Ivyahishuwe 8:1-13
8 Amatuye+ agashashara kagira indwi+, haba agacerere mw’ijuru nk’igice c’isaha.
2 Maze mbona ba bamarayika indwi+ bahagaze imbere y’Imana, hanyuma bahabwa inzumbete indwi.
3 Hanyuma uwundi mumarayika arashika ahagarara imbere y’igicaniro+, afise icotezo c’imibavu c’inzahabu; ahabwa imibavu+ myinshi kugira ngo ayishikane iri kumwe n’amasengesho y’aberanda bose ku gicaniro c’inzahabu cari imbere ya ya ntebe y’ubwami.
4 Maze umwotsi wa nya mibavu uraduga imbere y’Imana uvuye mu kuboko kwa wa mumarayika uri kumwe n’amasengesho+ y’aberanda.
5 Mugabo buno nyene nya mumarayika atora ca cotezo c’imibavu, acuzuza umuriro+ arahuye ku wo ku gicaniro hanyuma akiraririza kw’isi+. Haba imituragaro+ n’amajwi n’imiravyo+ be na nyamugigima+.
6 Maze ba bamarayika indwi bafise za nzumbete+ indwi+ bitegurira kuzivuza.
7 Uwa mbere avuza urumbete rwiwe. Haca haba urubura n’umuriro+ uvanze n’amaraso, hanyuma biraririzwa kw’isi; ica gatatu c’isi kiraturirwa+, n’ica gatatu c’ibiti kiraturirwa, n’ivyatsi bitoto+ vyose biraturirwa.
8 Umumarayika agira kabiri na we avuza urumbete rwiwe. Maze ikintu kimeze nk’umusozi+ munini waka umuriro kiraririzwa mu kiyaga+. Ica gatatu c’ikiyaga gica gihinduka amaraso+;
9 kandi ica gatatu c’ibiremwa biri mu kiyaga bifise ubuzima kirapfa+, n’ica gatatu c’amato kirasaba.
10 Umumarayika agira gatatu na we avuza urumbete rwiwe. Maze ikinyenyeri kinini caka nk’itara gikoroka kivuye mw’ijuru+, kigwa ku ca gatatu c’inzuzi no ku masôko y’amazi+.
11 Kandi izina ry’ico kinyenyeri ni Bamba. Ica gatatu ca nya mazi gica gihinduka ibamba, benshi mu bantu na bo bicwa n’ayo mazi, kuko yari yacitse umururazi+.
12 Umumarayika agira kane na we avuza urumbete rwiwe. Maze ica gatatu c’izuba kirakubitwa, n’ica gatatu c’ukwezi n’ica gatatu c’inyenyeri, kugira ngo ica gatatu cavyo gicure umwiza+, n’umurango ntugire umuco mu ca gatatu+ cawo, n’ijoro ukwo nyene.
13 Hanyuma ndabona, maze numva inkona+ iguruka hagati mu kirere+ ivuga n’ijwi rirenga iti: “Amagorwa, amagorwa, amagorwa+ ku baba kw’isi kubera ukuvuza inzumbete gusigaye kw’abamarayika batatu bagira bavuze inzumbete zabo+!”