Ivyahishuwe 19:1-21
19 Inyuma y’ivyo numva ikimeze nk’ijwi rikomeye ry’isinzi rinini mw’ijuru+. Bavuga bati: “Shemeze Ya+! Ubukiriro+ n’ubuninahazwa n’ububasha ni ivy’Imana yacu+,
2 kuko imanza zayo ari iz’ukuri n’izigororotse+. Kuko yashikije urubanza kuri wa mumaraya akomeye yononesheje isi ubusambanyi bwiwe, kandi yahoye amaraso y’abashumba bayo yavishije n’ukuboko kwiwe+.”
3 Maze buno nyene bavuga irigira kabiri bati: “Shemeze Ya+! Kandi umwotsi uva kuri we ubandanya kuduga ibihe bitazoshira+.”
4 Maze ba bakurambere mirongo ibiri na bane+ na vya binyabuzima bine+ bikubita hasi, basenga Imana yicaye+ kuri ya ntebe y’ubwami, bavuga bati: “Amen! Shemeze Ya+!”
5 Vyongeye, ijwi riva kuri ya ntebe y’ubwami rivuga riti: “Nimushemeze Imana yacu, mwebwe mwese abashumba bayo+ bayitinya, abato n’abahambaye+.”
6 Maze numva ikimeze nk’ijwi ry’isinzi rinini, kimeze kandi nk’ijwi ry’amazi menshi, kimeze kandi nk’ijwi ry’imituragaro yasana. Bavuga bati: “Shemeze Ya+, kuko Yehova Imana yacu, Mushoboravyose+, atanguye kuganza+.
7 Tunezerwe kandi dusesekare umunezero, kandi tumuhe ubuninahazwa+, kuko ubugeni+ bwa wa Mwagazi w’intama bushitse+, kandi n’umugore wiwe yiteguye+.
8 Egome, ahawe kwambara impuzu y’ilino nziza, yakaka, isukuye, kuko nya mpuzu y’ilino nziza igereranya ibikorwa bigororotse vy’aberanda+.”
9 Kandi ambwira ati: “Andika: Hahiriwe abatumiwe+ ku mfungurwa zo ku mugoroba z’ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama+.” Vyongeye, ambwira ati: “Ayo ni yo majambo y’ukuri y’Imana+.”
10 Nca nikubita imbere y’ibirenge vyiwe ngo ndamusenge+. Mugabo ambwira ati: “Uragaba! Ntugire ivyo+! Nta kindi ndi atari umushumba mugenzawe n’uwa bene wanyu bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu+. Senga Imana+; kuko ugushingira intahe Yezu ari yo ntumbero y’ubuhanuzi+.”
11 Hanyuma mbona ijuru ryuguruye, maze mbona ifarasi yera+. Kandi uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa+ na Munyakuri+, kandi aca imanza akongera akarwana intambara mu bugororotsi+.
12 Amaso yiwe ni urubeya rw’umuriro+, kandi ku mutwe wiwe hari imigāra myinshi+. Afise izina+ ryanditswe ata n’umwe arizi atari we ubwiwe,
13 kandi yambaye impuzu yo hejuru imijagiyeko amaraso+, kandi izina yitwa ni Jambo+ w’Imana.
14 Vyongeye, ingabo zari mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, kandi zari zambaye impuzu z’ilino nziza, zera, zisukuye.
15 Kandi mu kanwa kiwe hasokoroka inkota ndende ikarishe+, kugira ngo ayikubite amahanga, kandi azoyaragiza inkoni y’icuma+. Aganisha ibirenge kandi muri rwa ruganiro rw’umuvinyu+ rw’ishavu ry’uburake bw’Imana+ Mushoboravyose.
16 Kandi ku mpuzu yiwe yo hejuru, mbere kw’itako ryiwe, afise izina ryanditswe, ngo: Umwami w’abami n’Umukama w’abakama+.
17 Mbona kandi umumarayika ahagaze mu zuba, asemerera n’ijwi rirenga, abwira inyoni+ zose ziguruka hagati mu kirere ati: “Nimuze hano, mukoranire hamwe ku mfungurwa nyinshi zo ku mugoroba z’Imana,
18 kugira ngo murye inyama+ z’abami n’inyama z’abakomanda ba gisirikare n’inyama z’abantu b’inkomezi+ n’inyama z’amafarasi+ n’iz’abayicayeko, n’inyama za bose, iz’abidegemvya n’iz’abashumba n’iz’abato n’abahambaye.”
19 Maze mbona ca gikoko+ n’abami+ b’isi n’ingabo zabo bikoraniye hamwe kurwana+ n’umwe yicaye kuri ya farasi+ hamwe n’ingabo ziwe.
20 Maze ca gikoko+ kirafatwa, gifatanwa na wa muhanuzi w’ikinyoma+ yakorera imbere yaco ibimenyetso+ yazimirisha abaronse ikimenyetso+ ca ca gikoko be n’abasenga ishusho+ yaco. Bikiri bizima, vyompi biraririzwa mu kiyaga c’umuriro cakishwa amazuku+.
21 Mugabo abasigaye bamarwa na ya nkota ndende y’umwe yicaye kw’ifarasi+, iyo nkota ikaba yavuye mu kanwa kiwe+. Maze inyoni+ zose zihazwa+ n’inyama zabo+.