Ivyahishuwe 4:1-11

 Inyuma y’ivyo, ngize ntya mbona umuryango wuguruye mw’ijuru, kandi ijwi rya mbere numvise ryari nk’iry’urumbete+, rivugana nanje, riti: “Duga hano+, nkwereke ibintu bitegerezwa kuba+.”  Hanyuma y’ivyo, buno nyene mba mu bubasha bw’impwemu: maze mbona intebe y’ubwami+ yari mu kibanza cayo mw’ijuru+, kandi hari uwari yicaye kuri nya ntebe+.  Kandi uwari yicaye, uravye ishusho yiwe+, yasa n’ibuye ryitwa yasipi+ be n’ibuye ry’agaciro ry’ibara ritukura, hirya no hino ya nya ntebe na ho hakaba umunywamazi+ usa n’ibuye ry’agaciro ryitwa emerode+. 4  Kandi hirya no hino ya nya ntebe hari intebe z’ubwami mirongo ibiri na zine, kandi kuri izo ntebe z’ubwami+ mbona hicaye abakurambere*+ mirongo ibiri na bane+ bambaye impuzu zo hejuru zera+, ku mitwe yabo na ho hakaba ingori z’inzahabu+.  Kandi kuri nya ntebe hava imiravyo+ n’amajwi n’imituragaro+; kandi hari amatara+ indwi y’umuriro yakira imbere ya nya ntebe, ayo akaba agereranya za mpwemu indwi+ z’Imana.  Kandi imbere ya nya ntebe hari ico womenga ni ikiyaga c’ikiyo+ kimeze nk’ibuye ry’agaciro ryitwa kirisitalo. Kandi hagati ya nya ntebe no hirya no hino yayo hari ibinyabuzima bine+ vyuzuyeko amaso imbere n’inyuma.  Ikinyabuzima ca mbere cari kimeze nk’intambwe+, ikinyabuzima ca kabiri na co nk’ikimasa+, ikinyabuzima ca gatatu+ na co cari gifise mu maso nk’ah’umuntu, ikinyabuzima ca kane+ na co kikaba kimeze nk’inkona+ iriko iraguruka.  Kandi ku vyerekeye ivyo binyabuzima bine+, kimwekimwe muri vyo uko bikurikirana gifise amababa atandatu+; hirya no hino be no munsi vyuzuyeko amaso+. Kandi nta karuhuko bigira ku murango no mw’ijoro kuko biguma bivuga biti: “Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova+ Imana, Mushoboravyose+, uwariho kandi ariho+ kandi ariko araza.”  Kandi igihe cose nya binyabuzima bihaye ubuninahazwa n’iteka n’ugukenguruka+ Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+, Umwe abaho ibihe bitazoshira+, 10  ba bakurambere mirongo ibiri na bane+ baca bikubita hasi imbere y’Umwe yicaye kuri ya ntebe bagasenga+ Umwe abaho ibihe bitazoshira, bagaterera ingori zabo imbere y’iyo ntebe, bakavuga bati: 11  “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa+ n’iteka+ n’ububasha+, kubera ko waremye vyose+, kandi kubera ukugomba kwawe+ vyarabayeho, biraremwa+.”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.