Ivyahishuwe 9:1-21
9 Umumarayika agira gatanu na we avuza urumbete rwiwe+. Nca mbona inyenyeri+ yari yakorotse ivuye mw’ijuru ikagwa kw’isi, kandi ahabwa urupfunguruzo+ rw’icobo c’inyenga+.
2 Araheza yugurura ca cobo c’inyenga, umwotsi+ uca uduga uvuye muri nya cobo nk’umwotsi w’itanure rinini+, izuba n’ikirere bica bicurishwa umwiza+ n’umwotsi wa nya cobo.
3 Muri nya mwotsi havamwo inzige+, ziza kw’isi; zihabwa ububasha, ububasha nk’ubw’utumina+ two kw’isi.
4 Zibwirwa kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw’isi canke ikintu gitoto na kimwe canke igiti na kimwe, kiretse gusa barya bantu badafise ikidodo c’Imana mu ruhanga rwabo+.
5 Maze za nzige zihabwa uruhusha, atari urwo kubica, ahubwo kugira ngo bano bababazwe+ amezi atanu, kandi ububabare batejwe bwari nk’ububabare buterwa n’akamina+ iyo gakomoye umuntu.
6 Kandi muri iyo misi abantu bazorondera urupfu+ mugabo ntibazogenda baruronse, kandi bazokwipfuza gupfa mugabo urupfu ruzoguma rubahunga.
7 Kandi nya nzige, uko zari zimeze, zasa n’amafarasi+ ateguriwe indwano; ku mitwe yazo hari ibimeze nk’ingori zisa n’inzahabu, mu maso hazo na ho hakamera nko mu maso h’abantu+,
8 mugabo zari zifise imishatsi nk’iy’abagore+. Amenyo yazo na yo yari nk’ay’intambwe+;
9 kandi zari zifise ibikingira igikiriza+ bimeze nk’ivy’icuma. Kandi umuhindo w’amababa yazo wari nk’umuhindo w’imikogote+ y’amafarasi menshi yiruka aja mu ntambara+.
10 Vyongeye, zifise imirizo n’imboyi nk’utumina+; kandi mu mirizo yazo ni ho hari ububasha bwazo bwo kubabaza abantu amezi atanu.
11 Zifise umwami azigaba, umumarayika w’inyenga+. Mu giheburayo izina ryiwe ni Abadoni, mugabo mu kigiriki ni Apoliyoni+.
12 Amagorwa amwe ararenganye. Ehe ayandi magorwa+ abiri agira aze inyuma y’ivyo.
13 Umumarayika agira gatandatu+ na we avuza urumbete rwiwe+. Maze numva ijwi+ rimwe rivuye mu mahembe ya ca gicaniro+ c’inzahabu kiri imbere y’Imana
14 ribwira nya mumarayika agira gatandatu yari afise urumbete, riti: “Bohora ba bamarayika bane+ babohewe+ kuri rwa ruzi runini Efurate+.”
15 Nya bamarayika bane barabohorwa, bakaba ari abateguwe ku bw’iyo saha n’umusi n’ukwezi n’umwaka, ngo bice ica gatatu c’abantu.
16 Igitigiri ca za ngabo z’abarwanira ku mafarasi na co cari ibihumbi mirongo ibiri vy’ibihumbi mirongo: narumvise igitigiri cazo.
17 Kandi uku ni ko nabonye nya mafarasi mw’iyerekwa, n’abayicayeko: bari bafise ibikingira igikiriza bitukura nk’umuriro, vy’ubururu nk’ubw’akabuye kitwa yasenti, n’umuhondo nk’uw’amazuku; kandi imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’intambwe+, mu minwa yayo na ho hakavamwo umuriro n’umwotsi n’amazuku+.
18 Ica gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago bitatu, kubera umuriro n’umwotsi be n’amazuku vyava mu minwa yayo.
19 Kuko ububasha bw’ayo mafarasi buri mu minwa yayo no mu mirizo yayo; kuko imirizo yayo imeze nk’inzoka+ ikagira n’imitwe, kandi ivyo ni vyo aryanisha.
20 Mugabo abantu basigaye batari bishwe n’ivyo vyago ntibigaya ibikorwa vy’amaboko yabo+, ngo ntibasenge amadayimoni*+ be n’ibigirwamana vy’inzahabu n’ifeza+ n’umujumpu n’amabuye n’ibiti, ibidashobora kubona canke ngo vyumve canke ngo bigendagende+;
21 kandi ntibigaye ubwicanyi+ bwabo canke ubupfumu+ bwabo canke ubusambanyi bwabo canke ubusuma bwabo.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.