira hamwe natwe mu gihe cose Umukama Yezu yashishikara ibikorwa vyiwe muri twebwe+, 22  kuva igihe yabatizwa na Yohani+ gushika ku musi yakirwa mw’ijuru avuye muri twebwe+, umwe muri abo bagabo acika icabona hamwe natwe c’izuka ryiwe+.” 23  Nuko bashikiriza babiri, Yozefu uwitwa Barusaba yatazirwa Yusito, na Matiyasi. 24  Maze barasenga bati: “Ewe Yehova, wewe uzi imitima ya bose+, erekana muri aba bantu babiri uwo watoye, 25  ngo afate ikibanza c’ubu busuku n’ibanga ry’ukuba intumwa+, ivyo Yuda yataye ngo yigire ahantu hiwe bwite.” 26  Nuko babagirako ubupfindo+, nya bupfindo bugwa kuri Matiyasi; araheza aharuranwa na za ntumwa cumi n’imwe+.

Utujambo tw'epfo