Ivyahishuwe 5:1-14
5 Kandi mbona mu kuboko kw’ukuryo kw’Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+ umuzingo wanditsweko imbere n’inyuma+, uhomeshejwe+ rwose udushashara indwi tudomweko ikidodo.
2 Maze mbona umumarayika w’inkomezi atangaza n’ijwi rirenga ati: “Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo no kumatura udushashara twawo?”
3 Mugabo haba mw’ijuru canke kw’isi canke munsi y’isi ntihagira n’umwe ashobora kuzingurura nya muzingo canke kuraba muri wo.
4 Nanje nca ndarira cane kuko hatabonetse n’umwe abereye kuzingurura nya muzingo canke kuraba muri wo+.
5 Mugabo umwe muri ba bakurambere ambwira ati: “Reka kurira. Ehe ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda+, wa muzi+ wa Dawidi+, yaratsinze+ kugira ngo azingurure uwo muzingo amature n’udushashara indwi twawo.”
6 Maze mbona hagati ya ya ntebe+ no hagati ya vya binyabuzima bine no hagati ya ba bakurambere+ hahagaze umwagazi w’intama+ nk’aho wari warishwe+, ufise amahembe indwi n’amaso indwi, ayo maso akaba agereranya za mpwemu+ indwi z’Imana zatumwe mw’isi yose.
7 Aca aragenda, buno nyene arawutora mu kuboko kw’ukuryo kw’Umwe yicaye kuri ya ntebe+.
8 Maze atoye nya muzingo, vya binyabuzima bine na ba bakurambere mirongo ibiri na bane+ bikubita hasi imbere ya wa Mwagazi w’intama, umwe wese muri bo afise inanga+ n’amabakure y’inzahabu yuzuye imibavu*+, nya mibavu ikaba igereranya amasengesho+ y’aberanda.
9 Kandi baririmba ururirimbo rushasha+, bati: “Urabereye gutora uwo muzingo no kumatura udushashara twawo, kuko wishwe, kandi ukoresheje amaraso+ yawe ukaba waguriye+ Imana+ abantu bo mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose,
10 kandi wabagize ubwami+ n’abaherezi+ ku Mana yacu+, kandi bazoganza isi+.”
11 Hanyuma ndabona, maze numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikuje ya ntebe na vya binyabuzima na ba bakurambere, kandi igitigiri cabo cari ibihumbi mirongo vy’ibihumbi mirongo+ n’ibihumbi vy’ibihumbi+,
12 bavuga n’ijwi rirenga bati: “Wa Mwagazi w’intama wishwe+ urabereye guhabwa ububasha n’ubutunzi n’ubukerebutsi n’inkomezi n’iteka n’ubuninahazwa n’umuhezagiro+.”
13 Maze ikiremwa cose kiri mw’ijuru no kw’isi no munsi y’isi+ no ku kiyaga, be n’ibintu vyose biri muri vyo, numva bivuga biti: “Umuhezagiro n’iteka+ n’ubuninahazwa+ n’ubushobozi bibe ivy’Uwicaye kuri irya ntebe y’ubwami+ n’ivy’urya Mwagazi w’intama+ ibihe bitazoshira.”
14 Hanyuma vya binyabuzima bine bivuga biti: “Amen!”, ba bakurambere+ baca bikubita hasi, barasenga+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke, “ububani.”