Ivyahishuwe 6:1-17

6  Hanyuma ndabona aho wa Mwagazi w’intama+ amaturiye kamwe muri twa dushashara indwi tudomweko ikidodo+, maze numva kimwe muri vya binyabuzima bine+ kivuga n’ijwi nk’iry’umuturagaro giti: “Ingo+!”  Hanyuma ngize ntya, mbona ifarasi yera+; kandi uwuyicayeko+ yari afise umuheto+; ahabwa urugori+, agenda atsinda+ no kugira ngo aheraheze intsinzi yiwe+.  Maze amatuye agashashara kagira kabiri, numva ikinyabuzima kigira kabiri+ kivuga giti: “Ingo!”  Maze haza iyindi, ifarasi y’ibara ry’umuriro; kandi uwuyicayeko ahabwa gukura amahoro kw’isi kugira ngo bicane; kandi ahabwa inkota nini+.  Maze amatuye+ agashashara kagira gatatu, numva ikinyabuzima kigira gatatu+ kivuga giti: “Ingo!” Hanyuma ngize ntya, mbona ifarasi yirabura; kandi uwuyicayeko yari afise umunzane+ mu minwe.  Maze numva ijwi nk’aho riri hagati+ ya vya binyabuzima bine+ rivuga riti: “Igemeri y’ingano kw’idenariyo*+, n’amagemeri atatu ya sayiri kw’idenariyo; kandi ntihagire ico ugira amavuta y’umwelayo n’umuvinyu+.”  Maze amatuye agashashara kagira kane, numva ijwi ry’ikinyabuzima kigira kane+ rivuga riti: “Ingo!”  Hanyuma ngize ntya, mbona ifarasi ibenjutse; izina ry’uwuyicayeko ryari Rupfu. Kandi Kuzimu+ yamukurikira agendera hafi yiwe. Bahabwa ububasha ku ca kane c’isi, ngo bicishe inkota+ ndende n’amapfa+ n’ikiza cica be n’ibikoko+ vyo kw’isi.  Maze amatuye agashashara kagira gatanu, mbona munsi y’igicaniro+ ubuzima+ bw’abishwe+ kubera ijambo ry’Imana no kubera igikorwa bahora bafise co gushinga intahe+. 10  Maze basemerera n’ijwi rirenga, bavuga bati: “Uzogeza ryari ga Mukama Segaba+ mweranda kandi w’ukuri+, kureka guca urubanza+ no guhora amaraso+ yacu ababa kw’isi?” 11  Maze umwe wese muri bo ahabwa ikanzu yera+; hanyuma babwirwa kuruhuka kandi gatoyi, gushika aho n’igitigiri c’abashumba bagenzi babo na bene wabo bagira bicwe nk’uko na bo nyene bari bishwe+, gikwizwa. 12  Maze ndabona aho amaturiye agashashara kagira gatandatu, maze haba nyamugigima ikomeye; izuba ririrabura nk’igunira*+ ry’ubwoya, ukwezi kwose na kwo guhinduka nk’amaraso+, 13  inyenyeri zo kw’ijuru na zo zikoragurikira kw’isi, nk’igihe igiti c’umusukoni kinyiganyijwe n’umuyaga ukomeye gitibagura insukoni z’ibiturumbwe. 14  Maze ijuru riragenda nk’umuzingo uriko urazingwa+, kandi umusozi wose n’izinga ryose bikurwa mu bibanza vyavyo+. 15  Maze abami b’isi n’abo ku rwego rwo hejuru n’abakomanda ba gisirikare n’abatunzi n’abakomeye n’umushumba wese n’umuntu wese yidegemvya binyegeza mu masenga no mu bitandara+ vyo mu misozi. 16  Kandi baguma babwira nya misozi na nya bitandara ngo: “Nimutugweko+ muduhishe amaso y’Umwe yicaye ku ntebe y’ubwami+ n’uburake bwa wa Mwagazi w’intama+, 17  kuko umusi uhambaye+ w’uburake+ bwabo uje, kandi ni nde ashobora guhagarara+?”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.