Ivyahishuwe 7:1-17

7  Inyuma y’ivyo mbona abamarayika+ bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe bagumije ya miyaga ine+ y’isi, kugira ngo ntihagire umuyaga uhuhutira kw’isi canke ku kiyaga canke ku giti na kimwe+.  Mbona kandi uwundi mumarayika aduga ava i burasirazuba+, afise ikidodo c’Imana nzima+; asemerera n’ijwi rirenga abwira ba bamarayika bane bahawe kugirira nabi isi n’ikiyaga,  ati: “Ntihagire ico mugira isi canke ikiyaga canke ibiti, gushika tumaze kudoma ikidodo+ ku bashumba b’Imana yacu mu ruhanga rwabo+.”  Maze numva igitigiri c’abadomweko ikidodo: ibihumbi ijana na mirongo ine na bine+, badomweko ikidodo bo mu miryango yose+ ya bene Isirayeli+:  Mu muryango wa Yuda+, ni ibihumbi cumi na bibiri badomweko ikidodo; mu muryango wa Rubeni+, ibihumbi cumi na bibiri; mu muryango wa Gadi+, ibihumbi cumi na bibiri;  mu muryango wa Asheri+, ibihumbi cumi na bibiri; mu muryango wa Nafutali+, ibihumbi cumi na bibiri; mu muryango wa Manase+, ibihumbi cumi na bibiri;  mu muryango wa Simeyoni+, ibihumbi cumi na bibiri; mu muryango wa Lewi+, ibihumbi cumi na bibiri; mu muryango wa Isakari+, ibihumbi cumi na bibiri;  mu muryango wa Zebuloni+, ibihumbi cumi na bibiri; mu muryango wa Yozefu+, ibihumbi cumi na bibiri; mu muryango wa Benyamini+, ibihumbi cumi na bibiri badomweko ikidodo+.  Inyuma y’ivyo, ngize ntya mbona isinzi rinini+ ata wari ashoboye guharura, bo mu mahanga yose+ n’imiryango yose n’ibisata vyose+ n’indimi zose+, bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami+ n’imbere ya wa Mwagazi w’intama, bambaye amakanzu yera+; kandi mu minwe yabo hari amashami y’ibigazi+. 10  Kandi baguma basemerera n’ijwi rirenga, bati: “Ubukiriro tubukesha Imana yacu+ yicaye kuri irya ntebe y’ubwami+, be n’urya Mwagazi w’intama+.” 11  Kandi abamarayika bose+ bari bahagaze bakikuje ya ntebe y’ubwami na ba bakurambere+ na vya binyabuzima bine+, maze bubarara hasi imbere ya ya ntebe y’ubwami, basenga Imana+, 12  bavuga bati: “Amen! Umuhezagiro n’ubuninahazwa n’ubukerebutsi n’ugukenguruka n’iteka n’ububasha+ n’inkomezi bibe ivy’Imana yacu ibihe bitazoshira. Amen+.” 13  Maze umwe muri ba bakurambere+ aca ambwira ati: “Aba bambaye amakanzu yera+, ni bande kandi bavuye hehe?” 14  Buno nyene nca ndamubwira nti: “Mukama wanje, ni wewe ubizi.” Na we ambwira ati: “Aba ni abavuye muri ya makuba akomeye+, kandi bamesuye amakanzu yabo bayeza+ mu maraso+ ya wa Mwagazi w’intama. 15  Ni co gituma bari imbere+ y’intebe y’ubwami y’Imana; kandi bariko bayikorera igikorwa ceranda+ umurango n’ijoro mu rusengero rwayo; kandi Uwicaye kuri iyo ntebe y’ubwami+ azosanza ihema ryiwe+ hejuru yabo. 16  Ntibazokwongera gusonza canke kunyoterwa, eka n’izuba ntirizokwongera kubaturira canke hagire ubushuhe bubababura+, 17  kuko wa Mwagazi w’intama+ ari hagati ya ya ntebe y’ubwami azobaragira+, kandi azobarongora ku masôko y’amazi+ y’ubuzima. Kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo+.”

Utujambo tw'epfo