Ivyahishuwe 20:1-15

20  Hanyuma mbona umumarayika amanuka ava mw’ijuru afise urupfunguruzo rw’inyenga+ be n’ikinyororo kinini mu minwe.  Maze acakira ca gisato+, ya nzoka yo mu ntango+, ari we Mubesheranyi*+ na Shetani+, arakiboha kumara imyaka igihumbi.  Aca akiraririza mu nyenga+, arayugara, ayishirako ikimenyetso hejuru yaco, kugira nticongere kuzimiza amahanga gushika iyo myaka igihumbi iheze. Inyuma y’ivyo kibwirizwa kurekurwa igihe gitoyi+.  Hanyuma mbona intebe z’ubwami+, kandi hari abazicayeko, maze bahabwa ububasha bwo guca imanza+. Egome, mbona ubuzima bw’abicishijwe ishoka kubera intahe bashingiye Yezu no kubera ukuvuga ivyerekeye Imana, n’abatari basenze ca gikoko+ canke ishusho+ yaco kandi batari baronse ca kimenyetso ku ruhanga rwabo no ku kuboko kwabo+. Hanyuma baba bazima, baganza+ hamwe na Kristu imyaka igihumbi.  (Abapfuye+ basigaye ntibaba bazima gushika iyo myaka igihumbi iheze+.) Iryo ni ryo zuka rya mbere+.  Arahiriwe+ kandi ni mweranda+ uwo wese afise umugabane mw’izuka rya mbere; abo, urupfu rwa kabiri+ nta bubasha rubafiseko+, mugabo bazoba abaherezi+ b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganzanya na we iyo myaka igihumbi+.  Kandi iyo myaka igihumbi ikimara guhera, Shetani azorekurwa ave mw’ibohero ryiwe,  na we azosohoka aje kuzimiza ya mahanga ari mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi, kugira ngo ayakoranirize hamwe ku bw’intambara. Igitigiri cabo ni nk’umusenyi w’ikiyaga+.  Maze barasogeza ku bwaguke bw’isi, bakikuza ikambi y’aberanda+ na ca gisagara gikundwa+. Mugabo umuriro uramanuka uvuye mw’ijuru, urabarigata+. 10  Shetani+ umwe yahora abazimiza aca araririzwa muri ca kiyaga c’umuriro n’amazuku, ahari hamaze kuja ca gikoko+ na wa muhanuzi w’ikinyoma+; kandi bazobabazwa umurango n’ijoro ibihe bitazoshira. 11  Hanyuma mbona intebe y’ubwami yera nini n’uwuyicayeko+. Isi n’ijuru bihunga biva imbere yiwe+, kandi nta kibanza cabonetse ku bwavyo. 12  Mbona abapfuye, abahambaye n’abato+, bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami, maze imizingo irazingururwa. Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima+. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri+. 13  Maze ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo birekura abapfuye+ bo muri vyo, bacirwa imanza umwumwe nk’uko ibikorwa vyabo biri+. 14  Urupfu+ n’ukuzimu biraririzwa muri ca kiyaga c’umuriro. Ico kiyaga c’umuriro+ gisobanura urupfu rwa kabiri+. 15  Ikigeretseko, uwo wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabu c’ubuzima+ araririzwa muri ico kiyaga c’umuriro+.

Utujambo tw'epfo

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.