Ivyahishuwe 20:1-15
20 Hanyuma mbona umumarayika amanuka ava mw’ijuru afise urupfunguruzo rw’inyenga+ be n’ikinyororo kinini mu minwe.
2 Maze acakira ca gisato+, ya nzoka yo mu ntango+, ari we Mubesheranyi*+ na Shetani+, arakiboha kumara imyaka igihumbi.
3 Aca akiraririza mu nyenga+, arayugara, ayishirako ikimenyetso hejuru yaco, kugira nticongere kuzimiza amahanga gushika iyo myaka igihumbi iheze. Inyuma y’ivyo kibwirizwa kurekurwa igihe gitoyi+.
4 Hanyuma mbona intebe z’ubwami+, kandi hari abazicayeko, maze bahabwa ububasha bwo guca imanza+. Egome, mbona ubuzima bw’abicishijwe ishoka kubera intahe bashingiye Yezu no kubera ukuvuga ivyerekeye Imana, n’abatari basenze ca gikoko+ canke ishusho+ yaco kandi batari baronse ca kimenyetso ku ruhanga rwabo no ku kuboko kwabo+. Hanyuma baba bazima, baganza+ hamwe na Kristu imyaka igihumbi.
5 (Abapfuye+ basigaye ntibaba bazima gushika iyo myaka igihumbi iheze+.) Iryo ni ryo zuka rya mbere+.
6 Arahiriwe+ kandi ni mweranda+ uwo wese afise umugabane mw’izuka rya mbere; abo, urupfu rwa kabiri+ nta bubasha rubafiseko+, mugabo bazoba abaherezi+ b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganzanya na we iyo myaka igihumbi+.
7 Kandi iyo myaka igihumbi ikimara guhera, Shetani azorekurwa ave mw’ibohero ryiwe,
8 na we azosohoka aje kuzimiza ya mahanga ari mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi, kugira ngo ayakoranirize hamwe ku bw’intambara. Igitigiri cabo ni nk’umusenyi w’ikiyaga+.
9 Maze barasogeza ku bwaguke bw’isi, bakikuza ikambi y’aberanda+ na ca gisagara gikundwa+. Mugabo umuriro uramanuka uvuye mw’ijuru, urabarigata+.
10 Shetani+ umwe yahora abazimiza aca araririzwa muri ca kiyaga c’umuriro n’amazuku, ahari hamaze kuja ca gikoko+ na wa muhanuzi w’ikinyoma+; kandi bazobabazwa umurango n’ijoro ibihe bitazoshira.
11 Hanyuma mbona intebe y’ubwami yera nini n’uwuyicayeko+. Isi n’ijuru bihunga biva imbere yiwe+, kandi nta kibanza cabonetse ku bwavyo.
12 Mbona abapfuye, abahambaye n’abato+, bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami, maze imizingo irazingururwa. Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima+. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri+.
13 Maze ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo birekura abapfuye+ bo muri vyo, bacirwa imanza umwumwe nk’uko ibikorwa vyabo biri+.
14 Urupfu+ n’ukuzimu biraririzwa muri ca kiyaga c’umuriro. Ico kiyaga c’umuriro+ gisobanura urupfu rwa kabiri+.
15 Ikigeretseko, uwo wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabu c’ubuzima+ araririzwa muri ico kiyaga c’umuriro+.
Utujambo tw'epfo
^ Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.