Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ivyahishuwe 2:1-29

2  “Andikira umumarayika+ w’ishengero ry’i Efeso+ uti: Ibi ni vyo avuga umwe afashe za nyenyeri indwi+ mu kuboko kwiwe kw’ukuryo, umwe agendagenda hagati ya vya bitereko vy’amatara indwi vy’inzahabu+:  ‘Ndazi ibikorwa vyawe+, n’ukubira akuya kwawe n’ukwihangana kwawe, be n’uko udashobora kwihanganira abantu babi, be n’uko wagejeje+ abavuga ko ari intumwa+, mugabo atari zo, usanga ni ababeshi.  Urerekana kandi ukwihangana+, kandi wararindiyeko ku bw’izina ryanje+, ntiwarambirwa+.  Yamara rero, mfise iki kintu nkugaya: ni uko waretse urukundo wari ufise ubwa mbere+.  “‘Ibuka rero aho watemvye uva, maze wigaye+, ukore ibikorwa vya kera. Utabigize, ndaje kuri wewe+, kandi nzokura igitereko c’amatara+ cawe mu kibanza caco, kiretse wigaye.  Yamara rero urafise iki kintu: uranka+ ibikorwa vya wa muce wa Nikola+, ivyo na jewe nanka.  Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu+ ibwira amashengero: Uwutsinda+ nzomuha kurya ku giti c’ubuzima+ kiri mw’iparadizo y’Imana.’  “Andikira umumarayika+ w’ishengero ry’i Simuruna na we uti: Ibi ni vyo avuga umwe ‘wa Mbere n’uwa Nyuma+,’ uwapfuye akongera kuba muzima+:  ‘Ndazi amakuba yawe n’ubworo bwawe—mugabo uri umutunzi+—nkamenya n’ukurogota kw’abivuga ko ari Abayuda+ yamara atari bo, ahubwo ari isinagogi ya Shetani+. 10  Ntutinye ibigira bigushikire+. Ehe Shetani*+ azoguma ata mw’ibohero bamwe muri mwebwe kugira ngo mugezwe bimwe bishitse+, no kugira ngo mugire amakuba+ imisi cumi. Erekana ko uri umwizigirwa no gushika ku rupfu+, nanje nzoguha urugori rw’ubuzima+. 11  Uwuri n’ugutwi niyumve+ ico impwemu+ ibwira amashengero: Uwutsinda+, urupfu rwa kabiri+ nta co ruzogenda rumugize.’ 12  “Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo na we uti: Ibi ni vyo avuga umwe afise ya nkota ndende y’ubugi bubiri, ikarishe+: 13  ‘Ndazi aho uba, ni ukuvuga aho intebe y’ubwami ya Shetani iri; yamara ubandanya kugumya izina ryanje+, kandi ntiwihakanye ukwizera ufise muri jewe+ mbere no mu misi ya Antipa, icabona+ canje, umwizigirwa, uwiciwe+ iruhande yanyu, aho Shetani aba. 14  “‘Yamara rero, ndafise ibintu bikeyi nkugaya: ni uko iwawe ufise abagumya inyigisho ya Balamu+, umwe yigisha Balaki+ gushira igitsitaza imbere ya bene Isirayeli, ngo barye ivyashikaniwe ibigirwamana ngo bongere bakore ubusambanyi+. 15  Na wewe nyene urafise abagumya inyigisho ya wa muce wa Nikola+. 16  Niwigaye rero+. Utabigize, ndaje kuri wewe ningoga, kandi nzorwana+ na bo nkoresheje ya nkota ndende yo mu kanwa kanje+. 17  “‘Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero+: Uwutsinda+ nzomuha kuri manu*+ yanyegejwe, kandi nzomuha akabuye kera, kuri nya kabuye hakaba handitseko izina rishasha+ ata n’umwe arizi atari uwurironka+.’ 18  “Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Tiyatira+ na we uti: Ibi ni vyo Umwana+ w’Imana avuga, umwe afise amaso ameze nk’urubeya rw’umuriro+, ibirenge vyiwe na vyo bikaba bimeze nk’umujumpu uramuye+: 19  ‘Ndazi ibikorwa vyawe, n’urukundo+ rwawe, n’ukwizera kwawe, n’ubusuku bwawe, n’ukwihangana kwawe, be n’uko ibikorwa+ vyawe vyo hanyuma biruta ivyo hambere+. 20  “‘Yamara rero, mfise iki kintu nkugaya: ni uko urekerana urya mugore Yezebeli+ yiyita umuhanuzikazi, akigisha+ akongera akazimiza abashumba banje+ ngo bakore ubusambanyi+ bongere barye ivyashikaniwe ibigirwamana+. 21  Kandi naramuhaye umwanya wo kwigaya+, mugabo ntagomba kwigaya ubusambanyi+ bwiwe. 22  Ehe ngira ndamute ku buriri bw’umurwayi, n’abarengana ibigo na we ndabate mu makuba akomeye, kiretse bigaye ibikorwa vyiwe. 23  Kandi abana biwe nzobicisha ikiza cica, ku buryo amashengero yose azomenya yuko ndi umwe asesangura amafyigo n’imitima, kandi namwe nzobaha umwumwe ibihuye n’ibikorwa vyanyu+. 24  “‘Ariko rero, mbwira abasigaye bo muri mwebwe bari i Tiyatira, abo bose badafise iyo nyigisho, barya nyene batamenye “ibintu vyimbitse vya Shetani+,” nk’uko bavuga, nti: Nta wundi muzigo ndabikoreje+. 25  Kimwe gusa, mugumye ico mufise+ gushika nje. 26  Kandi uwutsinda akongera akisunga ibikorwa vyanje gushika kw’iherezo+ nzomuha ububasha ku mahanga+, 27  nk’uko nanje nabuhawe na Data, kandi azoragiza abantu inkoni y’icuma+ ku buryo bazomenagurwa nk’ivyombo vy’ibumba+, 28  kandi nzomuha inyenyeri y’agatondo+. 29  Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu+ ibwira amashengero+.’

Amakuru yiyongereye

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.