Ivyahishuwe 21:1-27

21  Maze mbona ijuru rishasha+ n’isi nshasha+; kuko ijuru rya kera+ n’isi ya kera+ vyari vyagiye, n’ikiyaga+ nticari kikiriho.  Mbona kandi ca gisagara ceranda+, Yeruzalemu Nshasha, kimanuka kiva mw’ijuru+ ku Mana, giteguwe nk’umugeni+ asharirijwe umugabo wiwe+.  Nca numva ijwi rirenga riva kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: “Ehe ihema+ ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana+ na bo, na bo bazoba ibisata vyayo+. Kandi Imana ubwayo izobana na bo+.  Kandi izohanagura amosozi yose+ ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho+, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho+. Ivya kera vyagiye+.”  Maze Uwicaye kuri ya ntebe y’ubwami+ avuga ati: “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha+.” Yongera avuga ati: “Andika, kuko aya majambo ari ayo kwizigirwa n’ay’ukuri.”  Araheza ambwira ati: “Birakozwe! Ndi Alufa na Omega, intango n’iherezo+. Uwo wese anyotewe nzomuha kw’isôko ry’amazi y’ubuzima ku buntu+.  Uwo wese atsinda azotorana ivyo bintu, kandi nzoba Imana yiwe+, na we azoba umwana wanje+.  Nayo abanyabwoba n’abatagira ukwizera+, n’abasesemye bagendera mu mucafu+ wabo, be n’abicanyi+ n’abasambanyi+, n’abagira ivy’ubupfumu n’abasenga ibigirwamana+ n’ababeshi+ bose, umugabane wabo uzoba muri ca kiyaga cakishwa umuriro+ n’amazuku+. Ico gisobanura urupfu rwa kabiri+.”  Maze haza umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise amabakure indwi yuzuye ivyago indwi vya nyuma+, avugana nanje ati: “Ingo hano, nkwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama+.” 10  Nuko arantwara mu bubasha bw’impwemu anjana ku musozi munini kandi muremure+, anyereka ca gisagara ceranda+ Yeruzalemu kimanuka kiva mw’ijuru ku Mana+ 11  gifise ubuninahazwa bw’Imana+. Uguca ibibatsi kwaco kwari kumeze nk’ibuye ry’agaciro kuruta ayandi yose, nk’ibuye rya yasipi rikayangana nk’ibuye ryitwa kirisitalo+. 12  Cari gifise uruhome+ runini rurerure kikagira n’amarembo cumi n’abiri, kuri nya marembo hakaba abamarayika cumi na babiri, kandi hari handitswe amazina ya ya miryango cumi n’ibiri ya bene Isirayeli+. 13  Mu buseruko hari amarembo atatu, mu buraruko amarembo atatu, mu bumanuko amarembo atatu, mu burengero na ho amarembo atatu+. 14  Uruhome rw’ico gisagara na rwo nyene rwari rufise amabuye y’umushinge+ cumi n’abiri, kandi kuri yo hari amazina cumi n’abiri ya za ntumwa cumi na zibiri+ za wa Mwagazi w’intama. 15  Uwariko avugana nanje yari afise irenga+ ry’inzahabu ry’ikigeresho, kugira ngo agere ico gisagara n’amarembo yaco n’uruhome rwaco+. 16  Kandi ico gisagara ni ikwadarato, kandi uburebure bwaco bungana n’ubwaguke bwaco. Maze agera ico gisagara+ akoresheje rya renga, atora sitadiyo ibihumbi cumi na bibiri; uburebure n’ubwaguke n’amahagarara vyaco birangana. 17  Agera n’uruhome rwaco, atora amatambwe* ijana na mirongo ine n’ane, nk’uko ingero y’umuntu iri, ikaba n’iy’umumarayika. 18  Kandi urwo ruhome rwari yasipi+, nya gisagara na co kikaba cari inzahabu itavanze nk’ikiyo kibona. 19  Imishinge+ y’uruhome rw’ico gisagara yari isharijwe n’ubwoko bwose bw’amabuye y’agaciro+: umushinge wa mbere wari yasipi+, uwa kabiri safiro+, uwa gatatu kalikedoni, uwa kane emerode+, 20  uwa gatanu saridonigisi, uwa gatandatu saridiyo, uw’indwi kirisolito+, uw’umunani berilo, uw’icenda topazi+, uw’icumi kirisopuraso, uw’icumi na rimwe yasenti, uw’icumi na kabiri ametisito+. 21  Vyongeye, ya marembo cumi n’abiri yari imaragarita cumi na zibiri; rimwe ryose muri ayo marembo ryari rigizwe n’imaragarita+ imwe. Inzira yagutse ya nya gisagara na yo yari inzahabu itavanze, nk’ikiyo kibonerana. 22  Kandi sinabonye urusengero muri co+, kuko Yehova+ Imana Mushoboravyose+ ari we rusengero+ rwaco, na wa Mwagazi w’intama nyene+. 23  Kandi ico gisagara ntigikeneye izuba canke ukwezi ngo vyakire kuri co, kuko ubuninahazwa bw’Imana bwakiboneshereza+, kandi itara ryaco yari wa Mwagazi w’intama+. 24  Kandi amahanga azogenda amurikiwe n’umuco waco+, kandi abami b’isi bazozana muri co ubuninahazwa bwabo+. 25  Kandi amarembo yaco ntazogenda yugawe ku murango+, kuko ata joro rizohaba+. 26  Kandi bazozana muri co ubuninahazwa n’iteka vy’amahanga+. 27  Mugabo ikintu cose kitari ceranda n’umuntu wese aguma akora ibintu bisesemye+ be n’ibinyoma+ ntazogenda acinjiyemwo+; abanditswe mu muzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama ni bo gusa bazocinjiramwo+.

Utujambo tw'epfo

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.