Ivyahishuwe 5:1-14

5  Kandi mbona mu kuboko kw’ukuryo kw’Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+ umuzingo wanditsweko imbere n’inyuma+, uhomeshejwe+ rwose udushashara indwi tudomweko ikidodo.  Maze mbona umumarayika w’inkomezi atangaza n’ijwi rirenga ati: “Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo no kumatura udushashara twawo?”  Mugabo haba mw’ijuru canke kw’isi canke munsi y’isi ntihagira n’umwe ashobora kuzingurura nya muzingo canke kuraba muri wo.  Nanje nca ndarira cane kuko hatabonetse n’umwe abereye kuzingurura nya muzingo canke kuraba muri wo+.  Mugabo umwe muri ba bakurambere ambwira ati: “Reka kurira. Ehe ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda+, wa muzi+ wa Dawidi+, yaratsinze+ kugira ngo azingurure uwo muzingo amature n’udushashara indwi twawo.”  Maze mbona hagati ya ya ntebe+ no hagati ya vya binyabuzima bine no hagati ya ba bakurambere+ hahagaze umwagazi w’intama+ nk’aho wari warishwe+, ufise amahembe indwi n’amaso indwi, ayo maso akaba agereranya za mpwemu+ indwi z’Imana zatumwe mw’isi yose.  Aca aragenda, buno nyene arawutora mu kuboko kw’ukuryo kw’Umwe yicaye kuri ya ntebe+.  Maze atoye nya muzingo, vya binyabuzima bine na ba bakurambere mirongo ibiri na bane+ bikubita hasi imbere ya wa Mwagazi w’intama, umwe wese muri bo afise inanga+ n’amabakure y’inzahabu yuzuye imibavu*+, nya mibavu ikaba igereranya amasengesho+ y’aberanda.  Kandi baririmba ururirimbo rushasha+, bati: “Urabereye gutora uwo muzingo no kumatura udushashara twawo, kuko wishwe, kandi ukoresheje amaraso+ yawe ukaba waguriye+ Imana+ abantu bo mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose, 10  kandi wabagize ubwami+ n’abaherezi+ ku Mana yacu+, kandi bazoganza isi+.” 11  Hanyuma ndabona, maze numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikuje ya ntebe na vya binyabuzima na ba bakurambere, kandi igitigiri cabo cari ibihumbi mirongo vy’ibihumbi mirongo+ n’ibihumbi vy’ibihumbi+, 12  bavuga n’ijwi rirenga bati: “Wa Mwagazi w’intama wishwe+ urabereye guhabwa ububasha n’ubutunzi n’ubukerebutsi n’inkomezi n’iteka n’ubuninahazwa n’umuhezagiro+.” 13  Maze ikiremwa cose kiri mw’ijuru no kw’isi no munsi y’isi+ no ku kiyaga, be n’ibintu vyose biri muri vyo, numva bivuga biti: “Umuhezagiro n’iteka+ n’ubuninahazwa+ n’ubushobozi bibe ivy’Uwicaye kuri irya ntebe y’ubwami+ n’ivy’urya Mwagazi w’intama+ ibihe bitazoshira.” 14  Hanyuma vya binyabuzima bine bivuga biti: “Amen!”, ba bakurambere+ baca bikubita hasi, barasenga+.

Utujambo tw'epfo

Canke, “ububani.”